
Uko umunyeshure yafashije mu kwerekana ‘amanyanga’ mu gukotesha ikibuga c’indege muri Kenya
Umunyeshure w’umunya-Kenya yiga ivya business Nelson Amenya ubu afatwa nk’intwari n’abaharanira ko ibintu birushiriza gukorerwa mu muco mu masezerano reta y’igihugu ciwe igirana n’ibigo vy’abikorera utwabo.
Kahise ka vuba ka Kenya kuzuye inkuru z’amasezerano (contrats) nini zavuye mu biturire n’amanyanga – kandi n’ubwo hari amategeko yo kubuza ko bene ivyo biba, hari impungenge ko n’ubu bibandanya gukorwa.
Amenya w’imyaka 30, yiga mu Bufaransa mu cicaro ca Master’s, mu kwezi kw’indwi yashize ahabona ku mbuga hwaniro ico avuga ko yari amasezerano reta ya Kenya yashaka kugirana n’ikigo Adani Group, kompanyi mpuzamakungu yo mu Buhindi.
Yari yerekeye gukoresha ikibuga c’indege co ku murwa mukuru Nairobi kizwi nka Jomo Kenyatta International Airport (JKIA) – ca mbere kinini mu gihugu no mu karere – kimaze igihe kitari gito kirindiriye guherahezwa kunagurwa.
”Nkimara kuronka izo nyandiko niyumviriye nti ayo n’ayandi masezerano reta yagize… sinashotse mbona uburemere bwayo,” niko Amenya yabwiye BBC.
Izo nyandiko zarimwo ido n’ido ry’integuro y’umwumvikano w’amasezerano ya miriyaridi 2 z’ama dorari ($2.000.000.000) na Adani Group yo gukota ikibuga c’indege ca JKIA mu kiringo c’imyaka 30 kugira ngo kigisubiremwo mu buryo bugezweho congere kigikoreshe.
Aho atanguriye gufata umwanya agasoma neza izo nyandiko, yaciye abona ko hamwe ibirimwo vyotangura gukurikizwa, ”vyokomeretsa ubutunzi bwa Kenya” mu gihe inyungu yose yoca itahira iyo kompanyi yo mu Buhindi.
Ayo masezerano ku bwiwe yaciye abona ko atabereye afatiye ku vyo yari asomye. Kuko Kenya niyo yari gushiramwo igice kinini c’amafaranga ariko ntiheze ngo ironke umusaruro uvuyemwo.
Amenya nta makenga menshi yagize ku kuba izo nyandiko zari iz’ukuri kuko ”abantu bazimuha bari abo mu bisata bizwi vya reta”, nk’uko avuga.
Ikigo Adani Group gisanzwe gikora ubwubatsi bw’ibikorwa remezo, kwimba ubutare n’imigambi y’amasoko ntanganguvu kw’isi, mu bihugu nka Israel, Emira Zunze Ubumwe z’Abarabu (UAE), Ubufaransa, Tanzania, Australia n’Ubugiriki. Uwashinze ico kigo, Gautam Adani afise uruhara runini mu butunzi bw’Ubuhindi kandi akorana hafi n’umushikiranganji wa mbere w’ico gihugu Narendra Modi.
Abandanije asoma, Amenya avuga ko yasanze ko iyo uwo mwumvikano wa Adani na Kenya uja mu ngiro yari gushobora gutuma igihugu ciwe kizotegerezwa kwishura iyo kompanyi hamwe itokwisubiza amafaranga yari kuba yashoye muri uwo mugambi.
”Aho kwari uguca kubiri n’icizere abanyagihugu baba bahaye umukuru w’igihugu, urwego rutwara ibibuga vy’indege, umushikiranganji – bose barahemukiye abanyagihugu,” niko avuga.
N’ubwo yari afise ivyemeza mu ntoke, Amenya vyaramugoye kumenya igikurikira yokora. Umutekano wiwe wari gushobora kugeramirwa, n’ubwo yari mu Bufaransa aho yari yikinze kurusha kuba muri Kenya, aho abagwanya ibiturire batotezwa mbere bamwe bakicwa.
Avuga ati muri ico gihe ”Narumva ubwoba. Sinari nzi icari gushika. Ndiko ndashira kazoza kanje k’akazi mu kaga, ubuzima bwanje bushobora kuhasigara, kuki nokwita mu kaga mu gukora ibi?”
Ariko mu nyuma yabonye ko kuguma anumye atari vyo yohitamwo.
“Burya, imburakimazi nizo ziramba”
Inyuma y’imisi asoma izo nyandiko yari yarungikiwe, Amenya yaciye abishira ahabona kuri konte yiwe ya X (yahoze ari Twitter) mu kwezi kw’indwi, buno nyene bica bitera uburakari muri Kenya.
Abakozi bo kuri JKIA baciye bagira yegereyegere basaba ko ayo masezerano afutwa.

Nelson Amenya ubu afatwa nk’intwari n’abaharanira ko ibintu birushiriza gukorerwa mu muco mu masezerano reta y’igihugu ciwe igirana n’ibigo vy’abikorera utwabo.
”Numvise ko ari nk’ikintu ntegerezwa gukora, ntegerezwa gukorera igihugu canje. N’ubwo ndi kure, ngumana inshingano zo gukorera igihugu canje. Nifuza kubona igihugu ca Kenya ciza kurusha uko kiri ubu, igihugu c’amavukiro yanje gitera imbere, kigire amahinguriro (inganda), kitakirangwamwo ibiturire (ruswa).”
Yari atewe umutima uhagaze n’uko ivyari bigiye kuba ku kibuga c’indege yari intango y’ibindi vyari kuza mu nyuma.
Amenya avuga ko atari amajambo adasanzwe no kuba ibintu biri mu rufuri gusa vyatumye yumva yosemerera. Vyatumwe kandi, nk’uko avuga, n’uko vyaboneka ko amategeko ya Kenya yari yirengagijwe vyeruye.
”[Abategetsi] ntibigeze bihweza ibijanye n’iyo kompanyi bisunze amategeko… ntibigeze bakurikiza amategeko asanzwe akurikizwa mu gutanga amasoko.”
Avuga ko abategetsi bamwe muri reta bari bizeye ko bazoca inyuma y’ibisabwa n’amategeko, harimwo ko abanyagihugu bategerezwa kubimenyeshwa bakanahabwa ijambo, ayo mategeko akaba ari yo akingira amafaranga y’umutangakori kugira ntakoreshwe nabi.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.