Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Blog

Blog, News

Ku mupaka wa Gatumba haboneka abanyagihugu bajana ibidandazwa muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, abandi babikuyeyo

Vyari bitegekanijwe ko ku mipaka yose Uburundi buhana na Kongo haca hamanikwa urutonde rw’ibidandazwa birenga 60 vyemerewe guhanahanwa mu buryo bworoheje hagati y’ibihugu vyompi.

Ariko abadandaza bavuga ko n’ivyo bitakozwe.

Noracique Nahishakiye avuga ko bataramenya ko barabirekura, “nta n’ubwo turabona n’aho vyanditse ngaha ibiteguwe kugira ngo tumenye ivyo twopakira”.

Aba badandaza bipfuza ko uwo mugambi woshirwa mu ngiro vuba kugira batore akoyoko.

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji basigura ko RECOS ari umugambi wagutse cane utaraba umupaka umwe gusa.

Onésime Niyukuri abuvugira, yabwiye Itangazamakuru ko uwo mugambi werekeye imbibe zitanu Uburundi buhana na Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.

Asigura rero ko hakiri ibiriko biratunganywa vyihuta kw’izo mbibe zose kugira umugambi uje mu ngiro ijana kw’ijana.

Avuga ati: “Ikintu ca mbere cari cihutirwa, kwari ugutanguza umugambi.

“Hanyuma rero ibiheza bikurikira bikorwe, harimo guha impapuro barya badandaza… ivyo kubaka, ivyo gushiraho vya bikoresho bikenerwa mu kugenzura abinjira n’abasohoka canke ayo mabarabara yandi azoba asabwa kubakwa…”

Niyukuri avuga ko uyu mugambi ari uw’imyaka ine, reta y’Uburundi ikaba yitezwe kuwutangako ibihumbi 90 vy’amadorari y’Amerika.

Mu bidandazwa birabwa n’uyu mugambi harimwo ubwoko butandukanye bw’ibitungwa, ivyimburwa, inyama, amafi, n’ibindi.

Blog, News

Minembwe muri Kivu y’Epfo, Imirwano Ikaze, abatuye mu Minembwe bavuga ko bari bamaze igihe mu gahenge badahunga imirwano

Gad Mukiza arongoye ako karere, avuga ko izo ntambara ziri hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho y’abanyamulenge ku ruhande rumwe, n’abo mu bwoko bw’Abafulero, Ababembe, n’Abanyindu ku rundi ruhande.

Bwana Mukiza avuga ko zatanguriye muri Segiteri ya Tombwe iri muri ‘Territoire ya Mwenga, hari kw’igenekerezo rya ndwi uku kwezi kw’icenda. Ubu zikaba zasubiriye.
Bwana Mukiza avuga ko Leta yarungitse ingabo muri ako karere kugira ngo zigarukane ituze, akibaza ko mu minsi mikeya abahunze bashobora gusubira mu zabo.
Izo ntambara ziva kuki?
Umunyamakuru wa Radio Televiziyo y’igihugu ca Congo, Mahoye Madiba Issa, ari mu karere ka Fizi, avuga ko izo ntambara zari zacureshe.

Ibi vyabaye inyuma y’aho abategetsi batari bake, harimwo abaserukira MONUSCO bagendeye ako karere kugira ngo basukemwo mabisi.

Ingwano ariko avuga ko zasubiriye busha muri iyi minsi n’abantu bakaba bataye ivyabo barahunga.

Aka gace kama mu ruhagarara rushingiye ku moko kuva mu myaka ya 1960.

Bwana Mukiza avuga ko kuva kera ubutegetsi butashoboye guhagarika izo ntambara.

Ati: “Ni Abanyamulenge barwana n’abaturanyi babo b’Abafulero, Ababembe n’Abanyindu. Ni ikibazo kigenda kigaruka kigafata isura y’amoko”.

“Ibintu bija kwunyurwa n’abanyepolitike babironderamwo inyungu zabo ari nabo bateranya abanyagihugu bafatiye ku moko”.

Iyo mirwano yasubiye kwaduka yatumye abantu ibihumbi bahungira mu bice bitandukanye vy’igihugu, abandi nabo bahungira mu bihugu bibanyi.

Bwana Mukiza avuga ko ku mugwa mukuru wa komine Minembwe honyene habarizwa impunzi zingana na 49.500 ahanini bagizwe n’Abanyamulenge.

Avuga ko hari n’igitigiri kitari gito kigizwe n’Abafulero, Ababembe n’Abanyindu bahungiye mu karere ka Fizi.

Avuga ko izo mpunzi ziri mu ngorane zikomeye kubera bigoye ko imfashanyo zibashikira kubera amabarabara atameze neza.

Blog, News

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko inyuma y’imyaka ine ari ku butegetsi ubu uravye ku rugero uburimyi n’ubworozi bigezeko “urabona ko umunwa wose ufise ico ufungura” kandi k“umufuko wose uriko urabomboka”.

Naho avuga ko imyidogo atari mike mu gihugu kubera iduga ry’ibiciro vy’ibiribwa, cane cane mu bisagara, Ndayishimiye avuga ko iyi si ari iy’ivyipfuzo vy’umubiri, ngo “umuntu biragoye ko anyurwa”.

Ati: “Abamaze kuronka umusesekara umufuko ukaronka bipfuza kugendera mu bihinda bisaba igitoro, bifuza kunywa agapfundikiye, bakipfuza kurya utuvuye mu bazungu ngo berekane ko bateye imbere.”

Yemeza ariko ko ari ukuri ko mu bisagara hari ikibazo c’imfungurwa zizimvye kubera gushikana ibicuruzwa biva ruguru mu bisagara aho batarima ari ingorane kubera igitoro.

Ati: “Nagira ndabaremeshe, indya mu Burundi ni ‘rya nawe’, ikigoye ni ukuva mu ntara zija muri izo ntara zirimwo abatunzwe no gusuma…kubera ibibazo vy’igitoro.”

Yasavye Abarundi kubumbwa n’ivyo bafise bagakomeza umwizero w’ejo heza.

Ijambo ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku myaka ine amaze ku butegetsi nta nkeka ko ryari ryitezwe cane. Kuko akwije iyo myaka igihugu kiri mu bihe bamwe bavuga ko kitari bwigere gicamwo.

Ubukene bw’igitoro n’ibindi vya nkenerwa buruta ubwo ibihe n’igihugu cari cugarijwe n’ibihano vy’akarere.

Ejo bundi igiporisi c’igihugu cashitse aho kibuza abantu gusiga imiduga yabo ku ma station aho ishobora kumara iminsi itondeye kuronka igitoro.

Ivyo bimaze imyaka hafi ibiri vyunyuka uko bukeye uko bwije. Imodoka ya Probox igeze aho itwara ”abana 20” ibajanye kw’ishure ni kimwe mu bimenyetso vy’aho ibintu bigeze.

Imvo nyamukuru, n’aho atari yonyene kandi nayo iterwa n’izindi nyinshi, ni uko igihugu gikenye amafaranga mvyamakugu -ama dorari- yo kugura ibintu biva hanze, na cane cane ico gitoro nyene.

Ukuri kw’ibicuruzwa ukurabira kw’isoko.

Aho naho idorari rimaze gushika aho rirenza 6.000 vy’amafaranga y’Uburundi. Ego muri banki ntirishika n’ibihumbi bitatu. Ariko abarikeneye barihabwa na banki bangana gute?

Umwimbu Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ari umusesekara ushobora kuba ahanini ari uwo gushira mu nkono. Si uwo ikawa canke ubutare uzanira amafaranga y’agaciro igihugu. Kandi n’ivyo vyo kurya hamwe vyoba birenze ivyo Abarundi bakeneye navyo nyene vyoshorwa mu bindi bihugu bikinjiza ayo mafaranga y’agaciro.

Ayahora ava mu mfashanyo z’amakungu nayo nyene ntarasubira gufata umurindi nk’uwo yari afise imbere y’uko Perezida Ndayishimiye ashika ku butegetsi. Aho ntaco yabivuzeko mw’ijambo ryiwe.

Umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca, mu minsi iheze we yaremanze imbere y’inama nshingamateka ko ata nyishu afise. Kandi we yaravuze ko izo ngorane zifise imizi mu bihano amakungu yari yarafatiye Uburundi hagati ya 2015 na 2020.

Mw’ijambo ryiwe, perezida Ndayishimiye ntiyaraye atomoye niba we afise canke ko adafise inyishu.

Abarundi bo bari biteze ko avuga ko azifise. Gusa Perezida Ndayishimiye avuga ko n’aho Abarundi bidoga ko babuze ‘iki’ -akarorero igitoro- ariko batidoga ko babuze ‘amahera yo kukigura’. Aho ahasize ikibazo. None Abarundi bafise amafaranga reta yabo ikayabura kandi amafaranga reta zose ziyakura mu banyagihugu bazo?

Ariko n’aho yaciye kure, ijambo rya Perezida Ndayishimiye birumvikana ko rihagaze ku bibazo vy’ubutunzi. Gusa ryirinda kwerekana ko ibihe burimwo bigoye cane.

Nk’ikibazo c’umutekano n’imigenderanire mu karere aho igihugu kibanyi c’Urwanda cakunda kugaruka cagirizwa guhungabanya Uburundi, muri iryo jambo nticacishijwe mu kanwa.

Blog, News

Ishyaka CCM rya Samia Suluhu ryatsinze amatora ku majwi 99% muri Tanzaia yose, ni ukuvuga ko igihugu cyose cyotoye ishyaka CCM Chama Cha Mapinduzi

Umunyamakuru w’ibiro ntaramakuru AFP mu mujyi wa Kigoma yatangaje ko yabonye abatora barwana kubera ibyo bamwe bavugaga ko ari impapuro mpimbano z’itora, byatumye bamwe bafungwa.

