Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Blog, News

Miss Rwanda Nshuti Muheto Divine yaburanye, Yahakanye ko atahunze akimara gukora impanuka ari nayo mpamvu atemera icyo cyaha cyo kugonga ibikorwaremezo agahunga.

Yabanje guhakana ko atari we wari utwaye. Si ubwa mbere atwaye yasinze kuko mu 2023 nabwo yigeze gutwara yanyweye ibisindisha nabwo aragonga. Inshuro za mbere yarihanangirijwe ariko arinangira.

Mu ibazwa Nshuti Divine Muheto yemeye ko ku itariki 23 Nzeri 2023 nabwo yemeye ko yatwaye yanyweye ibisindisha ndetse anagonga imodoka.

Nshuti Divine Muheto yarapimwe basanga yarengeje ibipimo byabugenewe. Ubushinjacyaha bwasobanuye ko bamusanzemo BAC(Blood Alcohol Consumption) 4.00 nyamara umuntu muzima aba asabwa kugira 0.08.

Nshuti Divine Muheto n’abamwunganira bireguye

Nshuti Divine Muheto yemeye ko akimara gukora impanuka yagiye ku ruhande hafi y’ahabereye impanuka nko muri metero 100. Yahakanye ko atahunze akimara gukora impanuka ari nayo mpamvu atemera icyo cyaha cyo kugonga ibikorwaremezo agahunga.

Abamwunganira basobanuye ko icyaha cyo gutwara yanyweye ibisindisha aracyemera kandi yanabyemereye Ubugenzacyaha mu ibazwa nyuma yaho anabyemerera ubushinjacyaha.

N’uyu munsi imbere y’inteko iburanisha arabyemera kandi arabisabira imbabazi kuko “Ni ikosa yakoze ntabwo azongera

Blog, News

Erixon Kabera, ukomoka mu Rwanda yishwe ku wa gatandatu arashwe n’abapolisi muri Canada, umugore bashakanye Lydia Nimbeshaho avuga ko bifuza ubutabera, kandi bashaka ko ukuri kose ku buryo Kabera yishwe gushyirwa ahagaragara.

“Njyewe naramubonye mbere y’uko umwuka umushiramo burundu, uburyo bamwishemo, bamwishe nk’inyamaswa.

“Amakuru aturakaje twese ni ukubona abapolisi babiri barasa umuntu abahagaze imbere. Uvuze ngo bamurashe mu mugongo wenda yaba arimo kwiruka, [ariko] bamurashe bamuturutse imbere, bamureba.”

‘Abana ntibazongera kwizera polisi’
Lydia avuga ko guhamagarirwa polisi n’abaturanyi ku kintu gito icyo ari cyo cyose ari “ibintu abirabura babamo mu buzima bwacu muri iki gihugu”.

Atanga urugero ko hari igihe abaturanyi bahamagaye polisi ngo kuko hari abana barimo gukomanga ku muryango wabo.

Lydia Nimbeshaho yagiye kuba i Toronto mu 2010 asanzeyo Erixon Kabera wabagayo mbere y’uko bashyingirwa, bombi bafitanye abana batatu b’abahungu, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Toronto Star.

Lydia yabwiye itangazamakuru ati: “Abana bararakaye, bararemerewe, bararira badahagarika.

“Abana b’abirabura [hano], tubigisha kubaha polisi, kuva ari bato tubabwira uko bakwiye kwitwara imbere ya polisi, [ngo] ‘ntusubize polisi, ntumurebe, ntukore mu mufuka, ntugire gute’, ibyo byose tuba tubivuga mu magambo tutarabibona, ngaho tekereza uyu munsi niho babibonye polisi yishe Papa wabo. Kuri bo ntabwo bashobora kwizera polisi ubuzima bwabo bwose.”

Special Investigations Unit yatangaje ko hatangiye iperereza riri gukorwa n’abantu batandatu, hamwe na babiri bakusanya ibimenyetso bya gihanga bikoreshwa mu butabera.

Lydia ati: “Turasaba [leta ya Canada] ubutabera. Twumvise ko iperereza rishobora gufata n’amezi atandatu. Twasabye ko tubona ibimenyetso by’ako kanya. Hano ni amategeko ko abapolisi bambara camera, turifuza ko batwereka video y’ibyabaye.

“Dukeneye kumenya abahamagaye 911 icyo baregaga kuko iyo umuntu ahamagaye avuga n’ikibazo afite muri makeya.

“Turashaka ubutabera kuko muri iki gihugu hari amategeko, nubwo Gentil yaba ari mu ikosa rimeze gute nta tegeko rivuga ko bagomba kumwica, [ariko] bamwishe…”

Blog, News

Urukiko rw’Ibanze rwa Kicukiro kuri uyu wa Gatatu tariki ya 6 Ugushyingo 2024, rwategetse ko Nyampinga w’u Rwanda wa 2022, Nshuti Divine Muheto afungurwa. Agahita agabanya kujya mu utubari, no kunywa inzoga

Ubushinjacyaha mu Rwanda bwasabiye Nyampinga w’u Rwanda Divine Muheto gufungwa umwaka umwe n’amezi umunani ku byaha byo gutwara imodoka yanyoye ibisindisha birengeje igipimo, kugonga ibikorwa remezo no guhunga aho yabikoreye.

