Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bari baje gushigikira Onana. Charles Onana yasabiwe ibihano vy’akarorero

Sentare mpanavyaha y’i Paris yaraye isozereye urubanza rwa Charles Onana umunya-Cameroun afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa yagirizwa ivyaha vy’uguhakana jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994.

Uwo mugabo w’imyaka 50 yagirizanywa icaha kimwe na Damien Sirieix nyene inzu « l’Artilleur » yamufashije gusohora igitabo ciwe La vérité sur l’opération turquoise, quand les archives parlent arico catumye amashirahamwe indwi arwanya jenoside amushingishiriza urubanza.

Muri ico gitabo c’impapuro zirenga 650, ahantu 19 muri ico gitabo niho abamwitariye bisunze kuko bemeza ko harimwo amajambo yeruye ahakana jenoside yakorewe Abatusi mu Rwanda, ahandi naho akayigabaniriza uburemere.

Uwa mbere yumvirijwe ni umunyamategeko Rethy Hamuli. Ni umugabo w’imyaka irenga 60 afise ubwenegihugu bwa Republika ya Demokarasi ya Congo n’Ubufaransa.

Hamuli yahoze ari umwunganizi w’abagirizwa jenoside imyaka irenga 6 muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha yashiriweho Urwanda TPIR, yumvirijwe nk’icabona ca Charles Onana

Hakurikiye Marcel Kabanda, arongoye ishirahamwe ry’abacikacumu Ibuka ishami ryo mu Bufaransa, Ibuka France

Kabanda w’imyaka 68 mw’ijwi rishimitse ririmwo ibigumbagumba (émotion) yabwiye sentare ko jenoside yakorewe Abatutsi yateguwe irashirwa mu ngiro, na cane cane mu gukwiragiza imvugo zibiba urwanko.

Kabanda yagarutse ku mabwirizwa cumi y’Abahutu yasohotse mu kinyamakuru Kangura. Yagarutse kandi kuri mwe mu majambo yakoreshwa n’ibindi binyamakuru nka Radio-Television Libre des Mille Collines, RTLM.

Imvugo Kabanda yise iyakangurira Abahutu guhonya Abatutsi no kubafata nk’abansi na cane cane ku ma bariyeri yari acunzwe n’Interahamwe.

Kabanda aba mu Bufaransa guhera mu myaka ya 80 yavuze ko icamurokoye ari uko atari mu Rwanda ariko abiwe bariyo n’ibindi bihumbi vy’Abatutsi avuga ko bataronse ayo mahirwe.

‘Yavuze ukuri abandi bakorako bagasha’-abunganira Onana

Hakurikiye umushikirizamanza yasavye sentare guha igihano c’akarorero Charles Onana na Damien Sirieix yamufashije gusohora igitabo yise ko kirimwo uburozi bwo guhakana jenoside.

Naho atashimye gutomora igihano abasabiye, yabwiye sentare ko bakwiye igihano co hejuru kingana n’uburemere bw’icaha bakoze kuko jenoside ari icaha gisumba ibindi vyose.

Hasozereye abunganira abaregwa Charles Onana na Damien Sirieix yamufashije gusohora igitabo.

Mu masaha arenga 2 uko ari babiri basavye sentare kureka abanditsi n’abashakashatsi bakisanzura aho bemeje ko Onana uretse ko ivyo yanditse yabikuye ku nyandiko zanditswe ku Rwanda, ico ahorwa ari uko yavuze ukuri abandi bakorako bagasha. Nawe Damien Sirieix yamufashije kugisohora, basavye ko yokwezwa kuko ngo yakoze akazi kiwe.

Inyuma yo kwumviriza impande zose, hafi y’isaha zitatu z’ijoro sentare yasozereye imburano, ishira urubanza mu mwiherero. Ibizovamwo bizotangazwa itariki 09 z’ukwezi kwa Kigarama (kwa cumi na kabiri) 2024.

1 thought on “Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bari baje gushigikira Onana. Charles Onana yasabiwe ibihano vy’akarorero”

Leave a Comment

Scroll to Top