Abanyamulenge baba mu Bwongereza, i Buraya na Amerika bibutse ababo baguye mu bwicanyi mu Gatumba, bashinga ibuye mu Bwongereza ry’urwibutso rw’ababo biciwe mu Gatumba haraheze imyaka 20.
Ubwo bwicanyi bwabereye mu nkambi y’impunzi yari iherereye mu Gatumba mu Burundi, kw’itariki ya 13 z’ukwezi kw’umunani mu 2004.
Bigereranywa ko bwiciwemo abagera ku 166.
Abanyamulenge n’inshuti zabo bavuze ko bashima kuba batewe iteka ryo kuronka aho bazoja bajana ingori z’amashurwe bakaruhuka mu mitima yabo.
Muri uyo mugirwa, habaye kwugurura icese ibuye rya mbere ry’urwibutso kw’isi mu gisagara ca Salford kiri mu buraruko bw’Ubwongereza.
Umugirwa wo kwibuka wabaye ku wa gatandatu mu nyubakwa z’isengero rya GoChurch Manchester.
Teresa Pepper, yaserukiye umukuru w’igisagara ca Salford, yavuze ko ivyabereye mu Gatumba bikwiye kuba icigwa ca kahise n’ak’ubu.
Yavuze ko kwibuka ari uguharanira ubutungane no gutera intege abarokotse ngo bashobore gukira ibikomere no kubandanya gutera imbere mu bumwe.
Insiguro y’isanamu, Abakuru n’abato baje kwibuka. Espérance Nyasezerano, umukuru w’ishirahamwe ry’abarokotse ubwicanyi mu nkambi yo mu Gatumba, GRSF (Gatumba Refugee Survivors Foundation), yakije urumuri rw’umwizero
no