Muheto w’imyaka 21 yazanywe mu rukiko mu gitondo kare kuri uyu wa kane, amasaha macye mbere y’uko iburanisha ritangira.

Icyumba gito cy’Urukiko rw’ibanze rwa Kicukiro cyari cyuzuyemo abanyamakuru benshi n’abantu baboneka nk’inshuti ze n’abo mu muryango we.

Amaze gusomerwa ibyaha aregwa, Divine Muheto wari wunganiwe n’abanyamategeko batatu, yavuze ko yemera icyaha cyo gutwara imodoka yanyoye no kugonga.

Mu ijwi rito, ryumvikana nk’iririmo ubwoba, yagize ati: “Ariko sinemera ko nahunze kuko imodoka nayirekeye aho. Nagize ubwoba kuko abantu bahuruye ari benshi ntinya ko bangirira nabi. Police ihageze nagarutse ubwanjye.”

Ubushinjacyaha bwavuze ko ibyaha aregwa bikwiriye igihano bumusabira. Bwavuze kandi ko Muheto yari yanyoye ibisindisha kugeza ku gipimo cya 4 kandi igipimo kihanganirwa ari 0.8.

Mu rukiko byatangajwe ko Muheto yatawe muri yombi ku cyumweru tariki 20 z’uku kwezi kw’Ukwakira, gusa ku wa kabiri 29 z’uku kwezi ni bwo polisi yatangaje ko afunze.

Blog, News

Kenya: Menya uno mugabo yagenywe kuba icegera c’umukuru w’igihugu inyuma y’ibogozwa rya Gacagua

Uno munyaporitike yaminuje mu bijanye n’amategeko ku rugero rwa PhD/Doctorat kuri kaminuza ya Pretoria muri Afrika y’Epfo, akaba amaze kwandika ibitabo birenga 30.

Afise uburambe mu bijanye n’intwaro, amategeko n’ibijanye n’ibwirizwashingiro mbere akaba yarahagarariye abatari bake mu bijanye n’amategeko.

Yatanguye poritike muri Ntwarante (3) igihe yatorwa kuba umukenguzamateka aserukira akarere ka Tharaka-Nithi akaba yarabaye n’umukuru wa nyarwinshi mu nama nkenguzamateka mu kiringo c’imyaka itanu.

Igihe yasubira gutorwa mu 2017, yabaye icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka gushika mu 2020 igihe abogozwa mu rugamba rwo kwirukana incuti za Ruto.

Igihe Ruto yatsinda amatora y’umukuru w’igihugu mu 2022, yaciye agena Kindiki muri reta yiwe ya mbere.

Kuva ico gihe, ni we yama aserukira abategetsi mu bihe vyari bigoye.

Mu mwaka uheze, haratowe ibiziga biharurwa mu majana vy’abantu bisonzesheje gushika barapfa mw’ishama riri mu mitumba ya kure. Uwitwa Paul Mackenzie yagirizwa ko yabahamagariye guhagarika gufungura. Mu gihe gushika ubu akiri imbere y’ubutungane, arahakana ivyo yagirizwa.

Inyuma y’aho ibi biziga bitorewe, Kindiki ni we yaserutse aho yavuze ko ivyabaye ari “ubwicanyi”.

Mu kwezi guheze, yaragendeye ishure ryari ryapfishije abanyeshure 17 bahitanywe n’umuriro wadutse mu nzu y’uburaro. Uno mushikiranganji yariyemeje “gukurikirana abo bose bagize uruhara muri iri sanganya”.

Mu 2022, hari ababona ko Kindiki ari we yari kugenwa nk’icegera ca Ruto, ariko Gachagua ni we yahavuye agenwa kubera ijambo rikomeye yari afise hamwe kandi n’amafaranga.

Ruto mu nyuma yavuze ko “yabuze akantu gato cane kugira ngo abe icegera”.

Ubu, sentare nkuru ya Nairobi yabaye irahagarika irahira rya Kindiki gushika yihweje ibirego vyashikirijwe na Gachagua kw’ibogozwa ryiwe.

Ibogozwa rya Gachagua riramutse ryemejwe, Kindiki ashobora kwiyerekana nk’icegera c’umukuru w’igihugu adahemuka kandi azokwaka agendera kw’ishaka ry’umukuru w’igihugu.

