Abode Tidings

Blog

Blog, News

Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bari baje gushigikira Onana. Charles Onana yasabiwe ibihano vy’akarorero

Hamili yavuze ko yanabaye umukuru w’abunganizi (avocats) bose ba TPIR.

Uwo mugabo yemeje ko ibiri mu gitabo ca Onana no muri sentare mpanavyaha yashiriweho Urwanda vyavuzwe .

Hamuli yavuze kandi zimwe munnyandiko ziri mu bubiko bw’inyandiko (archives mu gifaransa) z’iyo sentare zerekana ko ivyo Charles Onana yavuze vy’abahutu bishwe n’abasirikare ba FPR bakiri inyeshamba zibigaragaza.

Rethy Hamuli yavuze ko n’abari mu gisirikare ca kera ”FAR” ku ntwaro y’uwari president w’Urwanda Juvenal Habyarimana yaburaniye hari abambitswe izera na sentare kuko basanze ivyo babagiriza ari ibinyoma.

Hamili yagirije ishirahamwe ry’abacikacumu Ibuka ryo mu Rwanda na reta y’Urwanda kugerageze gushira igitutu kuri iyo sentare, ivyatumye n’abambitswe izera na sentare vyanka ko baronka ikindi gihugu kibakira kubera igitutu leta y’Urwanda yashira ku bihugu vya Buraya vyipfuza kubakira nk’impunzi .

Hamili yarangije avuga ko uwuvuze ko hariho ubwicanyi bwakorewe Abahutu nk’uko Onana yavyanditse mu gitabo ciwe atoca yitwa uwuhakana jenoside yo mu Rwanda.
Kabanda yanagarutse no kw’ijambo ry’uwahoze ari umukuru w’Urwanda w’imfatakibanza/inzibacyuho Theodore Sindikubwabo yavugiye mu cahoze ari perefegitura ya Butare mu majepfo y’Urwanda, aho avuga ko yakoresheje ijambo ”kora” ivyo wewe yise ko kwari guhamagarira guhonya Abatutsi.

Yarangije asaba ko guhakana ko habaye jenoside ari ugutoneka imiryango y’ababuze ababo, nayo kubona Charles Onana yayise ubuswaganyi ”escroquerie” mu gifaransa ata kindi bigamije atari guha inguvu aboba bipfuza gukora iyindi jenoside aho bari kw’si hose.

Hakurikiye Jean François Dupaquier, umufaransa w’imyaka irenga 80 yumvirijwe nk’icabona c’abitwariye Charles Onana.

Dupaquier, umwanditsi yahoze ari ni umunyamakuru ni umuhinga w’akarere k’ibiyaga binini mu ntahe yiwe yagaragaje agashavu ariko avuga ibiri mu gitabo ca Charles Onana aho yakoresheje amajambo akarishe mu kucita ko ari ibintu bitagira umutwe n’amaguru ”idioties” mu rurimi rw’igifansa.

Dupaquier yibukije sentare ko yari umuhinga muri sentare yashiriweho Urwanda TPIR ko ibiri muri ico gitabo ca Onana casohowe na Damien Sirieix mu nzu yiwe yo gusohora ibitabo L’Artilleur ata na hamwe vyigeze bivugwa, akabona ko igitabo nk’ico ataho gitaniye n’imvugo aba Nazi ba Hitler bakoresha mu kwankisha Abayahudi ”shoah” mu rurimi rw’Igiheburayo .

Afise ibinyamakuru mu ntoke vyanditswe imbere ya jenoside nka Kangura n’ibindi, Dupaquier yarangije asaba sentare ko amajambo ari mu gitabo ca Onana ata kindi umuntu yoyita atari guhakana jenoside vyeruye, hakwiye ibihano vyeruye kugira vyihanikirize abanditsi nk’abo bahakana jenoside zabaye kw’isi .

‘Abantu nka Onana ntibakwiye kwidegemvya’-abunganira abamwitwariye
Hakurikiye uwaserukiye ishirahamwe ry’abacikacumu Survie, rimwe mu yitwariye Charles Onana. N’aho atashimye ko umwidondoro wiwe uja ahabona nawe nyene yasavye ko Charles Onana yohanwa bikwiye kubera igitabo yanditse gihakana jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda.

Ku mugoroba w’ijoro ahagana isaha imwe imwe y’ijoro niho sentare yaha ijambo rya nyuma abunganira ababurana kugira basozere imburano.

Abunganira amashirahamwe indwi yitwariye Charles Onana na Damien Sirieix nibo bafashe ijambo ubwa mbere.

Uko ari abunganizi indwi batakambiye sentare gufata ingingo ya kigabo yo kubuza ko abahakana jenoside zabaye kw’isi kubandanya bakora mu bisebe abacikacumu bazo kuko ari ukubica kabiri.

Bongeye babwira sentare ko uwitwariye Onana atari reta y’Urwanda ahubwo ari abarwanya jenoside bo kw’isi yose ari naco gituma abantu nka Onana badakwiye kwidegemvya kugira guhakana jenoside ntibibe umuco kw’isi.

Blog, News

Gatoni Rosine Guilene avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, ariyamiriza ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi Amnesty International kivuga ko reta ituratuza abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru.

Burundi: Rosine Guilène Gatoni niwe ahejeje kugenwa mu mabanga yo kurongora ibiro vy’umukuru w’igihugu bijejwe gutanga amakuru no kuvugira umukuru w’igihugu.
Umu jeune Rosine Guilène akaba asanzwe ari umunyamabanga w’inama nkuru y’Urwaruka ku rwego rw’igihugu akongera akaba n’umuyobozi mukuru w’ubuhinga bwa none mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru.
Ayo mabanga akaba yahora aramutswa Alain Diomede Nzeyimana.

Blog

Perezida Evariste Ndayishimiye agishika ku butegetsi, bamwe mu bapfungwa nk’abamenyeshamakuru bararekuwe, ariko nyuma abandi batabwa muri yompi

Icegeranyo c’iryo shirahamwe kivuga ko uko kurekurwa kwahuriranye n’utwigoro two gusubiza hamwe n’amakungu cane cane Ubumwe bwa Buraya (EU) n’ibihugu bigize iryo shirahamwe.

Bamwe mu bihweza ibintu n’ibindi bari bizeye ko uko kurekurwa cari ikimenyetso co gusubira kwiyemeza kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Muri Ruhuhuma ( ukwa 2) 2022, EU na reta y’uburundi baramenyesheje ko abategetsi b’ico gihugu biyemeje guteza imbere agateka ka zina muntu, co kimwe n’intwaro ibereye no kwubahiriza amategeko, ariko ico cegeranyo gisigura ko icizere cose c’uko ibintu bigiye guhinduka camaze umwanya urume rumara.

Amnesty International ivuga ko yavuganye n’abantu 30, irihweza inyandiko zo mu bucamanza, amakuru yavuzwe n’ibimenyeshamakuru, amajambo y’abategetsi n’amatangazo.

Iryo shirahamwe rivuga ko ryandikiye reta y’Uburundi kugira igire ico ibivuzeko ariko gushika ubu ngo nta nyishu riraronka.

Agatotezo karabandanya
N’aho abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru bari bahagaritswe prezida Ndayishimiye atarashika ku butegetsi barekuwe, abandi barasubiye guhagarikwa hadakurikijwe amategeko.

Aha ico cegeranyo kigaruka ku mushingwamanza Germain Nkina yahagaritswe muri Gitugutu (ukwa 10) 2020, uwahoze ari umushingamateka Fabien Banciryanino n’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye yari yahagaritswe muri Myandagaro (8) 2022. Bose ubu bakaba bararekuwe.

Tigere Chagutah avuga ko “ivyaha bijanye no ‘kugumuka’ no ‘guhungabanya umutekano w’imbere mu gihugu’ ari vyo bibandanya kwegekwako abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru.

“Ukuntu ivyo vyaha bikoreshwa mu gucecekesha abatavuga rumwe na reta, n’igitutsi ku gateka ka zina muntu, cane cane ku burenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro, bwo kugira ishirahamwe no kugira ikoraniro mu mutekano.”

Blog, News

Abanyamulenge baba mu Bwongereza, i Buraya na Amerika bibutse ababo baguye mu bwicanyi mu Gatumba, bashinga ibuye mu Bwongereza ry’urwibutso rw’ababo biciwe mu Gatumba haraheze imyaka 20. – Duplicate – [#2282]

Abanyamulenge batuye mu Bwongereza, i Burayi no ku mugabane w’Amerika bibutse ababo biciwe mu Nkambi ya Gatumba mu Burundi.

Harizindi Genocide zagiye zikorwa ariko zitemewe, hari iyakozwe mu Burundi mu mwaka wa 1972 ndetse niyi yakorerwe Abanyamulenge mu Gatumba

Scroll to Top