Abode Tidings

Uwo nzosanga mu biro ni je nzomwikurirayo’ – Prezida Ndayishimiye atanguza ibikorwa vy’isuku.

Isuku iracyenewe cyane
Bamwe mu bakozi bariko barasukura ibibanza bakoreramwo mu gisagara ca Bujumbura

Kuri uyu wa mbere, mu bushikiranganji no mu bisata bitandukanye vya reta mu gisagara ca Bujumbura nta mirimo yaranguwe nk’uko vyahora.

Abakozi bose uhereye ku babarongoye bazindukiye mu bikorwa vyo gusukura inyubakwa bakoreramwo n’imicungararo yazo.

Kuva isaha imwe y’igitondo, mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu havuga imikubuzo, ibipawa biyora imicafu, amasuka aharura n’ivyuma bikata amashurwe n’amashami y’ibiti.

Umushikiranganji Lyduina Baradahana ubwiwe yari yafashe iya mbere. Mw’ipantaro yirabura, agapira gatukura, ibirato vya “souplesses”, n’agafukamunwa kamukingira ivumbi, akuya kari kamurenze ariko arakubura, co kimwe n’abandi bakozi.

Ubu bushikiranganji buri mu bwo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagendeye mu mpera z’indwi iheze igihe yariko asuzuma ingene ibijanye n’isuku vyifashe mu bisata vya reta.

Ndayishimiye yaraneguye ingene ibintu vyari vyifashe maze aca ategeka ko kuri uyu wa mbere ata mukozi n’umwe wa reta arekuriwe kwinjira mu biro atabanje gusukura aho akorera.

Yagize ati : “Ndabakuye mu biro bose. Iyi ndwi itangura ni indwi y’isuku. Uwo nzosanga mu biro ni je nzomwikurirayo.

“Nibabanze bakubure. Nitwaheza kugira isuku duheze duce tuja ku bindi bikorwa”.

Umukuru w’igihugu abona ko ingwara ya Cholera ikunda gutera mu gihugu iterwa n’isuku rike rirangwa aho abantu bakorera.

Author Profile

Admin
Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings

About The Author

Website |  + posts

Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings

Leave a Comment

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Scroll to Top