
Ange Kagame Umukobwa wa Perezida Paul Kagame
Abakobwa b’abakuru b’ibihugu ba Afrika bakora iki hampande yo kwitwa abana b’abakuru b’ibihugu? Bavukira mu miryango izwi kandi mu buzima bwo hejuru. Bamwe muri aba bakobwa b’abavyeyi bafise ububasha busumba ubw’abandi mu bihugu vyabo muri Afrika bagiye baboneka uku na kuriya mu kibano kubera ibikorwa vyabo, ivyo bashitseko mu gihugu canke ukungene babayeho.
Hari abashimagizwa cane kubera ivyo bashitseko bihetse ku bubasha bw’abavyeyi babo, ariko kandi hakaba n’abandi bisanga mu ngorane bakanegurwa bikomeye.
Aba ni abakobwa umunani tugiye kwitegereza muri iyi nkuru.

Natasha Karugire Museveni, Umukobwa wa Perezida wa Uganda
Natasha Karugire ni umukobwa akaba n’umwana agira kabiri wa Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yavyaranye n’umutambukanyi wiwe Janet Museveni.
Hampande yo kurererwa mu buzima bwo hejuru mu kirimba c’umukuru w’igihugu, Natasha yari afise indoto nyinshi zo gutanguza bishasha mu nyambaro (imideri), ashaka guteza imbere ubuhinga n’imico ya Uganda, indoto zamujemwo akiri umwana muto.
Mu kwiha ikibanza gikomeye nk’umurondezi afise izi mpano, abicishije kw’izina ryiwe “Natasha, J&N Couture”, yahuje akaranga ka Uganda n’ubwiza bwa none, ibi bikaba vyamutumye amenyekana cane imbere mu gihugu no ku rwego mpuzamakungu.
Kubera impano ziwe yagiye guteza imbere biciye mu nyigisho yaronkeye muri Afrika y’Epfo, yaramenyekanye kubera uruhara yiwe mu vy’ubuhinga bwo kurema bishasha n’ukwitangira imico n’akaranga vya Uganda.
Uretse ubuhinga afise bwo kurema no gukora imideri, Natasha arazwi cane mu bijanye n’amafirime inyuma y’aho firime yiwe kuri Kahise yitwa “27 Guns”, firime we nyene yanditse kandi akayobora.
Iyo firime yerekana ukuntu se wiwe yadutse agashika ku butegetsi mu gihe c’intambara yo hagati muri Uganda. Ni firime yakunzwe cane kandi yerekana impano z”abanya Uganda kw’isi yose. Mu 2023, yasohoye firime yitwa “Those Among Us”, ivuga kuri kahise ka Uganda, poritike n’abantu bamenyekanye cane.
Natasha kandi yaramenyekanye cane mu gukoresha urubuga rwiwe nk’umukobwa w’umukuru w’igihugu mu guharanira ukubungabunga no guteza imbere ubuhinga n’akaranga vya Uganda, mu gufata mu mugongo abanyatugenegene mu guhigu hamwe n’ibigo vy’akaranga, no guteza imbere ugufashanya ku rwego mpuzamakungu.

Natasha Museveni Karugire Kainembabazi
Ibikorwa vya Natasha mu bijanye n’ubuhinga bwo kurema bifise intumbero yo gushigikira abagore, imideri yiwe ikaba ifise intego yo guha ikibanza inkomezi n’ubwiza bw’abagore, mu gihe uruhara rwiwe mu gukora amafirime rutanga amahirwe ku bagore haba mu gihe co kuyategura n’inyuma yaho.
Muri ivyo bikorwa, Natasha yarashimagijwe cane kubera intererano yatanze mu bijanye no guhingura imideri no gukora amafirime. Ivyo yahinguye vyarerekanwe mu birori vy’imideri vy’icubahiro, firime yiwe na yo “27 Guns” irerekanwa mu birori bitandukanye vy’amafirime.
Nk’umukobwa wa mbere wa Uganda mu bijanye n’utugenegene, Natasha abonwa na benshi nk’umuntu atera intege abashaka kugira ico bakoze mu mibano yabo no hanze.
Igitabo ciwe yise Sowing Mustard Seed cerekana ubuzima bwa Perezida Museveni ukungene yashitse ku butegetsi biciye mu ntambara yo mw’ishamba, na co nyene kibonwa n’abanya Uganda batari bake nka kimwe mu bitabu bihambaye cane vy’akahise ka Uganda.

Habibat Oyindamola Tinubu, Umukobwa wa Perezida wa Nigeriya
Habibat Oyindamola Tinubu, ni umunyamideri
Habibat w’imyaka 32 ni umukobwa w’umukuru w’igihugu ca Nigeria, Bola Tinubu.
Hampande yo kwitwa umukobwa w’umukuru w’iki gihugu ca Nigeria, Habibat Oyindamola Tinubu ni umunyamideri, umuririmvyi n’umucuraranzi aba muri Amerika.
Inyuma yo kurangiza amashure yiwe kuri kaminuza y’Umuziki y’i Berklee i Boston muri Massachusetts muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Habibat yarubatse izina ryiwe mu bijanye n’imideri mu kizwi nka Runway model, akaba akorana n’amakompanyi akomakomeye nka Vague Magazine hamwe na Fenty Beauty ikora ibijanye no kwimonora.
Nubwo biri uko, ubuzima bwiwe bwateje impari nyinshi ku mbuga hwaniro cane cane mu banya Nigeria, inyuma y’aho amenyekaniye ko aharanira uburenganzira bw’abatinganyi, LGBTQ ,akaza kandi kwiyita “queer”. Queer ni ijambo rikoreshwa mu kudondora abantu badakora imibonano mpuzabitsina n’abantu badasangiye igitsina gusa, mbere n’abantu bose bahinduye igitsina bashobora kwiyita iri zina rya queer.
Ku rubuga rwa X, Habibat Tinubu yaseruye ivyiyumviro vyiwe, amenyesha ko ashigikiye uburenganzira bw’aba LGBTQ+.
Yarerekanye kandi ko ashigikiye cane umuryango w’aba LGBTQ+ biciye mu kazi kiwe nk’umunyamideri.
Imibereho ya Habibat Oyindamola Tinubu yagiye iteza impari ku mbuga hwaniro
Yashikirije ibijanye n’ingene yiyumva mu bijanye n’igitsina igihe yigira nk’akayabu akarira nk’akayabu.
Ni umwana agira gatandatu mu bana indwi ba Perezida Tinubu, ariko ni uwa kabiri mu bana batatu yavyaranye n’umukenyezi wiwe Remi Tinubu.
Muri Nijeriya, aho se wiwe Habibat ari umukuru w’igihugu, ubucuti bw’abasangiye igitsina ntibwemewe n’amategeko. Itegeko ryo muri Nigeria rirabuza ubutinganyi bw’ubwoko bwose kandi rikabuza abubakana n’abo basangiye igitsina mu gihugu cose. Ni icaha gihanishwa umunyororo ushobora gushika ku myaka 14.
Igihano gikomeye cane ku bahuza ibitsina n’abo babisangiye mu ntara 12 zo mu buraruko bwa Nigeria kandi zacemeje nk’itegeko rya kisilamu rizwi nka Sharia ni ukwicwa utewe amabuye.

Wanu Hafidh Ameir Suluhu. Umukobwa wa Prezida wa Tanzania
Wanu Hafidh Ameir ni umukobwa azwi cane muri Tanzania nk’umwana wa Samia Suluhu, umukuru w’igihugu wa gatandatu wa Tanzania yashitse ku butegetsi kw’igenekerezo rya 19 Ntwarante (3) 2021 inyuma y’urupfu rwa Perezida John Pombe Magufuli yasandavye imisi ibiri imbere y’aho.