Amategeko agenga amatora avuga ko umukandida utanyuzwe n’ibyayavuye mu matora afite uburenganzira bwo kuregera inkiko z’uturere akajuririra ibyayavuyemo.

Iyi ntsinzi ya CCM ishobora kuba ishusho y’amatora ya perezida yo mu 2025.

Perezida uriho ubu – Samia Suluhu Hassan – biteganyijwe ko aziyamamaza nk’umukandida wa CCM. Yagiye ku butegetsi asimbuye uwo yari yungirije John Pombe Magufuli wapfuye mu 2021 ataramara umwaka atangiye manda ye ya kabiri.

Blog, News

NDARAHIYE Wowe ntiwajya mumaguru yanjye Wa musaza we Irari rirankwishe Murumuna wa Kanyombwa akoze ibara Bwa mbere ku isi abagurisha igitsina bemerewe ikiruhuko cy’ababyeyi gihemberwa, ubwishingizi, na pansiyo

Victoria abona kugurisha igitsina nka serivisi kuri sosiyete
Iri tegeko ry’Ububiligi ryakurikiye amezi menshi y’imyigaragambyo mu 2022, kubera kubura ubufasha bwa leta mu gihe cy’icyorezo Covid.

Umwe mu bari bayoboye iyo myigaragambyo ni Victoria, akuriye ihuriro ryitwa ‘Union of Sex Workers (UTSOPI)’ mu Bubiligi, kandi mbere yakoze ako kazi imyaka 12.

Kuri we, yari intambara bwite. Victoria abona ‘uburaya’ nka serivisi kuri sosiyete, kuko imibonano mpuzabitsina ngo iba igizwe na 10% gusa by’ibindi bikorwa mu kazi.

Ati: “Ni uguha umwanya abantu, kumva inkuru zabo, gusangira na bo, guceza na bo…mbese ni ukurwanya irungu no kuba wenyine”.

Ariko kuba akazi ke katari kemewe n’amategeko mbere ya 2022 byari biteje ibibazo. Yakoreye mu buryo bugoye, nta mahitamo ku bakiliya kandi abakoresha bagatwara igice kinini cy’amafaranga yinjije. Victoria avuga ko yigeze gufatwa ku ngufu n’umukiliya wari waramurarukiye.

Yagiye kuri polisi aho avuga ko umupolisikazi yamufashe “nabi cyane”.

“Yarambwiye ngo abagurisha igitsina ntibashobora gufatwa ku ngufu. Yanyumvishije ko ari ikosa ryanjye, kuko nkora ako kazi”, Victoria avuga ko yavuye kuri iyo stasiyo ya polisi arimo kurira.

Buri wese ukora aka kazi twavuganye yatubwiye ko byanze bikunze hari ubwo bahatiwe gukora ikintu badashaka.

Kubera ibyo, Victoria yemera cyane ko iri tegeko rizahindura imibereho yabo.

Ati: “Niba nta tegeko ririho kandi akazi kawe katemewe, nta kiba kikurengera. Iri tegeko riraha abantu ibibarengera.” Alexandra na Kris bavuga ko bafata neza abakozi babo
Abakoresha bagenzura abakora aka kazi na bo iri tegeko rishya ribemerera gukora byemewe n’amategeko – mu gihe bakurikije ingingo z’iri tegeko. Uwigeze guhamwa n’icyaha gikomeye ntabwo azemererwa gukoresha abakozi bagurisha igitsina.

“Ntekereza ko business nyinshi zizafunga, kuko benshi mu bakoresha bafite ibyaha byabahamye”, biravugwa na Kris Reekmans. We n’umugore we Alexandra bafite inzu itanga izo serivisi hamwe na ‘massage’ ku nzira yitwa Love Street mu mujyi muto wa Bekkevoort mu Bubiligi.

Hari huzuye ubwo twajyaga kubasura – si ibintu twari twiteze ku wa mbere mu gitondo.

Batweretse ibyumba bitatse cyane birimo ibitanda bikorerwaho ‘massage’, ibitambaro byo kwihanagura n’amakanzu, ‘tubs’ z’amazi ashyushye hamwe n’ubwogero (piscine/swimming pool).

Kris n’umugore we bafite abakozi 15 bagurisha igitsina, kandi bavuga ko babafata neza mu cyubahiro, kubarengera no kubahemba imishahara myiza.

Kris ati: “Nizeye ko abakoresha babi bazabafungira, maze abantu beza bashaka gukora aka kazi nta buhemu bagakomeza – baniyongera bikaba byiza kurushaho”.

Erin Kilbride wo muri Human Rights Watch na we abibona atyo – avuga ko mu gushyiraho amabwirizaagenga abakoresha, itegeko rishya “rizagabanya cyane imbaraga bagira ku bacuruza igitsina”.

Scroll to Top