Blog, News

Mu minsi ibiri gusa, haguye imvura isumba iyigwa umwaka wose mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Maroc

Iyo mvura idasanzwe iva ku kizwi nk’igihuhusi co hepfo no haruguru y’akarere k’ubushuhe n’imvura (tempête extratropicale)
Amasanamu y’ibigendajuru vya NASA yerekana ko ahahora ikiyaga kimaze imyaka 50 caragadutse, hagati y’ibisagara vya Zagora na Tata, ubu hongeye kwuzura.

Ku bw’ikigo c’isi kijejwe ibihe, OMM, inzinguzingu y’amazi kw’isi ubu iguma ihindagurika cane

Iyo mvura idasanzwe iva ku kizwi nk’igihuhusi co hepfo no haruguru y’akarere k’ubushuhe n’imvura (tempête extratropicale)
Amasanamu y’ibigendajuru vya NASA yerekana ko ahahora ikiyaga kimaze imyaka 50 caragadutse, hagati y’ibisagara vya Zagora na Tata, ubu hongeye kwuzura.

Ku bw’ikigo c’isi kijejwe ibihe, OMM, inzinguzingu y’amazi kw’isi ubu iguma ihindagurika cane.

Ubugaragwa bwa Sahara mu kigwati ca Merzouga, mu bumanuko bwa Maroc, imbere y’iyo myuzure.
”Kubera ubushuhe bwiyongeye, inzinguzingu y’imvura n’ingene umuhisha w’amazi usubira mu kirere yarihuse”, bivugwa na Celeste Saulo, umunyamabanga mukuru wa OMM.

Mu gihe ibihe bidasanzwe bisigaye biba vyinshi kubera ukwiyongera kw’ubushuhe bw’ikirere, abahinga bagereranya ko ibihuhusi nk’ivyo bishobora kuzokwongera kuba muri Sahara muri kazoza.

Blog, News

Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bari baje gushigikira Onana. Charles Onana yasabiwe ibihano vy’akarorero

Hamili yavuze ko yanabaye umukuru w’abunganizi (avocats) bose ba TPIR.

Uwo mugabo yemeje ko ibiri mu gitabo ca Onana no muri sentare mpanavyaha yashiriweho Urwanda vyavuzwe .

Hamuli yavuze kandi zimwe munnyandiko ziri mu bubiko bw’inyandiko (archives mu gifaransa) z’iyo sentare zerekana ko ivyo Charles Onana yavuze vy’abahutu bishwe n’abasirikare ba FPR bakiri inyeshamba zibigaragaza.

Rethy Hamuli yavuze ko n’abari mu gisirikare ca kera ”FAR” ku ntwaro y’uwari president w’Urwanda Juvenal Habyarimana yaburaniye hari abambitswe izera na sentare kuko basanze ivyo babagiriza ari ibinyoma.

Hamili yagirije ishirahamwe ry’abacikacumu Ibuka ryo mu Rwanda na reta y’Urwanda kugerageze gushira igitutu kuri iyo sentare, ivyatumye n’abambitswe izera na sentare vyanka ko baronka ikindi gihugu kibakira kubera igitutu leta y’Urwanda yashira ku bihugu vya Buraya vyipfuza kubakira nk’impunzi .

Hamili yarangije avuga ko uwuvuze ko hariho ubwicanyi bwakorewe Abahutu nk’uko Onana yavyanditse mu gitabo ciwe atoca yitwa uwuhakana jenoside yo mu Rwanda.
Kabanda yanagarutse no kw’ijambo ry’uwahoze ari umukuru w’Urwanda w’imfatakibanza/inzibacyuho Theodore Sindikubwabo yavugiye mu cahoze ari perefegitura ya Butare mu majepfo y’Urwanda, aho avuga ko yakoresheje ijambo ”kora” ivyo wewe yise ko kwari guhamagarira guhonya Abatutsi.

Yarangije asaba ko guhakana ko habaye jenoside ari ugutoneka imiryango y’ababuze ababo, nayo kubona Charles Onana yayise ubuswaganyi ”escroquerie” mu gifaransa ata kindi bigamije atari guha inguvu aboba bipfuza gukora iyindi jenoside aho bari kw’si hose.

Hakurikiye Jean François Dupaquier, umufaransa w’imyaka irenga 80 yumvirijwe nk’icabona c’abitwariye Charles Onana.

Dupaquier, umwanditsi yahoze ari ni umunyamakuru ni umuhinga w’akarere k’ibiyaga binini mu ntahe yiwe yagaragaje agashavu ariko avuga ibiri mu gitabo ca Charles Onana aho yakoresheje amajambo akarishe mu kucita ko ari ibintu bitagira umutwe n’amaguru ”idioties” mu rurimi rw’igifansa.

Dupaquier yibukije sentare ko yari umuhinga muri sentare yashiriweho Urwanda TPIR ko ibiri muri ico gitabo ca Onana casohowe na Damien Sirieix mu nzu yiwe yo gusohora ibitabo L’Artilleur ata na hamwe vyigeze bivugwa, akabona ko igitabo nk’ico ataho gitaniye n’imvugo aba Nazi ba Hitler bakoresha mu kwankisha Abayahudi ”shoah” mu rurimi rw’Igiheburayo .

Afise ibinyamakuru mu ntoke vyanditswe imbere ya jenoside nka Kangura n’ibindi, Dupaquier yarangije asaba sentare ko amajambo ari mu gitabo ca Onana ata kindi umuntu yoyita atari guhakana jenoside vyeruye, hakwiye ibihano vyeruye kugira vyihanikirize abanditsi nk’abo bahakana jenoside zabaye kw’isi .

‘Abantu nka Onana ntibakwiye kwidegemvya’-abunganira abamwitwariye
Hakurikiye uwaserukiye ishirahamwe ry’abacikacumu Survie, rimwe mu yitwariye Charles Onana. N’aho atashimye ko umwidondoro wiwe uja ahabona nawe nyene yasavye ko Charles Onana yohanwa bikwiye kubera igitabo yanditse gihakana jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda.

Ku mugoroba w’ijoro ahagana isaha imwe imwe y’ijoro niho sentare yaha ijambo rya nyuma abunganira ababurana kugira basozere imburano.

Abunganira amashirahamwe indwi yitwariye Charles Onana na Damien Sirieix nibo bafashe ijambo ubwa mbere.

Uko ari abunganizi indwi batakambiye sentare gufata ingingo ya kigabo yo kubuza ko abahakana jenoside zabaye kw’isi kubandanya bakora mu bisebe abacikacumu bazo kuko ari ukubica kabiri.

Bongeye babwira sentare ko uwitwariye Onana atari reta y’Urwanda ahubwo ari abarwanya jenoside bo kw’isi yose ari naco gituma abantu nka Onana badakwiye kwidegemvya kugira guhakana jenoside ntibibe umuco kw’isi.

Blog, News

Gatoni Rosine Guilene avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, ariyamiriza ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi Amnesty International kivuga ko reta ituratuza abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru.

Burundi: Rosine Guilène Gatoni niwe ahejeje kugenwa mu mabanga yo kurongora ibiro vy’umukuru w’igihugu bijejwe gutanga amakuru no kuvugira umukuru w’igihugu.
Umu jeune Rosine Guilène akaba asanzwe ari umunyamabanga w’inama nkuru y’Urwaruka ku rwego rw’igihugu akongera akaba n’umuyobozi mukuru w’ubuhinga bwa none mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru.
Ayo mabanga akaba yahora aramutswa Alain Diomede Nzeyimana.

Blog

Perezida Evariste Ndayishimiye agishika ku butegetsi, bamwe mu bapfungwa nk’abamenyeshamakuru bararekuwe, ariko nyuma abandi batabwa muri yompi

Icegeranyo c’iryo shirahamwe kivuga ko uko kurekurwa kwahuriranye n’utwigoro two gusubiza hamwe n’amakungu cane cane Ubumwe bwa Buraya (EU) n’ibihugu bigize iryo shirahamwe.

Bamwe mu bihweza ibintu n’ibindi bari bizeye ko uko kurekurwa cari ikimenyetso co gusubira kwiyemeza kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Muri Ruhuhuma ( ukwa 2) 2022, EU na reta y’uburundi baramenyesheje ko abategetsi b’ico gihugu biyemeje guteza imbere agateka ka zina muntu, co kimwe n’intwaro ibereye no kwubahiriza amategeko, ariko ico cegeranyo gisigura ko icizere cose c’uko ibintu bigiye guhinduka camaze umwanya urume rumara.

Amnesty International ivuga ko yavuganye n’abantu 30, irihweza inyandiko zo mu bucamanza, amakuru yavuzwe n’ibimenyeshamakuru, amajambo y’abategetsi n’amatangazo.

Iryo shirahamwe rivuga ko ryandikiye reta y’Uburundi kugira igire ico ibivuzeko ariko gushika ubu ngo nta nyishu riraronka.

Agatotezo karabandanya
N’aho abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bari bahagaritswe prezida Ndayishimiye atarashika ku butegetsi barekuwe, abandi barasubiye guhagarikwa hadakurikijwe amategeko.

Aha ico cegeranyo kigaruka ku mushingwamanza Germain Nkina yahagaritswe muri Gitugutu (ukwa 10) 2020, uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino n’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yari yahagaritswe muri Myandagaro (8) 2022. Bose ubu bakaba bararekuwe.

Tigere Chagutah avuga ko “ivyaha bijanye no ‘kugumuka’ no ‘guhungabanya umutekano w’imbere mu gihugu’ ari vyo bibandanya kwegekwako abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru.

“Ukuntu ivyo vyaha bikoreshwa mu gucecekesha abatavuga rumwe na reta, n’igitutsi ku gateka ka zina muntu, cane cane ku burenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, bwo kugira ishirahamwe no kugira ikoraniro mu mutekano.”

Blog, News

Floriane Irangabiye kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba aridegemvya ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye.

Floriane Irangabiye kandi yashimiye umukuru w’igihugu kuba yamugiriye ikigongwe.

Ati: “Ndashimiye bimwe vy’imvamutima umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yashize mu ngiro iyi ngingo ndamwipfuriza iteka n’itekane.”

Iyo ngingo-tegeko y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu (mesure de grace presidentielle) ya perezida Evariste Ndayishimiye ivuga ko Madame Floriane Irangabiye ”akuweko ibihano vyose” kandi ko ”ingingo zose z’imbere ziteye kubiri n’iryo tegeko zifuswe”.

Imyaka yari hafi gukwira ibiri uwo mumenyeshamakuru apfunzwe kuva afashwe itariki 30 ukwezi kwa Myandagaro (8) mu 2022.

Imiryango y’abamenyeshamakuru n’iyiharanira uburenzira bwa zina muntu yari yagumye isemerera ivuga ko uwo mumenyeshamakuru yazize umwuga akora.

Uwo mugore w’imyaka 36 yari asanzwe akorera Igicaniro, iradiyo y’abarundi baba hanze icisha kuri internet ibiganiro vy’ivyiyumviro n’umwihwezo ku buzima bw’igihugu.

Ivyo biganiro ni na vyo ishirahamwe mpuzamakungu ryo gukingira abamenyeshamakuru Committee for the Protection of Journalists, CPJ, ribona ko yari yahowe.

Floriane Irangabiye ari kumwe n’umuvukanyi wiwe Irakiza Chryss Deborah imbere y’ibohero rya Bubanza

Yafashwe aje mu Burundi kuramukanya avuye mu Rwanda iyo yari asanzwe aba.

Yagirijwe kuvogera igihugu, ico caha gica kimwagira muri Nzero mu 2023, sentare ica imucira igihano co gupfungwa imyaka 10 n’ihadabu ry’umuriyoni w’amafaranga y’Uburundi.
Muri urwo rubanza, abashikirizamanza bashingiye ku kiganiro ca radiyo Igicaniro co muri Myandagaro mu 2022 aho Irangabiye n’abatumire banegura reta y’Uburundi bakagiriza abategetsi bayo kuba abasuma no guhonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu babo,” nk’uko iryo shirahamwe rivuga ko ryabisomye mu nyandiko za sentare.

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ryabonye muri izo nyandiko ko abashikirizamanza bavuze ko basanze ico kiganiro muri terefone ya Irangabiye amaze gufatwa baca bamwagiriza guhamagarira abanyagihugu kugarariza no kurondera gutembagaza reta.

Bimwe mu vyemezo abashikirizamanza batanze ni uko Irangabiye yaguma agira ingendo hagati Urwanda iyo yaba no mu Burundi ahaba umuryango wiwe hamwe n’amafoto aho agaragara ari kumwe n’umukuru w’Urwanda Paul Kagame n’uwahoze atwara Uburundi, umuhisi Pierre Buyoya.

Yagirijwe kandi kwitaba inama zo guha inyigisho urwaruka ruba mu mahanga kugira rutembagaze reta.

Ivyo vyose Floriane Irangibiye n’abamwunganira mu mategeko yari yaburanye abihakana avuga ko yakoresheje gusa uburenganzira bwiwe bwo gushikiriza ico yiyumvira, ko na zo inama zivugwa ata zo yigeze ajamwo.

Amaze gucirirwa igihano c’imyaka 10 n’ihadabu ry’umuriyoni w’amafaranga y’Uburundi ku wa 02 Nzero mu 2023, Floriane Irangabiye yarunguruje gushika muri sentare gasamburamanza ariko na yo ku wa 13 Ruhuhuma(2) mu 2024 ica iremeza ico gihano.

Ingingo-tegeko y’umukuru w’igihugu yarekuye Floriane Irangabiye ivuga ko uretse ububasha umukuru w’igihugu ahabwa n’amategeko, yihweje kandi ivyo ”yasabwe n’umupfungwa yagiriwe n’icaha”.

News

Karasira Aimable: Amafranga Ya Karasira Agera Kuri Miliyoni 45 Yarafatiriwe

Abanyamakuru bashatse kumenya amakuru yisumbuye kuri aya mabaruwa. Twavuganye na Evode Kayitana umwe mu banyamategeko bahoze bunganira Karasira dukeneye kumenya niba kuva Karasira yatangira kuburana uru rubanza nta na hamwe bigeze bishyurwa. Kayitana yatubwiye ko mu myuzo ya mbere bishyuwe ku mafaranga ya Karasira ubushinjacyaha bwafatiriye.

Ku kijyanye n’ifatirwa ry’amafaranga ya Karasira, kuri uyu wahoze amuburanira bihabanye n’ibyo amategeko ateganya itanyazamakuru ryahamagaye bwana Faustin Nkusi uvugira ubushinjacyaha ngo atange umucyo kuri iyi ngigo ntiyitabye telefone ye ngendanwa, ntiyanasubiza ubutumwa bugufi twamwoherereje.

