Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

News

Blog, News

 Libertas Ezako yari afise imyaka ibiri, Nakuze mfitiye ishavu abishe data Ndadaye, ariko ubu ndabumvira ikigongwe’ – Libertas Ezako

Mu matora yo ku wa 01 Ruheshi (6) 1993, Frodebu yatahukanye intsinzi ku majwi arenga 65%.

Laurence Ndadaye yibuka ko bariko baratangaza amajwi, imitima yari mu kirere.

Ati: “Abasomye ivyavuye mu matora, bahereye ku barushijwe bahereza ku watsinze.

“Imitima yari mu kirere.

“Bavuze ko Frodebu yatsinze, humvikanye akaruru k’abantu banezerewe hirya no hino.

“Ku musi wo gushikiriza ubutegetsi, nanejerejwe no kubona abantu ku mabarabara buzuye akamwemwe.”

Prezida Melchior Ndadaye yamaze imisi 102 gusa ku butegetsi. Aho ngo yari amaze guhakwa kugandagurwa mbere bamwe mu bagirizwa ico caha bari mu mvuto. Igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye
Itariki 20 z’ukwezi kwa cumi mu 1993 hari ku musi wa gatatu.

Prezida Melchior Ndadaye yari yiriwe mu nama nshikiranganji hanyuma ngo aratahuka nk’uko vyahora, ashika nk’isaha zibiri z’ijoro.

“Hariho ikintu kitagenda neza”, uko ni ko yashitse abwira umugore wiwe.

Ariko ngo Ndadaye ntiyaduduriyeko neza.

Ariko, Laurence Ndadaye ngo yari yumvise urukurukuru ruvuga ko hashobora kuba ‘coup d’Etat’.

Abandanya avuga ko prezida yahamagaye umuntu (atavuze izina) amubaza “mbe ba bantu bapfunzwe, ahantu bari haracungerewe bikwiye?”

Uwundi yaramwishuye ati: “Ego”.

Laurence avuga ko abo bantu yabaza bari abari bahatswe kumutembagaza ku butegetsi ataranabushikirizwa.

Abandanya avuga ko hagati y’isaha zitandatu n’isaha imwe y’ijoro ari ho hatangura ibitero vya muzinga ku kirimba.

Agira ati: “Vya muzinga vyarungikanije ku mpome no ku nzu hejuru gushika mu gitondo.

“Ndadaye we yari yaciye asohoka hanze.

“Mu gitondo ni ho abasirikare badukura mu nzu twambaye impuzu zo kurarana duca dusanga umucance wanje muri blindé aho bamushize”.

Laurence Ndadaye avuga ko baciye babazungurukana gushika no mw’ikambi ya Muha.

Aho ngo bararonse akanya ko kuvugana gato, aramubwira abantu yashoboye guhamagara bavuganye, n’abo yabuze, bivugwa ko boba bari bamaze gufatwa, nka Pontien Karibwami yari umukuru w’inama nshingamateka (mu mategeko ni we yari guca amusubirira mu mabanga y’umukuru w’igihugu) na Richard Ndikumwami yatwara iperereza.

Ndadaye ngo yamwishuye “ndi sûr [ndazi ata nkeka] ko bamaze kubica”.

Laurence avuga ko baciye babona abasoda bambaye inkofero zitukura bavuye mu yindi kambi iri haruguru bavuga bati “Ari he? Ari he? Muduhe muduhe!”.

Ngo bari bashushe rwose.

Abandanya avuga ko umusoda yitwa Gakoryo yaciye aza muri blindé amubwira ko abasoda bagumutse. Amubaza n’ico bokora.

Ndadaye na we amusaba ko amukura muri blindé, abasoda bamubone, abahumurize ari ico basaba canke bashaka kumubwira bakivugane.

Ndadaye avuye muri blindé yababwiye ati: “Muvuge ico mushaka, tuganire tucumvikaneko, mugabo ndabasavye mwibuke imiryango yanyu, abavyeyi banyu n’igihugu ntimukore amaraso”.

Laurence Ndadaye avuga ko abasirikare baciye bakoma induru “genda wewe nta co utubwira na kimwe, genda… n’induru nyinshi”.

Prezida Ndadaye ngo yaciye yururuka aragenda.

Mu nyuma Col Bikomagu yatwara ibiro bikuru vya gisirikare ngo yaciye aha itegeko umusirikare gukura Laurence Ndadaye n’abana biwe mw’ikambi ya Muha ariko atamubwiye iyo abajana.

Laurence Ndadaye aca yicagurira guhungira mu nzu y’Ubuserukizi bw’Ubufaransa.

Avuga ko yagiye kumenya ko Ndadaye yishwe ateba, kuko aho yari ari ata makuru yakurikirana.

Uwaje kumubikira akaba ari umuhisi musenyeri Bernard Bududira.

Muri ubwo buserukizi yahavuye ubutegetsi bwari buhari ico gihe bumusavye kuba arakinjura akaja kuruhukira mu Bufaransa canke mu Bubiligi.

Yahisemwo Ububiligi aho gushika n’ubu abana biwe baba. Laurence Ndadaye n’umukobwa wiwe Libertas Ezako i Bujumbura mu Burundi
Urubanza rw’abishe Ndadaye
“Urubanza rwatevye rukamara imyaka 30 rudaciwe jewe nibaza ko rutaba ruriko ruracibwa”, uko ni ko Laurence Ndadaye avuga.

Avuga ko umuryango witwaye, umugambwe yakomokamwo uritwara n’igihugu kiritwara.

Ubu rero ngo ntazi ururiko ruracibwa urwo ari rwo, ngo ariko barindiriye ikizovamwo.

Laurence Ndadaye agira ati: “Turatuntura ku mutima, ukibaza uti none naratsinzwe? Ninaba naratsinzwe ntanga amagarama angahe?

“Ukibaza uti ‘none naratsinze? Ninaba naratsinze ko atawampaye impozamarira?’

“Turarindiriye rero ko batumenyesha icavuyemwo duheze tuvuge tuti: ashiiiiiii”.

Na yo kuri Libertas Ezako, umwana w’umuhererezi wa prezida Ndadaye avuga ko “igihe cose hataraboneka ubutungane kuri Ndadaye n’abandi bishwe muri kirya gihe, bizogorana kuvyakira kugira tuje mu bikorwa vyo kwiteza imbere

Blog, News

Abashumba batandatu bari mu bashinze itorero Zion Temple barasaba urukiko rwisumbuye rwa Gasabo kwemeza ko Apôtre Paul Gitwaza atakiri umuvugizi waryo.

Gusa abunganira abatanze ikirego bo bavuga ko RGB ari ikigo cyigenga kitagira urwego rukiri hejuru.

Ku ruhande rwabo, abunganira abatanze ikirego bavuga ko cyatanzwe mu izina rya Authentic Word Ministries/Zion Temple kandi ko byakozwe n’ababifitiye ububasha nyuma yo kwirukana Paul Gitwaza wayoboraga umuryango ndetse akaba ari n’umwe mu bawushinze.

Bavuga ko kwirukana Gitwaza bari babifitiye ububasha kuko inama y’abashinze umuryango yemerewe gushyiraho ndetse no gusezerera umuvugizi w’umuryango, ari na we muyobozi wawo.

Gusa icyemezo aba bashumba bafashe mu kwezi kwa kabiri k’umwaka ushize cyaje guteshwa agaciro na RGB, ivuga ko byakozwe binyuranyije n’amategeko.

Abatanze ikirego basaba urukiko gutesha agaciro iki cyemezo cya RGB, na bo bavuga ko kinyuranyije n’amategeko kandi ko iki kigo cya leta cyivanze mu miyoborere y’umuryango wigenga.

‘Amategeko ya rwihishwa’
Abashumba batandatu bitandukanyije na Gitwaza bavuga ko icyemezo cya RGB kimushyigikira kirimo inenge.

Bashinja RGB gushingira ku mategeko agenga umuryango yakozwe rwihishwa mu mwaka wa 2019 mu buryo bunyuranyije n’amategeko, abashinze umuryango bose batabizi.

Aho ni ho na Pastor Jean Bosco Kanyangoga azira mu kirego kuko ashinjwa gufatanya na Paul Gitwaza mu gushyira umukono ku mategeko y’umuryango abandi bawushinze batabizi.

Izi mpaka zigomba kubanza gukurwa mu nzira mbere y’uko urubanza nyirizina rutangira, icyemezo cy’urukiko kikaba gitegerejwe ku itariki ya 24 z’uku kwezi kwa 11.

Zion Temple ni rimwe mu matorero mashya ariko yahagurukanye imbaraga nyinshi cyane ndetse rikaba ribara abayoboke batari bake barigiyemo bavuye mu yandi madini amenyerewe.

Uretse mu Rwanda no mu Burundi, iri torero ryari ryaragabye amashami ahatari hake ku migabane y’u Burayi n’Amerika.

Blog, News

 Nelly Mukazayire wari Umunyamabanga Uhoraho muri Minisiteri ya Siporo. Ubwo yamenyaga ko yagizwe Minisitiri wa Siporo, yasezeranyije Umukuru w’Igihugu ko yiteguye guteza imbere siporo guhera mu mizi.

Perezida Kagame yagize Musabyimana Jean Claude Umunyamabanga Nshingwabikorwa muri Komisiyo y’Igihugu y’Amatora (NEC). Musabyimana yabaye Minisitiri w’Ubutegetsi bw’Igihugu kuva mu Ugushyingo 2022 kugeza mu Ukwakira 2024.

Musabyimana yijeje Umukuru w’Igihugu kurushaho gukorana umurava n’ubwitange, ati “Nongeye kubashimira Nyakubahwa Perezida wa Repubulika, Paul Kagame, icyizere mwangiriye cyo gukomeza gutanga umusanzu wo kubaka u Rwanda muri NEC. Ndabizeza kurushaho gukorana umurava, ubwitange n’ubushishozi.”

Vincent Karega wahagarariye u Rwanda mu bihugu birimo Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo, yagizwe Ambasaderi wihariye ushinzwe akarere k’ibiyaga bigari, yizeza Umukuru w’Igihugu ko umusanzu we mu kubaka u Rwanda uzakomeza kuba ntayegayezwa.

Uyu mudipolomate yagize ati “Murakoze Nyakubahwa Kagame. Ntewe ishema n’icyubahiro n’icyizere mukomeje kungirira ngo ntange umusanzu mu rugendo rwo guteza imbere u Rwanda. Umurava n’ubunyangamugayo ku nshingano mfite ku gihugu bizaguma ku rwego rwo hejuru, bibe ntayegayezwa. Karame Rwanda.”

Dushimimana Lambert wabaye Guverineri w’Intara y’Uburengerazuba yagizwe Ambasaderi w’u Rwanda mu Bwami bw’u Buholandi. Yasezeranyije Umukuru w’Igihugu ko azateza imbere indagagaciro z’u Rwanda muri iki gihugu azakoreramo.

Yagize ati “Mwakoze Nyakubahwa Perezida Paul Kagame ku cyizere mwangiriye, mungira Ambasaderi. Niteguye guhagararira igihugu cyacu, mu bunyanyamugayo n’ubwitange, no guteza imbere indangagaciro z’u Rwanda mu Buholandi. Ni ukuri nciye bugufi ku bw’icyizere mufitiye ubushobozi bwanjye.”

Impinduka muri Guverinoma zaherukaga tariki ya 18 Ukwakira 2024. Icyo gihe Perezida Kagame yagize Dr Patrice Mugenzi Minisitiri w’Ubutegetsi bw’Igihugu, agira Dr Mark Bagabe Cyubahiro Minisitiri w’Ubuhinzi n’Ubworozi.

Blog, News

Abakozi bo ku kibuga c’indege ca JKIA baragize yegereyegere inyuma yaho Nelson Amenya ashiriye ahabona ido n’ido ry’ayo yavugwa ko agiye kuba amasezerano

Icegeranyo co muri Ndamukiza (4) cakozwe n’urwego rutwara ibibuga vy’indege ku nteguro y’ayo masezerano cerekanye ko ata mugambi wo kubimenyesha abo vyerekeye wari uhari.

”Aho hari mu kwezi kwa kane, mu kwezi kw’indwi igihe nashira ukuri ahabona, nta na kimwe bari bwakore ngo basabe ivyiyumviro vy’abanyagihugu. Wari umwumvikano wo mu mpisho, kandi ico gihe hari hasigaye ukwezi kumwe gusa ngo bashire umukono ku masezerano,” niko Amenya avuga.

“Maze gushira ahabona uwo mwumvikano niho baca bagerageza gihutihuti kuza gusaba ko abanyagihugu botanga ivyiyumviro – baciye bahamagara abakozi bo ku kibuga c’indege batangura kugira inama n’abo vyerekeye”.

Abategetsi batandukanye n’ibisata vya reta barahakanye ko ata biturire vyarimwo muri uwo mugambi mu nyuma abategetsi baranashira umukono ku wundi mugambi uciye miriyoni nyinshi n’ico kigo nyene Adani Group – uwo nawo wari werekeye kwubaka inzira zitwara umuyagankuba.

Ikigo Adani Group cavuze ko ivvyavugwa na Amenya bitagira ishingiro kandi vyari bigamije kwonona.

Umuvugizi yabwiye itangazamakuru ko “integuro y’ayo masezerano yari yisunze amategeko agenga ugukorana n’abikorera utwabo kandi ko yari agamije gutunganya ikibuga ku rwego mpuzamakungu hanyuma hatezwe imbere bimwe bifadika ubutunzi bwa Kenya mu gutanga ubuzi kandi bwinshi”.

Adani Group ivuga kandi ko ata masezerano yigeze ashirwako umukono kuko “ibiganiro bitashitse ku ntambwe y’umwumvikano ntabanduka”.

Ico kigo kivuga kandi ko integuro y’amasezerano ku muyagankuba yari akurikije amategeko kandi kigahakana civuye inyuma “ibivugwa ko harenzwe amategeko ya Kenya mu bikorwa vyacu n’ivyo twerekana ko twokora.

“Umugambi wose twiyemeza gukora ugengwa no kwubahiriza ibisabwa, ugukorera ku mugaragaro no kwisunga amategeko y’ibihugu dukoreramwo”, nk’uko itangazo rivuga. Nelson Amenya, umunyeshule ‘yakijije’ Kenya
Ariko kuba Amenya yashize ahabona ivy’uwo mwumvikano sivyo vyatumye reta ihindura ingendo.

Kenya yagiye kugira ico ikoze inyuma y’aho abategetsi ba Reta Zunze Ubumwe za Amerika bitwariye muri sentare Gautam Adani ku ruhara yashobora kuba afise mu kamaramaza ko gutanga ibiturire vy’amafaranga angana na miriyoni 250 z’ama dorari ($250.000.000).

Abaserukira ikigo Adani Group barahakanye ivyo bagirizwa n’abashikirizamanza bo muri Amerika bavuga ko bitagira ”ishingiro”.

Mw’ijambo yashikirije igihugu imbere y’inama nshingamateka mu kwezi guheze, umukuru wa Kenya Willian Ruto yatangaje ko amasezerano na Adani yompi afuswe.

“Dufatiye ku vyemeza ntaharirizwa canke amakuru yo kwizera yerekeye ibiturire, sinzohingitanya gufata ingingo”, niko Ruto yavuze mw’ijambo ryakomewe amashi cane mu nama nshingamateka.

Abanya-Kenya barakeje iyo ngingo Ruto yavuze ko yaturutse ku makuru mashasha yatanzwe n’inzego z’amatohoza hamwe n’ibihugu bifashanya na Kenya.

“Nari mw’ishure igihe iyo ngingo yatangazwa. Sinemera ko ari vyo”, niko Amenya avuga.

“Nibaza ko nkiyumva nakoroye amosozi. Nari nezerewe cane”.

N’ubwo atibona nk’intwari, ubutumwa bwo kumushigikira bwaracanacanyeko buva irya n’ino harimwo no mu Buhindi.

Iminota 40 icigwa giheze, yaciye yandika kuri X amajambo kuva ubu yabaye rurangiranwa: “Adios Adani!!” – ni agasaga Adani.

“Cari igihe gikomeye…Ivyo nakoze vyose amaherezo vyaragize ico bishikako”.

Ariko uko kwiyumva ko yashitse ku ntsinzi kwaje inyuma y’amezi atari make atorohewe kandi hari abamuremera.

Amaze gushira ahabona ibijanye n’uwo mwumvikano ku kibuga c’indege, Amenya yaritwariwe muri sentare yagirizwa kwambika ibara n’uwuserukira ikigo Adani Group muri Kenya, yitwarirwa kandi n’umunyaporitike wo muri Kenya, bituma yijijanya imitima niba yobandanya.

Avuga ati: “Hari abantu bo muri reta baza kundaba, hari n’abambwira ko bompa amafaranga, bambwira ngo: ‘Akira amafaranga hanyuma uhagarike iyo ntambara na reta”.

“Ryari kuba ribaye ikosa rya mbere ribi mu buzima bwanje iyo ndabiheba, nari kuba mpemukiye abanya-Kenya”.

Ariko inyuma yo gufuta ayo masezerano, perezida Ruto n’ubu aracibaza igituma aba-Kenya bagwanya uwo mugambi n’iyindi myinshi ashira imbere. Avuga ko azorondera inzira yo kunagura ikibuga c’indege.

“Narabonye bavuga ngo abahagaritse kunagura ikibuga c’indege cacu ni intwari. Intwari? Wunguka iki iyo uhagaritse iyubakwa ry’ikibuga c’indege mu gihugu cawe?” niko Ruto yabajije mu rubanza yari arimwo mu kwezi kwa Kigarama.

“Ntuzi n’ingene kigiye kwubakwa, kandi abagwanya uwo mugambi nta n’ikirenge barahonyoza ku kibuga c’indege, ni ukugwanya umugambi gusa”.

Amenya, n’ubu agihanganye n’ibirego vyo kwambika ibara, ubu ariko araterereza amafaranga yo kumufasha kuburana, kandi avuga ko kazoza kiwe muri Kenya kari mu mayira abiri.

“Ndamaze guterwa ubwoba n’inzego zizwi z’igendereza kandi hari abantu muri Kenya bangabishije ko ntosubira mu gihugu kuko hari abantu barakajwe cane n’ivyo nakoze”, niko avuga.

Ni ikiguzi kinini ariko Amenya avuga ko yiteguye kwongera gutanga n’umutima mwiza.

Ati: “Ntidukeneye kurindira uwundi muntu azoza kudutabara

Blog, News

Yoweri Museveni n’umuhungu we Muhoozi Kainerugaba mu ifoto yegeranyijwe hakoreshejwe ubuhanga mu gutunganya amafoto

Muhoozi: Kuvuga ko aziyamamariza gusimbura se akabisiba inshuro ebyiri, bivuze iki? Kuwa kane, ku nshuro ya kabiri muri uku kwezi, Jenerali Muhoozi Kainerugaba yasibye ubutumwa yatangaje ko aziyamamariza gusimbura se Perezida Yoweri Museveni mu matora ya 2026.

Tariki 03 z’uku kwa Werurwe nabwo Muhoozi yari yatangaje kuri Twitter ko aziyamamariza kuba Perezida wa Uganda, ubutumwa yahise asiba.

Mu ijoro ryo kuwa gatatu yatangaje ubundi butumwa nanone ko aziyamamariza gusimbura se umaze imyaka irenga 35 ku butegetsi, bucyeye kuwa kane arabusiba. Abasesenguzi batandukanye bavuga ko ibyifuzo bye bitakiri ibanga ko kubitangaza aribyo birimo kubonekamo ikibazo.

Gen Muhoozi azwi cyane ku butumwa butavugwaho rumwe ajya ashyira kuri Twitter – harimo ubwateje ikibazo hagati ya Kenya na Uganda nyuma agahita akurwa ku mwanya w’umugaba w’ingabo zirwanira ku butaka nyuma yo kwigamba ko ashobora gutera Kenya.

Edwin Byakatonda inzobere mu masomo ajyanye na politiki avuga ko ibyo Muhoozi akora bishobora kuba ari “uguhuzagurika kubera ubushake bukomeye” bwo gusimbura se.

Ati: “Ariko kandi biranashoboka ko ari amayeri ya politike yo gukandagiza ikirenge kimwe mu ruzi ngo wumve niba atari rurerure maze ukakivanamo. Kuba ari amayeri meza cyangwa mabi buri wese yabibona ugutandukanye. Gutangaza ko aziyamamaza – nyuma akabisiba – ntabwo byatunguranye kuko amaze igihe agaragaza kuri Twitter ko ashaka ubutegetsi, igitungura bamwe muri iki gihe ni uko ubu avuga ibitagenda, birimo ruswa, ku butegetsi bwa se.

Muhoozi yari yanditse ati: “Iteka ryose mwifuje ko mbivuga!…Nziyamamariza kuba Perezida mu 2026”.

Mbere yaho gato yari yabanje kwandika ati: “Ni bangahe bemeranya nanjye ko igihe cyacu cyageze? Kirahagije igihe dutegetswe n’abashaje. Bakatuyobora. Ni igihe cy’ikiragano cyacu ngo kimurike..”

‘Umugambi muremure ugeze ahakomeye’
Nubwo hasigaye imyaka itatu kuri manda ya Yoweri Museveni, haribazwa ku ushobora kuzamusimbura mu gihugu gifite abatavugarumwe n’ubutegetsi bagenda bumvikana kurushaho.

Kuba Muhoozi agaragaza gushaka gusimbura se ntibitungura benshi kubera umugambi wavuzwe bwa mbere na Gen. David Sejusa mu 2013 awamagana, avugako hari gutegurwa ikitwa ‘Muhoozi Project’ cyo kuzasimbuza Museveni umuhungu we.

Nyuma yo kwigizwayo mu mirimo ya gisirikare mu mwaka ushize, Muhoozi yatangiye ibikorwa bisa no kwiyamamaza asura imijyi itandukanye akaremya ibikorane binini by’abakunzi b’ishyaka NRM rya se.

Muri Mutarama(1), Muhoozi yasuye umujyi muto wa Sebei mu karere ka Kipchorwa mu burengerazuba bwa Uganda aho yatashye umuhanda wamwitiriwe.

Nyuma yagiye ahitwa Mbale naho ahahuriza abamushyigikiye.

Scroll to Top