Nk’umukobwa mukuru wa Perezida Samia Suluhu Hassan na Hafidh Ameir, Wanu yakurikiye inzira ya nyina wiwe, aba umunyaporitike wo muri Tanzania, nk’umunywanyi w’umugambwe uri ku butegetsi – Chama cha Mapinduzi (CCM).
Ubu ari muri komite nshingwantwaro y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu, amabanga arimwo kuva mu 2010.
Yavutse kw’igenekerezo rya 9 Ruhuhuma (2) 1982 i Zanzibar, ari naho afise ikibanza mu nama nshingamateka kuva mu 2005.
Wanu yagiye ahabwa amabanga atandukanye ya poritike, aho kuva mu 2015 gushika mu 2018, yari umwe mu bagize komite y’inama nshingamateka n’ibijanye n’amategeko. Yararongoye urwaruka rwa CCM mu bumanuko bwa Unguja kuva mu 2008 gushika mu 2012.
Wanu ni umuyobozi akaba n’uwatanguje ishirahamwe ryitwa Women’s Initiative Foundation (MIF) yashinze muri Ruheshi (6) 2022 muri Zanzibar afise intumbero yo gufasha abana mu bijanye n’amashure, kugira ngo bashobore gushika ku ndoto zabo mu buzima.
Afise urupapuro rw’umutsindo mu vy’imigenderanire mpuzamakungu yaronkeye ku kigo c’imigenderanire mpuzamakungu.

Navie Quetsia Madeleine Keza Ndayishimiye, umukobwa wa Perezida mu Burundi.
Navie Quetsia Madeleine Keza Ndayishimiye
Ku wa 11 Rusama (5) uno mwaka wa 2025, niho uno mukobwa wa Perezida Evariste Ndayishimiye w’Uburundi yaronka urupapuro rw’umutsindo mu vyigwa vya poritike, Sciences Politiques et Criminologie kuri kaminuza ya Gonzaga.
Mu butumwa yacishije ku rubuga rwa X, nyina wiwe, Angeline Ndayishimiye Ndayubaha, umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi, yavuze ko urugendo rwiwe rwaranzwe n’ukudasamara, ugukunda ubumenyi n’ubushobozi bushimishije bwo guhangana n’ingorane. Ati : “Mu bukerebutsi n’ukwihangana, yarateye intambwe zose ashimitse”.
Avuga ko umukobwa wiwe ari icitegererezo c’urwaruka rufise intego kandi rwiyubaha, rwiteguriye gukoresha ubumenyi bwarwo ku neza y’abantu bose.
Mu 2021, Quetsia Madeleine Keza yatanguje ishirahamwe ryitwa Bene Ntare rifise intego yo gushigikira urwaruka nka we cane cane abakobwa, mu kubafasha kugira ngo bashike ku migambi yabo yo kwitunga.
Yaratanguje kandi n’ikompanyi yise Madele Company mu 2023, rigamije gufasha inganda zo mu gihugu mu bijanye no gukora ivy’imideri. Avuga kandi ko ikompanyi yiwe ishigikira abakiri bato, bipfuza kuba abahinga mu bijanye n’imideri mu kubaronsa imideri y’impuzu bashobora guhingura.
Muri Myandagaro (8) 2024, Quetsia Madeleine yerakanywe mu birori nk’umufasha mu kigo Bonne Action Umugiraneza, ry’umutambukanyi wa Perezida Evariste Ndayishimiye.

Charlene Ruto uyu ni umukobwa wa Perezida wa Kenya
Charlene Ruto ni umukobwa akaba n’umwana agira gatatu wa Perezida William Ruto na Rachel Ruto.
Hampande yo kuba umwana w’umukuru w’igihugu Charlene yaragerageje kwerekana intererano yiwe mw’iterambere ry’uwaruka, nubwo yaneguwe cane mu gihugu.
