
Reta y’Uburundi ibandanya gutera ubwoba, gukubagura no gupfungira abantu ubusa’ – Amnesty International Ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, Amnesty International ryagiriza prezida Evariste Ndayishimiye ko inyuma y’imyaka ine amaze ku butegetsi yagumye aburabuza abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru.
Mu cegeranyo iryo shirahamwe ryasohoye ryise ‘Uburundi: Imvungo itandukanye n’ingiro; ituratuzwa ry’amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike rirabandanya ku ntwaro ya Evariste Ndayishimiye’, cerekana mw’ido n’ido ingene abari mu mashirahamwe ata ho yegamiye mu Burundi baburabujwe muri iyi myaka ine iheze.
Iryo shirahamwe rigira riti:”Mu myaka ine Prezida Evariste Ndayishimiye amaze ku butegetsi, abaharanira agateka ka zina muntu, abamenyeshamakuru n’abatavuga rumwe na we muri politike babandanya guterwa ubwoba, gukubagurwa, guhagarikwa no gupfungwa hadakurikijwe amategeko no gucibwa imanza z’akarenganyo.”
Kiranerekana n’ingene ibintu vyosubira mu buryo imbere, mu gihe n’inyuma y’amatora y’abashingamateka yimirije kuba mu 2025. Uwurongoye akarere k’ubuseruko n’ubumanuko bwa Afrika muri Amnesty International, Tigere Chagutah agira ati:”Ituratuzwa ry’amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike ribandanya ryaburijemwo icizere c’impinduka zigaragara za reta kuri ayo mashirahamwe mu kuyugururira urubuga rwo kuganiriramwo ibibazo nkoramutima bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi,”
Amnesty International ivuga ko, inyuma y’aho ashikiye ku butegetsi, prezida Ndayishimiye yerekanye ibimenyetso vyo gutezurira amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike n’ibimenyeshamakuru; abaharanira agateka ka zina muntu 2 n’abamenyeshamakuru 4 bari bapfunzwe bazira akazi kabo bose bararekurwa mu mwaka wa mbere ashitse ku butegetsi.
Author Profile
- Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings
Latest entries
BlogMarch 12, 2026Bidasubirwaho itegeko rigenga umuhanda mu Rwanda ryavuguruwe, Utwaye yanyoye ibisindisha azafungwa amezi atatu: Ibihano bikarishye ku batubahiriza amategeko y’umuhanda
BlogFebruary 18, 2026Intambwe nke zoroheje wakurikiza kugira ngo urusheho kugirana n’abandi imishyikirano myiza, zishobora gutuma nawe uba inshuti wifuza ko nawe wagira.
BlogFebruary 11, 2026Umuyobozi Mukuru wa NIDA, Mukesha Josephine, na we yifotoreje i Kigali, I Kigali bizakorwa mu byumweru birindwi: Imiterere ya gahunda yo gufotora abashaka Indangamuntu koranabuhanga
BlogNovember 16, 2024Dr Gaspard Ntahonkiriye yibanda ku ndirimbo gakondo z’umuco w’Ikirundi, igicurangisho yifashisha akaba ari inanga ndetse n’ikinanda (armonica).
Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings
About The Author
Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings