Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

News

Blog, News

Erixon Kabera, ukomoka mu Rwanda yishwe ku wa gatandatu arashwe n’abapolisi muri Canada, umugore bashakanye Lydia Nimbeshaho avuga ko bifuza ubutabera, kandi bashaka ko ukuri kose ku buryo Kabera yishwe gushyirwa ahagaragara.

“Njyewe naramubonye mbere y’uko umwuka umushiramo burundu, uburyo bamwishemo, bamwishe nk’inyamaswa.

“Amakuru aturakaje twese ni ukubona abapolisi babiri barasa umuntu abahagaze imbere. Uvuze ngo bamurashe mu mugongo wenda yaba arimo kwiruka, [ariko] bamurashe bamuturutse imbere, bamureba.”

‘Abana ntibazongera kwizera polisi’
Lydia avuga ko guhamagarirwa polisi n’abaturanyi ku kintu gito icyo ari cyo cyose ari “ibintu abirabura babamo mu buzima bwacu muri iki gihugu”.

Atanga urugero ko hari igihe abaturanyi bahamagaye polisi ngo kuko hari abana barimo gukomanga ku muryango wabo.

Lydia Nimbeshaho yagiye kuba i Toronto mu 2010 asanzeyo Erixon Kabera wabagayo mbere y’uko bashyingirwa, bombi bafitanye abana batatu b’abahungu, nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru Toronto Star.

Lydia yabwiye itangazamakuru ati: “Abana bararakaye, bararemerewe, bararira badahagarika.

“Abana b’abirabura [hano], tubigisha kubaha polisi, kuva ari bato tubabwira uko bakwiye kwitwara imbere ya polisi, [ngo] ‘ntusubize polisi, ntumurebe, ntukore mu mufuka, ntugire gute’, ibyo byose tuba tubivuga mu magambo tutarabibona, ngaho tekereza uyu munsi niho babibonye polisi yishe Papa wabo. Kuri bo ntabwo bashobora kwizera polisi ubuzima bwabo bwose.”

Special Investigations Unit yatangaje ko hatangiye iperereza riri gukorwa n’abantu batandatu, hamwe na babiri bakusanya ibimenyetso bya gihanga bikoreshwa mu butabera.

Lydia ati: “Turasaba [leta ya Canada] ubutabera. Twumvise ko iperereza rishobora gufata n’amezi atandatu. Twasabye ko tubona ibimenyetso by’ako kanya. Hano ni amategeko ko abapolisi bambara camera, turifuza ko batwereka video y’ibyabaye.

“Dukeneye kumenya abahamagaye 911 icyo baregaga kuko iyo umuntu ahamagaye avuga n’ikibazo afite muri makeya.

“Turashaka ubutabera kuko muri iki gihugu hari amategeko, nubwo Gentil yaba ari mu ikosa rimeze gute nta tegeko rivuga ko bagomba kumwica, [ariko] bamwishe…”

Blog, News

Muri Afrika, abagore benshi baratinya kuvuga ivyerekeye amabanga mpuzabitsina kubera ari ikinyegezwa mu mibano, Guhuza ibitsina : “Hari abagabo bibaza ko nsoba mu gitanda” – Ingeneye , umugore w’iriba, umugore unyara cyane

Gusohora ku mugore rero n’ukurekura amazi mu gihe yegereje canke mu gihe co kurangiza.
Birashoboka ko hariho abatarabimenya. N’abagore bararangiza. Ugusohora ku mugore rero n’ukurekura amazi mu gihe yegereje canke mu gihe co kurangiza.

Ku bagore benshi, ayo mazi asohoka ari make. Ariko ku bandi, aba ari menshi cane, akirasa ari menshi gushika nko kuyangana na 300 ml (hafi ica gatatu c’iritiro), nk’uko bivugwa n’abahinga ku magara y’abagore.

Ni na ho havuye ijambo “femme fontaine” [umugore w’iriba]. Nk’uko bivugwa na Dr Vanessa Adrienne Kouatchouang Njewel, umuganga w’ibijanye n’imibonano mpuzabitsina, umuganga w’amagara y’abantu mu karere k’ubuvuzi ka Bangue i Douala mu gihugu ca Cameroun, umugore w’iriba bisigura “umugore, mu gihe c’ukuryoherwa cane (canke ariko ararangiza), arekura amazi menshi.

Uwo muganga agira ati: “Ni nk’uko umubiri wiwe woba uriko uramubwira ‘Uragaba, birarenze urugero!’ mu gihe ariko ararangura imibonano mpuzabitsina. Ivyo kenshi bijana n’uburyohe bwa cane.”