Yarahuye n’ikigeragezo gikomeye igihe vyamubera ngombwa ko abeshuza ivyo bamwagiriza ko amahera y’igihugu yakoreshwa mu co yari yise “Ibiro vy’Umukobwa w’umukuru w’igihugu”.
Kuva se wiwe ashitse ku butegetsi, Charlene Ruto yaremesheje amanama atari make akomeye yihetse kuri iri zina.
Mu mategeko ya Kenya, ibiro nk’ibi ntibibaho.
Nubwo biri uku, Charlene ntiyacitse intege mu gushigikira uwaruka, aho yatumyeko amanama 31 mu kwezi kumwe gusa, ivyo bikaba vyerekana ko yari yiyemeje gufasha kugira ngo amajwi n’ivyiyumviro vy’urwaruka rwa Kenya vyumvikane ku nzego zo hejuru mu gufata ingingo.
Ukwitanga kwiwe kurashika no mu bisata vy’abigenga, mu guharanira ko urwaruka ruhabwa ikibanza nyaco mu bisata vy’ubudandaji.
Nk’uwuhagarariye kandi yashinze ishirahamwe ry’uburimyi rishingiye kw’ihindagurika ry’ikirere rizwi nka Smart Mechanized Agriculture and Climate Action for Humanity and Sustainability Foundation (SMACHs) Foundation, Charlene Ruto ni we ayobora imigambi yo guha urwaruka ubuhinga bwo kurima mu buryo bwa none.
Iri shirahamwe ritorera umuti ingorane z’ubushomeri bw’urwaruka mu guteza imbere ubuhinga bwo kurima buramba kandi bushasha, ivyo bikaba vyerekana ko Charlene yiyemeje gushigikira urwaruka mu bisata bitandukanye.
Uno mukobwa wa Perezida William Ruto yavutse muri Nzero (1) 1993, yarashizwe mu kibanza ca 5 ku rutonde rw’Abagore 100 ba Afrika bagize ikibanza kidasanzwe mu mwaka wa 2023 mu kigo Avance Media
Ni umukobwa afise impano z’uburongozi, ariko mu mwaka uheze yaremeye ko ahanganye n’ikibazo co kwitwa umuntu akomeye cane, ariko akavuga ko ukwiyakira uko ari kwamufashije guhangana n’ibi bibazo.
Afise urupapuro rw’umutsindo mu bijanye no kumenyesha amakuru kuri kaminuza ya Daystar muri Kenya, hamwe n’impapuro z’umutsindo mu vy’uburongozi bw’ubudandaji, mu bijanye n’amahoteri na mukerarugendo kw’ishure mpuzamakungu ryigisha ibijanye n’amahoteri ryitwa Les Roches i Crans-Montana muri Suède.

Ange Kagame Umukobwa wa Perezida mu Rwanda
Ange Kagame ni umwana agira kabiri kandi akaba ari we mukobwa wenyene wa Perezida Paul Kagame w’Urwanda.
Hampande yo kuba umukobwa w’umukuru w’igihugu, Ange yagiye aboneka mu bikorwa vyo gushigikira abakenyezi (abategarugori mu Kinyarwanda), indero mu mashure (uburezi), kurwanya ubukene, kubungabunga ibidukikije hamwe n’ibijanye n’amagara y’abanyagihugu.
Nk’uwize ivyigwa vya poritike kw’ishure kaminuza ya Smith y’i Massachusetts, muri Amerika, yaragenywe na se wiwe Perezida Paul Kagame nk’icegera c’umuyobozi nshingwabikorwa w’igisata kijejwe imigambi (Strategy and Policy Council, SPC) mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Ange Kagame yagenywe na se wiwe Perezida Paul Kagame nk’icegera c’umuyobozi nshingwabikorwa w’igisata kijejwe imigambi (Strategy and Policy Council, SPC) mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Kuva mu 2019, akora nk’umuhinga mukuru mukuru mu vy’imigambi mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Afise urupapuro rw’umutsindo rwo ku rwego rwa Master/Maîtrise mu bijanye n’ibibazo mpuzamakungu kuri kaminuza ya Columbia i New York, imwe mu makaminuza akomeye cane muri Amerika no kw’isi yose.
