Itangazamakuru ntiryashoboye guhinyuza ibi vy’uko yakoreweho ivyo bikorwa vyo kuborezwa igufa (torture).
Ababa mw’ikambi ya Nduta bavuga ko babwiwe ko ikambi yabo izokwugarwa mu kwa gatatu kw’umwaka uza.
Umwe mu baba muri iyo kambi tutavuga izina ku mvo z’umutekano wiwe, yabwiye itangazamakuru ko intonde nk’izi zimanitse, na bo nyene bagategekwa kwiyandikisha imbere y’itariki 30 Munyonyo.
“Inyuma y’iyo tariki, ibizoba ntavyo tuzi, ariko gusa dufise ubwoba ko dushobora kuzogirirwa nabi, tugahungurwa ku nguvu”, niko avuga.
Avuga ko yahunze ari umunyeshure, yiga mu mwaka w’icenda, ishure ntiyashimye kurivuga, ariko ko atashoboye kubandanya amashure yiwe.
Avuga ko kuva izi ntonde zimanitswe hari abatanguye kwiyandikisha ariko ko wewe atarota yiyandikisha. “Nzokwomoka mve muri iki gihugu”, niko na we nyene avuga.
Intureka zadutse mu 2015 biturutse ku kutumvikana ku kiringo cagira gatatu c’umuhisi Perezida Petero Nkurunziza zatumye Abarundi batari bake bahungira mu bihugu bitandukanye, harimwo na Tanzania.
Abahungiye muri iki gihugu bashizwe mu makambi abiri yo mu ntara ya Kigoma ihana urubibe n’Uburundi, ikambi ya Nyarugusu iri mu karere ka Kasulu, ikaba yari isanzwe irimwo impunzi z’Abakongomani, hamwe na Nduta iri mu karere ka Kibondo.
Uko hagiye haba ituze mu Burundi, niko abatari bake bagiye batahuka, ariko kandi haracasigaye abakiri muri ayo makambi, babona ko batohunguka, nubwo bagiye bahimirizwa n’abategetsi b’Uburundi na Tanzania.
Gushika ubu, ibiharuro vya UNHCR vyo gushika ku wa 31 Gitugutu 2025, vyerekana ko ikambi ya Nduta irimwo Abarundi bababa 55.800, nayo Nyarugusu ikaba irimwo abababa 10.000.
Ntibwoba ari ubwa mbere impunzi zirukanywe muri Tanzania
Kuva Uburundi bwikukira mu 1962, bwagiye burangwamwo indyane zatumye Abarundi batari bake bahungira muri Tanzania.
Gushika ubu hari Abarundi bakiri muri ico gihugu bahunze intureka zo mu 1972, mu makambi ya Mishamo, Katumba na Ulyankulu, bobo ni nk’uko batagiterwa igitsure ngo bahunguke, mu gihe muri bo hari abamaze no guhabwa ubwenegihugu.
Intureka zadutse mu 1993, inyuma y’igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye ni zo zatumye iki gihugu cakira igitigiri kinini cane c’impunzi z’Abarundi, zakonganirijwe mu makambi yababa cumi, mu ntara za Kigoma na Kagera.
Amahoro agarutse, abari bananye guhunguka bahunguwe ku nguvu mu 2012 aho bari barakoranirijwe, mw’ikambi ya Mtabila yari mu karere ka Kasulu.
Inyuma y’imyaka itatu, hasubiye kwaduka izindi ntureka zatumye haba abandi Barundi bahungirayo, ubu bakaba bakonganirijwe muri aya makambi abiri, Nduta na Nyarugusu, aho bariko bategekwa guhunguka.
Bavuga ko babwirwa ko ari nka hamwe bokwanka gutaha ku neza, bazokwirukanwa nka bagenzi babo bari i Mtabila mu 2012.
Aya makambi y’Abarundi vuba arugarwa
Sudi Mwakibasi yabwiye itangazamakuru ko reta ya Tanzania yafashe iyi ngingo yo kumanika izi ntonde mu ntumbero yo kubahimiriza ngo biyandikishe ku bwinshi.
Mwakibasi avuga ko igikorwa co guhungura impunzi mu bisanzwe catanguye mu mwaka wa 2017, ariko ko ubu zitazi ziciyandikisha ngo zitahuke.
Ati: “Mu nama y’inyabutatu twagize i Bujumbura mu kwezi kwa Kigarama (12) umwaka uheze hagati ya reta ya Tanzania, reta y’Uburundi na UNHCR, twari twumvikanye guhungura 3000 ku ndwi, ariko nokubwira ko kuva mu kwa mbere uno mwaka gushika ubu tuvugana, impunzi tumaze gutahukana ntizinashika 4000 muri aya mezi yose.
“Ni ukuvuga igitigiri twumvikanye guhungura ku ndwi ni nk’uko gushika ubu tutaragishikana”.
Hagati aho, mu gihe izi mpunzi zifise ubwoba ko inyuma y’aho zishobora kuzohungurwa ku nguvu, Mwakibasi arabihakana.
Ati: “Ni hashika igenekerezo rya 30 Munyonyo tukabona ata cahindutse, tuzoca turaba iyindi nzira”.
Gusa, avuga ko bategekanya kwugara aya makambi vuba, bikaba bitegekanijwe ko ikambi ya Nduta yugarwa mu kwa gatatu kw’umwaka uza, nayo uruhande rw’impunzi z’Abarundi ziri muri Nyarugusu rukazokwugarwa mu kwa gatandatu, nk’uko abivuga.