Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Abarundi, Abanyarwanda n’Abakongomani baba mu Bubirigi barashogoye guhuwa n’intambo ndangakaranga z’ibihugu vyabo

Ntivyoroshe guhuza Abakongomani, Abanyarwanda n’Abarundi’ mu Bubirigi, ariko imvyino zabishoboye

Jewe ndazi ko hariya iwacu bokurikiza ivyo mbonye ngaha, nta ntambara yosubira kuko, kuko nimba hari abatarabana ryiza ni Abarundi, Abakongomani, n’Abanyarwanda baba mu Bubiligi: iki ni ikimenyetso ko amahoro arama ashoboka iwacu”.

Bivugwa na Muserebanyi Cyprien, umuganga w’Umurundi akorera mu Bubiligi, inyuma yo kwitabira igiteramo c’umuziki, intambo n’imvyino kama vy’Abarundi, Abanyarwanda n’Abakongomani baba mu Bubirigi, igikorwa catangujwe n’ishirahamwe Ubuntu International.

Agira ati: “Jewe ni ukuri sinari nzi ko nzopfa mbonye ko Abakongomani, Abanyarwanda n’Abarundi boja hamwe bakayaga ingorane zibahanze n’ibibazo bibatandukanya, ariko Ubuntu International yarabitweretse.

“Jewe naje nk’uwufyinata nsanga Abakongomani, Abanyarwanda hamwe n’Abarundi bafatanye amaboko, Abahutu, Abatutsi n’abava mu yandi moko ya Congo.

Muserebanyi Cyprien ni umuganga w’Umurundi akorera mu Bubirigi, na we aritabira ibi biteramo vyama biba buri ku ndwi

Baratamba inkungugu igatuma, mu nyuma bakaja hamwe bakayaga ku vyokorwa kugira ngo haboneke umuti w’indyane zirangwa mu karere kacu, barashoboye aho abategetsi bacu bananiwe”.

Ishirahamwe Ubuntu international – rigizwe n’Abarundi, Abanyarwanda, n’Abacongomani- ryatangujwe rifise intego yo guhuza, biciye mu karanga kabo, abamuka mu karere k’ibiyaga binini karangwamwo indyane, mu ntumbero yo gufasha mu kugarukana umwizero n’amahoro mu karere.

Aba Barundi, Abanyarwanda n’Abakongomani bahurikiye mw’ishirahamwe Ubuntu International bama bahura ku wa gatandatu wa buri ndwi mu giteramo cugururiwe bose, bagatambira hamwe bakanavyinira hamwe imvyino ndangakaranga z’ibihugu vyabo.

Aho bakunze guteramira mu gisagara ca Ottignies-Louvain-la-Neuve kiri hagati na hagati mu Bubirigi, biranagoye gutandukanya ubwenegihugu bw’umwe umwe.

Iyo hageze umudiho wa Rumba wa Republika ya Demokarasi ya Congo (RD Congo), bose batambira mu kivunga, hagera imvyino z’ikirundi n’ikinyarwanda bikagenda uko nyene. Ntawuba azi uwundi kandi bose ntawuba asangiye ubwenegihugu n’uwundi.

Abitabira ivyo biteramo barashima ko vyatumye bashira hamwe

Abitabira ivyo biteramo barashima ko vyatumye banywana, bibagira ibibatandukanya, bakayaga ku bibazo biri mu karere bamukamwo n’umuti bobitorera.

Ndushabandi Eric, ni Umunyarwanda yigisha ivyigwa vya politike ku makamuninuza mu Bubirigi, nawe nyene yitabira ivyo biteramo. Ku bwiwe, uno mugambi ni umuti nyawo ku bibazo biri mu karere.

Ati: “Harya ubiravye, umuziki, gutamba no kuvyina bifise inguvu zirengeye ibihugu, kuko bituma abinubana baja hamwe bagatamba, bakibagira ibibatandukanya.

“Ngaha dutambira hamwe tukamenyana, tugasangira. Kubera twatambiye hamwe duca tuyaga ata kurya umunwa, umwe wese akavuga akamubakiye hanyuma tukaronderera hamwe umuti

Ndushabandi Eric, umuziki, gutamba no kuvyina bifise inguvu zirengeye ibihugu

Ndushabandi avuga ko iki gikorwa catumye havaho ukwinubana, hakomera urukundo kubera intambo n’imvyino, vyatumye banywana bahujwe n’ibikorwa vy’akaranga.

Ati: “Rero mu gihe abategetsi hariya iwacu boza bakaturabirako, intambara zohera, eka mbere n’abanyagihugu bobona ko ataco bapfa. Naho ibiganiro bicumbagira, mu gihe boza bakaraba ingene dushize hamwe n’ingene tuganira, ntacobuza ko tunywana tugasezera intambara.

Christian Chiza ni Umunyekongo yamuka muri Kivu y’Epfo, avuga ko ivyo Ubuntu International yashitseko mu guhuza abamuka mu karere k’ibiyaga binini hakoreshejwe imvyino n’intambo arı imbonekarimwe.

Leave a Comment

Scroll to Top