Ange Kagame yamye yitaba amanama akomakomeye mu Rwanda, harimwo n’inama y’igihugu yo kuganira ku bijanye n’iterambere ry’igihugu, akanitaba n’amasekeza y’igihugu, nk’isekeza ryo kurwanya ca kiza karanda ca Covid-19 hamwe n’ingaburo ku bana bakiri bato.
Muri 2016, ibinyamakuru bitari bike vyavuze ko yari umwe mu bari bagize umugwi ukurikirana imbuga hwaniro mu biro vy’umukuru w’igihugu, ariko Ange Kagame n’ibiro vy’umukuru w’igihugu barabihakana.

Tariro Mnangagwa, umukobwa wa Perezida wa zimbabwe
Tariro Mnangagwa ni umukobwa w’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Amerson Mnangagwa. Uno mukobwa yavutse mu 1998 arakorera cane mu gisata c’amafirime aho ategura akongera agakina amafirime muri Zimbabwe.
Tariro arazwi cane kubera uruhara rwiwe mu gukora amafirime nka Sinema ya Gonarezhou [2020] n’iyitwa Umugani wa Nehanda. [2021], akaba akina muri izo firime zompi.
Ni umukobwa mutoyi w’umukuru w’igihugu ca Zimbabwe ubu, Emmerson Mnangagwa, yavyaranye n’umugore wiwe wa mbere Jayne Matarise, yapfuye kw’igenekerezo rya 31 Nzero (1) 2002 azize kanseri y’igitereko. Tarimo Mnangagwa afise abavukanyi batanu bakuze.
Tariro Mnangagwa ari mu gisata kijejwe kurwanya uruhingi rutemewe n’amategeko
Mnangagwa yaronse urupapuro rw’umutsindo mu vy’ubuhinga bwo gufotora i Cape Town. Yaronse kandi urupapuro rw’umutsindo mu vy’uburongozi bw’ibikino kuri kaminuza y’ubuhinga ya Cape Peninsula.
Amaze gusubira muri Zimbabwe, Mnangagwa yinjiye muri Akashinga, umugwi w’abarwanya uruhigi rw’inyamaswa rutemewe n’amategeko.
Mu nyuma yahavuye yinjira mu kigo c’abagore kijejwe kurwanya uruhigi rw’inyamaswa rutemewe n’amategeko. Nk’umukobwa muto wa Perezida Emmerson Mnangagwa, Tariro, yinjiye mu mugwi w’urwaruka rwitanga mu kurwanya uruhigi rw’inyamaswa mu kiyaya ca Zambezi.
Abagore bababa 36 ni bo bagize iki kigo co kurwanya uruhigi, kimenyerezwa n’ikigo c’abacungera inyamaswa ca Akashinga International Anti-Poaching Foundation, mu ntumbero yo kurwanya uruhigi rw’inyamaswa muri ako karere.
Yabonetse incuro zitatu muri firime Gonarezhou nk’uwafashije mu gukora iyo firime, azwi kw’izina rya Sydney Taivashe.

Brenda Biya, uyu ni Umukobwa wa Perezida wa Camaroon
Nk’umuntu atandukanye n’abandi bakobwa b’abakuru b’ibihugu, Brenda Biya ni umukobwa yamenyekanye kubera imbono ziwe n’ibikorwa vyiwe biteye kubiri n’ivyo abanya Cameroun biteze, cane cane ku buzima bwiwe bwateje impari.
