
Imvura y’isegenya mu bugaragwa bwa Sahara, imyuzure itari bwabe mu myaka 50 Imvura y’isegenya y’iminsi ibiri yatumye haba umwuzure w’imbonekarimwe gushika aho irenza iyisanzwe igwa mu mwaka wose muri Maroc, isiga amasanamu aboneka gake cane mu bugaragwa bwa Sahara.
Ubwo bugaragwa bwa Sahara, buri ku bihugu 12 muri Afrika y’uburaruko, yo hagati n’iyo mu burengero, ni bwo bugaragwa bushushe bwa mbere bunini kw’isi.
”Hari haheze imyaka iri hagati ya 30 na 50 ata mvura nyinshi nk’iyi iguye mu mwanya muto nk’uwo”, nk’uko Houssine Youabeb, wo mu kigo ca Maroc kijejwe ibihe yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru .
Iyo mvura y’isengenya yaguye mu bugaragwa bwa Sahara ishobora gutuma hari ibihinduka mu bihe vy’ako karere mu mezi ari imbere. Iyo mvura y’isegenya yatumye hasigara ibiyaga mu bugaragwa bwa Sahara.
Ubumanuko bushira ubuseruko bwa Maroc ni kamwe mu turere tugadutse cane kw’isi kandi imvura igwa gake cane mu mpera z’ici.
I Tagounite, igisagara kiri ku 450km mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Rabat, haguye imvura irenga 100ml (milimetero) mu masaha 24.
Abategekanya ibihe bavuga ko iyo mvura idasanzwe ari igihuhusi co haruguru no hepfo y’akarere k’imvura n’ubushuhe ( tempête extratropicale). Iyo mu kirere hari akabombera kenshi, bituma umuyagirizo wiyongera nawo ugatuma hongerekana ibihuhusi, nk’uko bisigurwa n’ikigo ca Maroc kijejwe ibihe.
Author Profile
- Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings
Latest entries
BlogMarch 12, 2026Bidasubirwaho itegeko rigenga umuhanda mu Rwanda ryavuguruwe, Utwaye yanyoye ibisindisha azafungwa amezi atatu: Ibihano bikarishye ku batubahiriza amategeko y’umuhanda
BlogFebruary 18, 2026Intambwe nke zoroheje wakurikiza kugira ngo urusheho kugirana n’abandi imishyikirano myiza, zishobora gutuma nawe uba inshuti wifuza ko nawe wagira.
BlogFebruary 11, 2026Umuyobozi Mukuru wa NIDA, Mukesha Josephine, na we yifotoreje i Kigali, I Kigali bizakorwa mu byumweru birindwi: Imiterere ya gahunda yo gufotora abashaka Indangamuntu koranabuhanga
BlogNovember 16, 2024Dr Gaspard Ntahonkiriye yibanda ku ndirimbo gakondo z’umuco w’Ikirundi, igicurangisho yifashisha akaba ari inanga ndetse n’ikinanda (armonica).
Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings
About The Author
Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings