Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Ishirahamwe ALUSHOTO risaba umugwi wigenga utohoza ku manyanga yabaye mw’irekurwa ry’abanyororo mu Burundi

Vianney Ndayisaba, umuhuzabikorwa muri ALUCHOTO, asaba umukuru w’igihugu kutagarukira ku bo yahanye mu biro iwe gusa.

Ishirahamwe ALUCHOTO rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu risaba umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, gushiraho umugwi wigenga utohoza, mu buryo bwimbitse, ku makosa n’amanyanga yabaye mu gikorwa co gutezurira abanyororo cabaye mu mpera z’umwaka uheze.

Vianney Ndayisaba, umuhuzabikorwa muri iryo shirahamwe, abivuze inyuma y’aho kuri uyu wa kane umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye afuse mu kazi zimwe mu ndondozi nkuru nkuru zikora mu biro iwe kubera amanyanga zakoze muri ico gikorwa.

Evariste Ndayishimiye yatanze ikigongwe kw’igenekerezo rya 14 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2024. Vyari bitegekanijwe ko hatezurirwa abanyororo 5.442 mu kiringo c’indwi zibiri.

Ubu rero amezi abiri agiye kwuzura hamaze kurekurwa abagera ku 4.011 gusa nk’uko ibiharuro bitangwa na ALUCHOTO bivyerekana. Ni ukuvuga ko abarenga 1400 bataratezurirwa.

Mu babogojwe harimwo Jean Baptiste Baribonekeza yahora arongoye igisata kiraba ibijanye n’amategeko n’uburongozi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Cyrille Sibomana yari arongoye igisata kiraba ibijanye no gutegura inyandiko zijanye n’amategeko hamwe na Arcade Harerimana umuhanuzi yari ajejwe gukurikirana ivy’amatati.

Nk’uko bigaragara mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, abo bafuswe mu kazi bagirizwa icaha co « guhemuka » kubera « batezuriye abagizi ba nabi kandi batari ku rutonde rw’abategerezwa guhabwa ikigongwe c’umukuru w’igihugu ».

Vianney Ndayisaba, umuhuzabikorwa muri ALUCHOTO, asaba umukuru w’igihugu kutagarukira ku bo yahanye mu biro iwe gusa.

Agira ati:”Mu bari bagize umugwi ujejwe gutezurira abanyororo harimwo n’abandi bagize uruhara mu manyanga yabaye.

Atunga urutoke abo mu butungane kuva muri parake nkuru ya repubulika gushika mu ma parake akukira sentare zisubiramwo imanza z’intara.

Ndayisaba yemeza ko mu gikorwa co gutezurira abanyororo hagaragaye ingendo yo kurya ibiturire.

Ku bwiwe, vyatumye bamwe mu bategerezwa kurekurwa batarekurwa canke ngo hakarekurwa abatabifitiye uburenganzira. Aremeza “hari n’abarekurwa mu bibanza vy’abandi.”

Scroll to Top