Yongerako ko ubwo buryohe bugenda butandukana ku mugore ku wundi kuko umubiri wose ufise uko umera iyo uwukuyakuye, ivyo rero co kimwe n’ibindi bijanye no guhuza ibitsina, birisa kuri buri mugore.

“Bamwe bavyumva nk’umupfunda w’uburyohe burenze, mu gihe abandi bumva barengewe n’uburyohe bukwi na bukwi ata n’isano bifitaniye no kurangiza. Ubwo buryohe rero bushobora guhindagurika: kuri umwe, ubwo buryohe bushobora ukwumva ingene uriko uraryoheewa, ku wundi umubiri ukigeza gutyo mu buryo busa n’uko atawumenya ingene bije”

Rero n’ico kinyegezwa abagabo bamwe bamwe badatahura, abandi bashaka kumenya, bakipfuza abagore bafise amazi nk’uko Fanta abivuga.
Kuvyibonako ubwa mbere, amasoni n’uburyohe

Abahinga barahuza mu kwemeza ko gusohora amazi atari mvukanwa ku mugore
Abahinga barahuza mu kwemeza ko gusohora amazi atari mvukanwa ku mugore. Uko imisi igenda ni ko umugore agenda avyibonako, kandi kenshi na kenshi, ntibihimbaye kubibamwo mu ntango.

Dr Kouatchouang Njewel agira ati: ” Uko bimaze kugaragara, benshi mu bagore bashobora kubibona uko bagenda bakora imibonano mpuzabitsina, urugero baryoherwamwo n’ingene biyumva ku giti cabo. Si ibintu vyiharijwe n’abagore bamwe bamwe, ahubwo n’inyishu ishoboka kuva ku bituma nko kubaho neza, kuruhuka hamwe n’urugero rwo kubishuhira.”

Fanta, akora akazi k’imibonano mpuzabitsina, yagiye kuvyibonako ashikanye imyaka 30, n’aho yatanguye ako kazi akiri muto. Ivyo bikaba bisigura ko yatanguye gukora imibonano mpuzabitsina akiri muto cane, ariko ntiyamenya ko afise amazi.

Fanta agira ati: “N’aho maze kuryamana n’abagabo benshi mu buzima bwanje, nagiye kubona ivyo bintu kuri jewe ntevye cane. Hari igihe naja Accra tujanye n’umuntu w’umugabo. Bwari bubaye ubwa mbere kandi umugabo anshimishije, anankorera ibintu ntazopfa nibagiye.”

Yongerako ati: “Turi mu mibonano, narabonye ko hari amazi ariko aransohokamwo ari menshi, yari nk’imbizi idudubiza, ariko muri ico gihe nyene nariko ndaryoherwa cane, birengeje, imbere y’uko numva amasoni imbere y’uwo mugabo na we nari najobetse”.

Nk’uko abivuga, uwo mugabo yabanje kwiyumvira ko ari amasobe(inkari). Ariko ayo mazi ntiyanuka. “Ku mugoroba twaciye dutaha i Lomé, ntiyasubiriye kundondera na rimwe.”

Abandanya avuga ko rwabaye urukundo rw’akanya gato kubera uwo mugabo atashimye ivyabaye. “Nibaza ko, kuri we, atatahuye ingene umukobwa akuze nka nje agisoba mu gitanda. Ikibabaje gusumba, muriko murahuza ibitsina”, uko ni ko yadusiguriye, ariko yongerako ko ubu aticuza.

Yaragize amahirwe yo kugwa ku mugabo amukunda cane inyuma y’amezi make, yipfuza kumenya igituma asoba mu buriri iyo ariko arakora imibonano mpuzabitsina.

Fanta agira ati: “Ni ho umuganga yatubarira ko ari ibisanzwe ivyo binshikira kandi ko atari amasobe. Uwo mugabo ntiyasubiye kumvirira amaze kumenya ivyo ari vyo. Arakunda kundaba ndiko ndarekura amazi, cane cane kuraba uburyohe burenze mba mfise mu maso no ku mubiri wanje wose.”

Kuzana amazi n’ukutigumya?

Blog, News

Urukiko rw’Ibanze rwa Kicukiro kuri uyu wa Gatatu tariki ya 6 Ugushyingo 2024, rwategetse ko Nyampinga w’u Rwanda wa 2022, Nshuti Divine Muheto afungurwa. Agahita agabanya kujya mu utubari, no kunywa inzoga

Ubushinjacyaha mu Rwanda bwasabiye Nyampinga w’u Rwanda Divine Muheto gufungwa umwaka umwe n’amezi umunani ku byaha byo gutwara imodoka yanyoye ibisindisha birengeje igipimo, kugonga ibikorwa remezo no guhunga aho yabikoreye.

