Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko inyuma y’imyaka ine ari ku butegetsi ubu uravye ku rugero uburimyi n’ubworozi bigezeko “urabona ko umunwa wose ufise ico ufungura” kandi k“umufuko wose uriko urabomboka”.

Inyuma y’imyaka 4 ku butegetsi Ndayishimiye ati: ‘umunwa wose ufise ico ufungura umufuko wose uriko urabomboka’ Prezida Ndayishimiye arakunze kuboneka mu bikorwa vyo guteza imbere umwimbu uva mu burimyi, Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko inyuma y’imyaka ine ari ku butegetsi ubu uravye ku rugero uburimyi n’ubworozi bigezeko “urabona ko umunwa wose ufise ico ufungura” kandi k“umufuko wose uriko urabomboka”.

Ayo majambo yayasubiramwo kenshi avuga intumbero ziwe ubwo yatangura ikivi igenekerezo 18 Ruheshi 2020 nk’umukuru w’igihugu kubera ko “twari tuzi neza ako hakora mu nda”, nk’uko yabivuze mw’ijambo ryiwe mw’ijoro ryo ku wa gatatu.

Iryo jambo ryari ryitezwe ku munsi w’isabukuru ku wa kabiri nta nsiguro zizwi z’igituma ryasivye rigashikirizwa bukeye.

Naho avuga uko, Abarundi batari bake mu gihugu no hanze yaco bidogera ko Uburundi buhanzwe n’ingorane z’imibereho kubera kuduga gukomeye kw’ibiciro vy’ibiribwa, ikena ry’igitoro, no kubura kw’ibindi vyinshi vya nkenerwa mu buzima bwa minsi yose nk’isukari, n’ibinyobwa vy’ihinguriro rya mbere rikomeye mu gihugu, Brarudi.

Mu ijambo ryaciye ku mboneshakure y’igihugu, Ndayishimiye yavuze ko “uno munsi ushitse igihugu cose kirangwamwo amahoro n’umutekano” ibitumye Abarundi “babandanya ibikorwa vy’iterambere”, ivyo kandi ngo biramutera “intege n’icizere ko imigambi twiyemeje igihe twatangura amabanga yo kurongora igihugu tuzoyishitsa”

Ndayishimiye yarahiriye ikiringo ciwe ca mbere igenekerezo 18 Ruheshi 2020

Prezida Ndayishimiye avuga ko ico Uburundi bubuze uyu munsi atari icimburwa mu gihugu, kandi ko Abarundi batabuze amafaranga.

Ati: “Uno munsi nshimishwa ko no mu majambo numva y’imyidogo bavuga bati ‘turabuze iki’ mugabo ntibavuga ngo ‘turabuze amahera yo kukigura’, kandi n’ico bavuga ko babuze si icimburwa c’Uburundi, ni icimburwa mvamakungu.”

Aha yakomoza ku bitoro vyabaye akayoberabahinga mu myaka ibiri iheze mu Burundi, iki carahungabanije ubutunzi mu bisata nka vyose mu gihugu. Mu ndwi iheze bamwe mu bashingamateka barabwiye umushikiranganji w’ikigega ca reta ko ibintu vyifashe nabi cane mu gihugu.

Mu ijambo ryiwe, Evariste Ndayishimiye ntiyavuze mu buryo butomoye imigambi igihugu gifise yo gutorera inyishu ico kibazo c’ibitoro, kiretse kuvuga ngo bagomba kongereza umwimbu w’amahera mvamakungu.

Yagize ati: “Nivyo turumva imyidodombo hirya no hino, mugabo ikinezereza kurusha ni uko dusangiye umubabaro, ico ciza turondera na jewe ndakibuze nagishaka. Igihambaye ni uko twese atawe twokwagiriza ko ari we atubujije kugishikira.”

Ndayishimiye yavuze ko kubera “imyaka n’imyaka” Uburundi bwamaze mu bibazo vy’ubukene “uno munsi Umurundi wese ashakira vyose rimwe” ivyo bigatuma uwubifatiye hejuru yovuga ko Abarundi ari intashima”.

Avuga ko kuva mu 2020 batanguriye ku biruta ibindi “kuko imigere ibiri idatereka”. Muri ivyo yavuzemwo gutsimbataza ubutegetsi bw’igihugu ngo buhagararire amahoro n’umutekano, no gukingira itunga ry’igihugu n’iterambere.

Ati: “Amahoro n’umutekano vyagiye imbere, bituma abarundi bagira umwizero wa kazoza… Kubera uwo mwizero nyene Abarundi isinzi barahungutse, abandi bahitamwo guta karangamuntu y’impunzi bisabira kuba abakozi bo muri ivyo bihugu baranguriramwo imirimo.

“Ivyo vyose ntivyari gushoboka iyo tutihatira kugira imigenderanire myiza n’amakungu, uno munsi umurundi aho ageze hose ntagenda ararangaguzwa nk’uko umenga bamuraba ribi, baratemberera ayandi mahanga, abanyamahanga nabo bakaza mu Burundi kandi bumva ko batekanye.”

Imyidogo ni myinshi cane cane mu bisagara kubera ingorane zitandukanye zibonekeza na cane mu kwiyunguruza kw’abantu

Yongerako ati: “Tunezerejwe n’uko turavye Abarundi ku maso, tubona ko bafise ubuzima, ubu Abarundi batari bake bariko barubaka utuzu twiza, barambaye uduhuzu dusesuka, barafungura uko bavyifuza.


Scroll to Top