Iyo aza kwitaba yari budusubize ku kuba hamwe urwego avugira rwaratanze uburenganzira ku bwishyu bw’ayo mafaranga, rukaza guhitamo kwisubiraho.
Kugeza ubu abanyamategeko barimo Gatera Gashabana, Evode Kayitana na Seif Jean Bosco Ntirenganya bikuye mu rubanza kubera ko hari ibyo batakunze kumvikanaho na Karasira.

Ubushinjacyaha burega Karasira ibyaha byo guhakana Jenoside, guha ishingiro Jenoside, gukurura amacakubiri, guteza imvururu cyangwa imidugararo muri rubanda, kudasobanura inkomoko y’umutungo n’icyaha cy’iyezandonke. Biteganyijwe ko azasubira mu rukiko mu kwezi gutaha.

Karasira warokotse jenoside ashijwa gupfobya ahakana ibyaha byose akavuga ko bishingiye ku nyungu za politiki. Ibyaha bikomoka ku biganiro yagiye atanga ku muyoboro wa YouTube.

Blog, News

Uwo nzosanga mu biro ni je nzomwikurirayo’ – Prezida Ndayishimiye atanguza ibikorwa vy’isuku.

Ubu bushikiranganji buri mu bwo umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yagendeye mu mpera z’indwi iheze igihe yariko asuzuma ingene ibijanye n’isuku vyifashe mu bisata vya reta.

Ndayishimiye yaraneguye ingene ibintu vyari vyifashe maze aca ategeka ko kuri uyu wa mbere ata mukozi n’umwe wa reta arekuriwe kwinjira mu biro atabanje gusukura aho akorera.

Yagize ati : “Ndabakuye mu biro bose. Iyi ndwi itangura ni indwi y’isuku. Uwo nzosanga mu biro ni je nzomwikurirayo.

“Nibabanze bakubure. Nitwaheza kugira isuku duheze duce tuja ku bindi bikorwa”.

Umukuru w’igihugu abona ko ingwara ya Cholera ikunda gutera mu gihugu iterwa n’isuku rike rirangwa aho abantu bakorera.
Inyuma y’aka kagohe bavuniwe, abo mu bushikiranganji no mu bisata bitandukanye vya reta baciye bavyuka bitunganya.

Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu Muganga Olivier Nijimbere yabwiye BBC Gahuza ko abakora mu bisata vyose vy’ubwo bushikiranganji bazindutse basukura aho bakorera.

Yagize ati: “ Twazindutse twegeranya imicafu kandi twakoranye n’ikigo ca reta kijejwe ivyo inyubako OBUHA. Imicafu yose twegeranije baturungikiye ikamyo yaciye ija iraza kubiseha kugira ngo ibijane mu bibanza vyabigenewe.

“ Ingingo nyamukuru twaciye dufata n’uko tugiye kuja turabikora kenshi gashoboka tutibagiye akazi ka misi yose.

“ Murabona nk’ibi vy’impapuro ntitwoheza ngo dupfe uko tubituriye kuko twoba turiko turonona ikirere. Twoba turiko turonona amagara y’abantu kandi ari yo tujejwe. Tugiye gushiraho ivyo bita ama ‘incinérateurs’ kugira tuje turabiturira dukurikije amategeko”.

No mu bindi bisata nta mirimo yaranguwe. Akarorero ni mu bushikiranganji bw’ikigega ca reta aho umushikiranganji Audace Niyonzima yabonetse afise isuka mu bandi bakozi ariko araharura yongera asibura imiserege.

No mu nama nshingamateka kwari ukwo nyene. Umukuru w’inama nshingamateka Gelaze Ndabirabe nawe nyene yagaragaye ari kumwe n’abakozi b’urwo rwego, afise isuka ariko araharura ivyatsi.

Blog, News

Mukobwajana Asifiwe wamamaye nka Micky, umwe mu bakobwa beza bari muri Sinema Nyarwanda wareba ubudatuza yambitswe impeta na  Agiraneza Pacifique, uzwi nka AG Promoter

Amakuru avuga ko umukinnyi wa filime Mukobwajana Asifiwe, uzwi nka Micky, yambitswe impeta y’urukundo n’umukunzi we Agiraneza Pacifique, uzwi nka AG Promoter. Ibi byabaye mu birori byabereye i Rebero ku cyumweru, tariki ya 9 Ugushyingo 2025 Micky yashimiye umukunzi we amwizeza ko azamurwanira ishyaka imbere y’abamuvuga nabi.

AG Promoter yari yamwambitse impeta mbere y’uko Micky avuga ijambo rye.

Blog, News

Alarm Ministries bakomeje imyiteguro y’igitaramo cyabo bise ‘Iyo Ni Yo Data Live Concert’ giteganyijwe ku wa 30 Ugushyingo 2025

Ben Serugo, akaba n’umuhanzi w’indirimbo zo kuramya no guhimbaza Imana, yararikiye buri wese kuzitabira igitaramo cyabo cyiswe “IYO NIYO DATA LIVE CONCERT”, kizaba ku wa 30 Ugushyingo 2025 muri Camp Kigali.

As I was walking
Ubwo nagendagendaga

I watch you pray
Nitegereje uko musenga

I saw the altar of the unknown God
Nabonye igicaniro cy’Imana itamenywa

That’s what I tell them
Iyo iyo iyo niyo njye mbabwira

Another worshiper you don’t know
Yayindi musenga mutazi

You’re asking me out loud
Mwambaza mutera hejuru

I saw the unbreakable altar of God
Nabonye igicaniro cy’Imana itamenwa

That’s what I tell them
Iyo iyo iyo niyo njye mbabwira

It is God who created the heavens and the earth
Niyo Mana yaremye ijuru n’isi

It does not exist in man-made temples
Ntabwo iba murusengero zubatswe n’abantu

No human hands can help it
Ntamaboko y’abantu yagira icyo ayifasha

He is the owner of strength and he is the owner of life
Niyo nyiri mbaraga kandi niyo nyiri bugingo

That’s the Father that’s the Father
Iyo niyo Data iyo niyo Data

Unchangeable is the Father
Bidasubirwaho niyo Data

The invisible image of God
Ishusho y’Imana itagaragara

He was revealed by his son Jesus
Yahishuwe n’umwana wayo Yesu

When you see that child, you see the Father
Ubonye uwo mwana aba abonye Data

And in you is the soul
Kandi muriwe harimo ubugingo

Blog, News

Nicholas Oyoo (ibumoso) na Bob Njagi (iburyo) bakiriwe n’ababashyigikiye ubwo bageraga i Nairobi mu murwa mukuru wa Kenya, ku wa gatandatu

Impirimbanyi yo muri Uganda ivuga ko yafashwe ku ngufu ubwo yari ifungiye muri Tanzania, Impirimbanyi yo muri Uganda yari yatawe muri yombi ikanafungirwa muri Tanzania mu gihe cy’iminsi, yabwiye itangazamakuru ko yafashwe ku ngufu ubwo yari ifunze. Asobanura kurushaho ku byari byatangajwe mbere n’umuryango we w’uburenganzira bwa muntu wavuze ko yagaragazaga “ibimenyetso by’iyicarubozo”, Agather Atuhaire yavuze ko abantu bambaye imyenda isanzwe bamupfutse mu maso bakoresheje igitambaro, nyuma baramukubita, bamwamburana “urugomo” ndetse bamukorera ihohotera rishingiye ku gitsina.
Atuhaire yari yafungiwe ahantu hatazwi muri Tanzania ari kumwe na mugenzi we w’impirimbanyi yo muri Kenya, Boniface Mwangi, ku wa kane wasanzwe ku mupaka wa Kenya na Tanzania.

Nta cyo abategetsi ba Tanzania bari batangaza.
Yanavuze ko abari bamufunze bamujugunye hasi, bamwambika amapingu babanje gushyiraho umupira wo kwambara. Yerekana inkovu z’aho amapingu yamuriye ku maboko, ati: “Rero ntekereza ko ibikomere hano byajyaga kuba bibi cyane.”

Agejejwe ku mupaka wa Tanzania na Uganda, Atuhaire avuga ukuntu yaborogaga cyane kubera “ububabare bwinshi cyane” bwo mu birenge, “nuko bazana ikintu cyo gupfuka umunwa wanjye”.

“Bongera ‘volume’ y’imodoka. Mbere sinamenye icyo babikoreye ariko birumvikana nari mfite ubwoba. Nuko ntangira kumva Boniface [Mwangi] aboroga. Rero bari bongereye ‘volume’ kugira ngo ntamwumva. Ariko ububabare bamutezaga bwari bwinshi cyane.”

Mu butumwa yatangaje ku rubuga nkoranyambaga X, Mwangi yavuze ku ifungwa ryabo ati: “Twari twakorewe iyicarubozo, ndetse dusabwa kwambara ubusa no kujya koga. Ntitwashoboraga gutambuka nuko dusabwa gukambakamba tukajya koga tukikuraho amaraso.”

Bombi bari bagiye muri Tanzania kugaragaza ko bifatanyije n’umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi Tundu Lissu, wagejejwe mu rukiko ku wa mbere nyuma yuko arezwe ubugambanyi.

Blog, News

Bamwe muri aba bakobwa b’abavyeyi bafise ububasha busumba ubw’abandi mu bihugu vyabo muri Afrika bagiye baboneka uku na kuriya mu kibano kubera ibikorwa vyabo, ivyo bashitseko mu gihugu canke ukungene babayeho.

