Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Janvière Ndirahisha asaba abavyeyi n’abarezi kwibuka uruhara rwabo muvyo kwitwararika indero y’urwaruka, ko Gucapa ku mubiri canke tatouage bisanzwe bibujijwe henshi kw’isi ku bari munsi y’imyaka 18

Leta y’Uburundi ivuga ko abanyeshure bicapako (tatouage) ata kibanza bafise mu mashure

Mw’itangazo ubwo bushikiranganji buherutse gusohora, uwujejwe ubwo bushikiranganji, Dr. Janviere Ndirahisha, yibukije “abavyeyi, abarezi n’abanyeshure ko amategeko agenga indero ku mashure” atemera iyo ngeso y’uguhindura “urukoba ari mu kwisiga canke mu bundi buryo”.

Mw’iryo tangazo ryateweko igikumu ku wa 04 z’uku kwezi kwa kane, umushikiranganji Ndirahisha aragabisha ko “hadutse n’ibindi bishasha vyo kwicapako ibi na biriya”, ari vyo bita taouage mu rurimi rw’igifaransa.

Uyo mushikiranganji asaba abavyeyi n’abarezi kwibuka uruhara rwabo muvyo kwitwararika indero y’urwaruka.

Umushikiranganji Ndirahisha agira ati: “Nico gituma Ubushikiranganji bw’Indero n’Inyigisho z’Imyuga bumenyesheje abavyeyi, abarezi n’abanyeshure ko abanyeshure bazofatwa barenze kuri izo mpanuro mu kwicapako ibintu bitandukanye, ata kibanza bafise mu mashure yose yaba aya Leta canke ayigenda ari mu Burundi

N’ahandi henshi mu makungu ntivyemewe ku bana

Umushikiranganji w’indero, Janvière Ndirahisha asaba abavyeyi n’abarezi kwibuka uruhara rwabo muvyo kwitwararika indero y’urwaruka

Mu gihe haboneka abantu bicapako ibintu bitandukanye irya n’ino kw’isi, iyo ngeso ntiyemewe mu bihugu bimwe bimwe ku bakiri bato.

Nko mu Bwongereza, amategeko avuga ko kizira ko umwana ari munsi y’imyaka 18 yicapako ivyo bintu, n’aho abavyeyi biwe boba babimwemereye.

Eka n’abakuze bavyemerewe, bategerezwa kwandikwa mu bitabo kandi bakabironkera impapuro zemejwe n’ubutegetsi bwo hasi.

Bajye babanza barye ibirayi

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, nta tegeko mpuzantara (loi federale) ririho rigenga ivyo kwicapako ibintu bitandukanye.

Ariko mu ntara zose zigize ico gihugu, buri ntara ifise itegeko ribuza iyo ngeso ku mwana ari munsi y’imyaka 18.

About The Author

Leave a Comment

Scroll to Top