Amaze kuvuka mu 1997, Brenda yize mu mashure y’icubahiro, atangura kwiga mu mashure y’intangamarara i Etoudi, hanyuma aja kw’ishure ryubashwe cane ryo mu gisagara ca Yaoundé muri Cameroun, ryari rigenewe cane cane abana b’umukuru w’igihugu, n’abandi bakozi bo mu biro v’umukuru w’igihugu.
Yahavuye yinjira mw’ishure ry’indaro – Collège du Léman, ishure y’abigenga ryo mu Buswisi ahitwa Versoix, ku birometero vyababa cumi uvuye i Geneva, rizwi ko ryigisha abana b’abakuru b’ibihugu.
Yahavuye yimukira i Los Angeles muri Amerika ari naho yabandanirije amashure yiwe.
Igihe yari ngaho, yariyamirije ivangura ruhu ry’abagendesha amamodokari mato yunguruza abantu (taxis) aciye kuri konte yiwe y’icari Twitter (ubu ni X).
Igihe yari ngaho nyene abanyamakuru batari bake baraneguye imibereho yiwe, ubuzima bwiwe bwo hejuru cane bwarangwa n’ibirori vyiwe n’inzoga zikaze cane n’ukunywa itabi.
Mu 2024, Biya yatanguye akazi kiwe nk’umunyamuziki wo mu mudiho wa rap, akazi katari kitezwe ko kari gukorwa n’umukobwa w’umukuru w’igihugu.
Ariko ikintu cateje impari gusumba ibindi ni icabaye muri Ndamukiza (4) 2015, aho yaboneka kuri konte yiwe ya Instagram asoma uwundi mukobwa atazwi. Inyuma y’aho aneguriwe, vyabaye ngombwa ko iyo foto ayikurako, hamwe n’ayandi mafoto yose yari kuri konte yiwe.

Imibereho ya Brenda Biya yagiye iteza impari kandi inegurwa cane
Muri Mukakaro (7) 2024, Brenda Biya yamenyesheje muri videwo ko yari afise umukunzi, mu mpera z’uko kwezi nyene, aca yitangaza ku mugaragaro ko ari umutinganyi, ni ukuvuga ko ari mu bahuza ibitsina n’abo babisangiye, mu gushira ifoto kuri Instagram asoma umukunzi wiwe, umunyamideri Layons Valença wo muri Brezili.
Iyi nkuru yarateje impari zikomeye ku mbuga hwaniro muri ico gihugu kizwi ko imibonano mpuzabitsina hagati y’ababisangiye biteye kubiri n’amategeko.
Ibinyamakuru vyanditse ko ibikorwa vyiwe ari ibiterasoni kuri Kameruni.
Muri Rusama (5) 2016, vyavuzwe ko Brenda yanyarukanywe ku bitaro muri Los Angeles, muri Amerika kubera yari yafashe ibiyayuramutwe birenze urugero ku wa 11 Rusama.
Ikindi kintu catumye abantu bavuga cane ku mbuga hwaniro ni igihe Brenda yashira ahabona amasanamu yerekana uwucungera umutekano ariko agerageza kumubuza gutagarura ibintu mu cumba ciwe.
Mu 2020, yahisemwo kwibanda cane ku muziki kandi ni umukunzi w’abaririmvyi batari bake ba Afrika, nka Locko wo muri Kameruni, mbere igihe kimwe yarigeze gutumira Wizkid, umuririmvyi w’umunya-Nigeria, ku kirimba c’umukuru w’igihugu mu giteramo ciwe bwite.
Brenda Biya kandi ni umurwizatunga aho kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2020, yatanguje iduka yise Bree Culture Inc Shopping, iduka rigurisha imishatsi y’imikorano i Beverly Hills i Californie muri Amerika.
Nta nkeka, nk’uko bimeze kuri buri muntu wese muri twebwe, aba bakobwa b’abakuru b’ibihugu barerekanye ko kuba Umwana w’Umukuru w’igihugu atari intambamyi yo gukurikirana indoto zawe canke ubuzima bwawe bwite.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.