Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

News

Blog, News

Ikigo gishinzwe gufata inzoka kikazisubiza mu gasozi cyo mu mujyi wa Melbourne (cyitwa Melbourne Snake Control) cyavuze ko cyitabajwe ngo gikureho iyo nzoka.

Inzoka yahakije umuntu yahereye ku masahani muri Indonesia

shami rishinzwe kubungabunga umutungo kamere wa Alabama rivuga ko izi nzoka zazimiye muri Leta ya Alabama mu myaka ya 1950, ahanini bitewe no kubura ahaboneye ziba kubera ko hagiye harushaho guturwa n’abantu.

Jim Godwin, umuhanga mu bijyanye n’ibinyabuzima muri porogaramu y’umurage ya Alabama iyobowe n’Inzu Ndangamurage muri Kaminuza ya Auburn; atangaza ko inzoka “ari ingezi mu bigize urusobe rw’ibinyabuzima” nubwo zagiye zigabanuka cyane kubera kutitabwaho ugereranyije n’izindi nyamaswa.

Mu 2006 itsinda ry’abashinzwe kubungabunga urusobe rw’ibinyabuzima muri Leta ya Alabama, ryatangije ku mugaragaro gahunda yo kongera kugarura muri leta yabo izi nzoka zizwi nka “Easten Indigo Snake” aho icyo gihe bahereye ku bwoko bw’izashoboraga kuboneka muri leta ya Georgia ndetse bakaba bafite intego yo kugarura nibura inzoka zigera kuri 300 zikongera kororokera muri Leta yabo.

Godwin avuga ko iyo baherutse kuvumbura atari nini kandi igaragaza ko yavukiye inakurira mu gasozi kuko itandukanye n’izisanzwe zikurikiranirwa mu byanya byazo byihariye ndetse bakanabyemezwa n’uko yo nta gakoresho k’ikoranabuhanga yari ifite mu gihe izisanzwe zishyirwamo ako kuma gafasha abashakashatsi kuzikurikirana no kutazitiranya n’izindi bitewe n’icyo ubushakashatsi bugamije.

Indi nzoka nk’iyi yo mu gasozi yaherukaga kuboneka mu 2020 aho Godwin avuka ko zombi bagiye bazibona mu buryo butunguranye.

Izindi zo muri ubu bwoko ariko zitari izo mu gasozi, usanga ziba nini zikanagira uburebure bukabakaba metero 2,5.

Mu rugendo rwabo rwo kongera kugarura ibikururanda muri leta yabo, bafite abafatanyabikorwa barimo Kaminuza ya Auburn, Ishami rya Leta ya Alabama rishinzwe kubungabunga ibidukikije n’urusobe rw’ibinyabuzima, abashinzwe amashyamba hamwe n’abandi batandukanye babashije gushyigikira icyo gitekerezo.

Blog, News

Ku mupaka wa Gatumba haboneka abanyagihugu bajana ibidandazwa muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, abandi babikuyeyo

Vyari bitegekanijwe ko ku mipaka yose Uburundi buhana na Kongo haca hamanikwa urutonde rw’ibidandazwa birenga 60 vyemerewe guhanahanwa mu buryo bworoheje hagati y’ibihugu vyompi.

Ariko abadandaza bavuga ko n’ivyo bitakozwe.

Noracique Nahishakiye avuga ko bataramenya ko barabirekura, “nta n’ubwo turabona n’aho vyanditse ngaha ibiteguwe kugira ngo tumenye ivyo twopakira”.

Aba badandaza bipfuza ko uwo mugambi woshirwa mu ngiro vuba kugira batore akoyoko.

Mu bushikiranganji bw’ubudandaji basigura ko RECOS ari umugambi wagutse cane utaraba umupaka umwe gusa.

Onésime Niyukuri abuvugira, yabwiye Itangazamakuru ko uwo mugambi werekeye imbibe zitanu Uburundi buhana na Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.

Asigura rero ko hakiri ibiriko biratunganywa vyihuta kw’izo mbibe zose kugira umugambi uje mu ngiro ijana kw’ijana.

Avuga ati: “Ikintu ca mbere cari cihutirwa, kwari ugutanguza umugambi.

“Hanyuma rero ibiheza bikurikira bikorwe, harimo guha impapuro barya badandaza… ivyo kubaka, ivyo gushiraho vya bikoresho bikenerwa mu kugenzura abinjira n’abasohoka canke ayo mabarabara yandi azoba asabwa kubakwa…”

Niyukuri avuga ko uyu mugambi ari uw’imyaka ine, reta y’Uburundi ikaba yitezwe kuwutangako ibihumbi 90 vy’amadorari y’Amerika.

Mu bidandazwa birabwa n’uyu mugambi harimwo ubwoko butandukanye bw’ibitungwa, ivyimburwa, inyama, amafi, n’ibindi.

Blog, News

Minembwe muri Kivu y’Epfo, Imirwano Ikaze, abatuye mu Minembwe bavuga ko bari bamaze igihe mu gahenge badahunga imirwano

Gad Mukiza arongoye ako karere, avuga ko izo ntambara ziri hagati y’imirwi yitwaje ibirwanisho y’abanyamulenge ku ruhande rumwe, n’abo mu bwoko bw’Abafulero, Ababembe, n’Abanyindu ku rundi ruhande.

Bwana Mukiza avuga ko zatanguriye muri Segiteri ya Tombwe iri muri ‘Territoire ya Mwenga, hari kw’igenekerezo rya ndwi uku kwezi kw’icenda. Ubu zikaba zasubiriye.
Bwana Mukiza avuga ko Leta yarungitse ingabo muri ako karere kugira ngo zigarukane ituze, akibaza ko mu minsi mikeya abahunze bashobora gusubira mu zabo.
Izo ntambara ziva kuki?
Umunyamakuru wa Radio Televiziyo y’igihugu ca Congo, Mahoye Madiba Issa, ari mu karere ka Fizi, avuga ko izo ntambara zari zacureshe.

Ibi vyabaye inyuma y’aho abategetsi batari bake, harimwo abaserukira MONUSCO bagendeye ako karere kugira ngo basukemwo mabisi.

Ingwano ariko avuga ko zasubiriye busha muri iyi minsi n’abantu bakaba bataye ivyabo barahunga.

Aka gace kama mu ruhagarara rushingiye ku moko kuva mu myaka ya 1960.

Bwana Mukiza avuga ko kuva kera ubutegetsi butashoboye guhagarika izo ntambara.

Ati: “Ni Abanyamulenge barwana n’abaturanyi babo b’Abafulero, Ababembe n’Abanyindu. Ni ikibazo kigenda kigaruka kigafata isura y’amoko”.

“Ibintu bija kwunyurwa n’abanyepolitike babironderamwo inyungu zabo ari nabo bateranya abanyagihugu bafatiye ku moko”.

Iyo mirwano yasubiye kwaduka yatumye abantu ibihumbi bahungira mu bice bitandukanye vy’igihugu, abandi nabo bahungira mu bihugu bibanyi.

Bwana Mukiza avuga ko ku mugwa mukuru wa komine Minembwe honyene habarizwa impunzi zingana na 49.500 ahanini bagizwe n’Abanyamulenge.

Avuga ko hari n’igitigiri kitari gito kigizwe n’Abafulero, Ababembe n’Abanyindu bahungiye mu karere ka Fizi.

Avuga ko izo mpunzi ziri mu ngorane zikomeye kubera bigoye ko imfashanyo zibashikira kubera amabarabara atameze neza.

Blog, News

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko inyuma y’imyaka ine ari ku butegetsi ubu uravye ku rugero uburimyi n’ubworozi bigezeko “urabona ko umunwa wose ufise ico ufungura” kandi k“umufuko wose uriko urabomboka”.

Naho avuga ko imyidogo atari mike mu gihugu kubera iduga ry’ibiciro vy’ibiribwa, cane cane mu bisagara, Ndayishimiye avuga ko iyi si ari iy’ivyipfuzo vy’umubiri, ngo “umuntu biragoye ko anyurwa”.

Ati: “Abamaze kuronka umusesekara umufuko ukaronka bipfuza kugendera mu bihinda bisaba igitoro, bifuza kunywa agapfundikiye, bakipfuza kurya utuvuye mu bazungu ngo berekane ko bateye imbere.”

Yemeza ariko ko ari ukuri ko mu bisagara hari ikibazo c’imfungurwa zizimvye kubera gushikana ibicuruzwa biva ruguru mu bisagara aho batarima ari ingorane kubera igitoro.

Ati: “Nagira ndabaremeshe, indya mu Burundi ni ‘rya nawe’, ikigoye ni ukuva mu ntara zija muri izo ntara zirimwo abatunzwe no gusuma…kubera ibibazo vy’igitoro.”

Yasavye Abarundi kubumbwa n’ivyo bafise bagakomeza umwizero w’ejo heza.