Perezida Paul Kagame w’u Rwanda yavuze ku byo yavuze ko yabonye ku mbuga nkoranyambaga bavuga ko yaba arimo gutegura umukobwa we Ange Kagame kuzamusimbura ku butegetsi. Avuga ko we atagira umuntu perezida, ndetse ko hari ubwo Ange na we ubwe yaba atabyifuza. Wenda na we ntanabishaka’ – Kagame avuga ku byavuzwe ko arimo gutegura umukobwa we Ange kuzamusimbura Ikibazo cy’uzasimbura Kagame gikomeza kugarukwaho mu gihe mu ishyaka FPR-Inkotanyi riri ku butegetsi kugeza ubu ntawe bigaragara ko yaba arimo gutegurwa kuzamusimbura, kandi kugeza ubu nta wugaragaza ubwo bushake no mu ruhande rw’amashyaka atavuga rumwe n’ubutegetsi.

Mu 2024 Paul Kagame yatorewe manda ya kane y’imyaka itanu ku butegetsi. Nubwo amatora ataha ari mu myaka ine iri imbere ikibazo cy’uzasimbura Kagame gikunze kwibazwa.

Ku cyumweru, mu ijambo yabwiye abari mu nama y’ihuriro Unity Club Intwararumuri yavuze ko aheruka kubona ku mbuga nkoranyambaga bavuga ngo “njyewe ntegura umukobwa wanjye kuzayobora igihugu”.

Mu ijambo ryatangajwe ku cyumweru, yabwiye abari mu nama y’ihuriro Unity Club Intwararumuri, yavuze ko aheruka kubona ku mbuga nkoranyambaga bavuga ngo “jyewe ntegura umukobwa wanjye kuzayobora igihugu”.

Yavuze ko iki kintu kimureba ku giti cye kandi “cyari kimbangamiye gato” bityo yifuje kukivugaho mu bantu.

Paul Kagame w’imyaka 68 avuga ko abaturage n’abagize ishyaka rye ari bo bamusabye kuguma ku butegetsi, ibyatumye Itegekonshinga mbere ryabuzaga kurenza manda ebyiri rihindurwa. Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuze ko ibi ari ukugundira ubutegetsi.

Mu kongera gushimangira ko atagumye ku butegetsi ku bushake bwe, yagize ati: “ariko jye uwanteguye ni nde? Ntabwo nateguwe na data, ntabwo nateguwe na…ni mwebwe. Kwanza mpora mbabwira ngo mwageze aho mukansezerera.”

Umwaka ushize, ubwo ishyaka rye ryamwemezaga nk’umukandida perezida mu matora yari ateganyijwe, Perezida Kagame yavuze ko ashaka “untura umuzigo nikoreye” asaba ishyaka rye gushaka uzamusimbura, yongeyeho, ati: “…Kandi ntimuzategereze uwo nzabaha, muzamwishakemo.”

Icyo gihe yavuze ko yifuza kuzasimburwa n’umuntu ufite hagati y’imyaka 30 na 49. Mbere yaho mu 2019 yari yaravuze ko yifuza kuzasimburwa n’umugore.

Ikibazo cy’uzasimbura Perezida Kagame cyakomeje kuba ikiganiro hagati y’abantu no ku mbuga nkoranyambaga, bamwe bakavuga ko yaba arimo gutegura umukobwa we Ange Kagame ubu ukora nk’umukuru wungirije w’Akanama gashinzwe Igenamigambi rya Leta na Politiki za Leta mu Biro bya Perezida.

Mu gusobanura ko atarimo gutegura umukobwa we, ko buri mwana we amureka akaba icyo ashaka, Kagame yatanze urugero ku bahungu be avuga ko yifuzaga ko uko ari batatu baba abasirikare, ati: “ariko umwe arananira, ambwira ko atabishaka” ko we ashaka kujya muri ‘business’. Abahungu be Ian Kagame ubu ni umusirikare w’ipeti rya kapiteni mu mutwe w’ingabo zirinda umukuru w’igihugu, murumuna we Brian muri uyu mwaka na we yinjiye mu gisirikare ku ipeti rya sous-lieutenant/second lieutenant, naho mukuru wabo Ivan ni umushoramari muri Afurika no muri Amerika, akaba n’umwe mu bagize inama y’ubutegetsi y’ikigo cya leta gishinzwe iterambere, Rwanda Development Board.

Amaze kuvuga inzira abana be bahisemo, Kagame yagize ati: “Umwana w’umunyarwanda uwo ari we wese, harimo n’abanjye, akwiye kuba icyo ashaka kuba, agakora icyo ashaka kuba.”

Yongeraho ati: “Icyo mvuga rero ni uko uwo mukobwa [Ange] ngo nzagira perezida ntabwo nagira umuntu perezida ntibibaho, ntabwo byakunda, wenda nawe ntanabishaka.”

Ange Kagame ntabwo yigeze agaragaza ubushake bwo gusimbura se, kandi iyi ngingo we ntabwo arayivugaho, ku mugaragaro.

Scroll to Top