Ijambo ry’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ku myaka ine amaze ku butegetsi nta nkeka ko ryari ryitezwe cane. Kuko akwije iyo myaka igihugu kiri mu bihe bamwe bavuga ko kitari bwigere gicamwo.

Ubukene bw’igitoro n’ibindi vya nkenerwa buruta ubwo ibihe n’igihugu cari cugarijwe n’ibihano vy’akarere.

Ejo bundi igiporisi c’igihugu cashitse aho kibuza abantu gusiga imiduga yabo ku ma station aho ishobora kumara iminsi itondeye kuronka igitoro.

Ivyo bimaze imyaka hafi ibiri vyunyuka uko bukeye uko bwije. Imodoka ya Probox igeze aho itwara ”abana 20” ibajanye kw’ishure ni kimwe mu bimenyetso vy’aho ibintu bigeze.

Imvo nyamukuru, n’aho atari yonyene kandi nayo iterwa n’izindi nyinshi, ni uko igihugu gikenye amafaranga mvyamakugu -ama dorari- yo kugura ibintu biva hanze, na cane cane ico gitoro nyene.

Ukuri kw’ibicuruzwa ukurabira kw’isoko.

Aho naho idorari rimaze gushika aho rirenza 6.000 vy’amafaranga y’Uburundi. Ego muri banki ntirishika n’ibihumbi bitatu. Ariko abarikeneye barihabwa na banki bangana gute?

Umwimbu Perezida Evariste Ndayishimiye avuga ko ari umusesekara ushobora kuba ahanini ari uwo gushira mu nkono. Si uwo ikawa canke ubutare uzanira amafaranga y’agaciro igihugu. Kandi n’ivyo vyo kurya hamwe vyoba birenze ivyo Abarundi bakeneye navyo nyene vyoshorwa mu bindi bihugu bikinjiza ayo mafaranga y’agaciro.

Ayahora ava mu mfashanyo z’amakungu nayo nyene ntarasubira gufata umurindi nk’uwo yari afise imbere y’uko Perezida Ndayishimiye ashika ku butegetsi. Aho ntaco yabivuzeko mw’ijambo ryiwe.

Umushikiranganji wa mbere, Gervais Ndirakobuca, mu minsi iheze we yaremanze imbere y’inama nshingamateka ko ata nyishu afise. Kandi we yaravuze ko izo ngorane zifise imizi mu bihano amakungu yari yarafatiye Uburundi hagati ya 2015 na 2020.

Mw’ijambo ryiwe, perezida Ndayishimiye ntiyaraye atomoye niba we afise canke ko adafise inyishu.

Abarundi bo bari biteze ko avuga ko azifise. Gusa Perezida Ndayishimiye avuga ko n’aho Abarundi bidoga ko babuze ‘iki’ -akarorero igitoro- ariko batidoga ko babuze ‘amahera yo kukigura’. Aho ahasize ikibazo. None Abarundi bafise amafaranga reta yabo ikayabura kandi amafaranga reta zose ziyakura mu banyagihugu bazo?

Ariko n’aho yaciye kure, ijambo rya Perezida Ndayishimiye birumvikana ko rihagaze ku bibazo vy’ubutunzi. Gusa ryirinda kwerekana ko ibihe burimwo bigoye cane.

Nk’ikibazo c’umutekano n’imigenderanire mu karere aho igihugu kibanyi c’Urwanda cakunda kugaruka cagirizwa guhungabanya Uburundi, muri iryo jambo nticacishijwe mu kanwa.

Blog, News

Ishyaka CCM rya Samia Suluhu ryatsinze amatora ku majwi 99% muri Tanzaia yose, ni ukuvuga ko igihugu cyose cyotoye ishyaka CCM Chama Cha Mapinduzi

Umunyamakuru w’ibiro ntaramakuru AFP mu mujyi wa Kigoma yatangaje ko yabonye abatora barwana kubera ibyo bamwe bavugaga ko ari impapuro mpimbano z’itora, byatumye bamwe bafungwa.

Amategeko agenga amatora avuga ko umukandida utanyuzwe n’ibyayavuye mu matora afite uburenganzira bwo kuregera inkiko z’uturere akajuririra ibyayavuyemo.

Iyi ntsinzi ya CCM ishobora kuba ishusho y’amatora ya perezida yo mu 2025.

Perezida uriho ubu – Samia Suluhu Hassan – biteganyijwe ko aziyamamaza nk’umukandida wa CCM. Yagiye ku butegetsi asimbuye uwo yari yungirije John Pombe Magufuli wapfuye mu 2021 ataramara umwaka atangiye manda ye ya kabiri.

Scroll to Top