Muheto w’imyaka 21 yazanywe mu rukiko mu gitondo kare kuri uyu wa kane, amasaha macye mbere y’uko iburanisha ritangira.

Icyumba gito cy’Urukiko rw’ibanze rwa Kicukiro cyari cyuzuyemo abanyamakuru benshi n’abantu baboneka nk’inshuti ze n’abo mu muryango we.

Amaze gusomerwa ibyaha aregwa, Divine Muheto wari wunganiwe n’abanyamategeko batatu, yavuze ko yemera icyaha cyo gutwara imodoka yanyoye no kugonga.

Mu ijwi rito, ryumvikana nk’iririmo ubwoba, yagize ati: “Ariko sinemera ko nahunze kuko imodoka nayirekeye aho. Nagize ubwoba kuko abantu bahuruye ari benshi ntinya ko bangirira nabi. Police ihageze nagarutse ubwanjye.”

Ubushinjacyaha bwavuze ko ibyaha aregwa bikwiriye igihano bumusabira. Bwavuze kandi ko Muheto yari yanyoye ibisindisha kugeza ku gipimo cya 4 kandi igipimo kihanganirwa ari 0.8.

Mu rukiko byatangajwe ko Muheto yatawe muri yombi ku cyumweru tariki 20 z’uku kwezi kw’Ukwakira, gusa ku wa kabiri 29 z’uku kwezi ni bwo polisi yatangaje ko afunze.

Blog, News

Kenya: Menya uno mugabo yagenywe kuba icegera c’umukuru w’igihugu inyuma y’ibogozwa rya Gacagua

Uno munyaporitike yaminuje mu bijanye n’amategeko ku rugero rwa PhD/Doctorat kuri kaminuza ya Pretoria muri Afrika y’Epfo, akaba amaze kwandika ibitabo birenga 30.

Afise uburambe mu bijanye n’intwaro, amategeko n’ibijanye n’ibwirizwashingiro mbere akaba yarahagarariye abatari bake mu bijanye n’amategeko.

Yatanguye poritike muri Ntwarante (3) igihe yatorwa kuba umukenguzamateka aserukira akarere ka Tharaka-Nithi akaba yarabaye n’umukuru wa nyarwinshi mu nama nkenguzamateka mu kiringo c’imyaka itanu.

Igihe yasubira gutorwa mu 2017, yabaye icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka gushika mu 2020 igihe abogozwa mu rugamba rwo kwirukana incuti za Ruto.

Igihe Ruto yatsinda amatora y’umukuru w’igihugu mu 2022, yaciye agena Kindiki muri reta yiwe ya mbere.

Kuva ico gihe, ni we yama aserukira abategetsi mu bihe vyari bigoye.

Mu mwaka uheze, haratowe ibiziga biharurwa mu majana vy’abantu bisonzesheje gushika barapfa mw’ishama riri mu mitumba ya kure. Uwitwa Paul Mackenzie yagirizwa ko yabahamagariye guhagarika gufungura. Mu gihe gushika ubu akiri imbere y’ubutungane, arahakana ivyo yagirizwa.

Inyuma y’aho ibi biziga bitorewe, Kindiki ni we yaserutse aho yavuze ko ivyabaye ari “ubwicanyi”.

Mu kwezi guheze, yaragendeye ishure ryari ryapfishije abanyeshure 17 bahitanywe n’umuriro wadutse mu nzu y’uburaro. Uno mushikiranganji yariyemeje “gukurikirana abo bose bagize uruhara muri iri sanganya”.

Mu 2022, hari ababona ko Kindiki ari we yari kugenwa nk’icegera ca Ruto, ariko Gachagua ni we yahavuye agenwa kubera ijambo rikomeye yari afise hamwe kandi n’amafaranga.

Ruto mu nyuma yavuze ko “yabuze akantu gato cane kugira ngo abe icegera”.

Ubu, sentare nkuru ya Nairobi yabaye irahagarika irahira rya Kindiki gushika yihweje ibirego vyashikirijwe na Gachagua kw’ibogozwa ryiwe.

Ibogozwa rya Gachagua riramutse ryemejwe, Kindiki ashobora kwiyerekana nk’icegera c’umukuru w’igihugu adahemuka kandi azokwaka agendera kw’ishaka ry’umukuru w’igihugu.

Blog, News

Mu minsi ibiri gusa, haguye imvura isumba iyigwa umwaka wose mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Maroc

Iyo mvura idasanzwe iva ku kizwi nk’igihuhusi co hepfo no haruguru y’akarere k’ubushuhe n’imvura (tempête extratropicale)
Amasanamu y’ibigendajuru vya NASA yerekana ko ahahora ikiyaga kimaze imyaka 50 caragadutse, hagati y’ibisagara vya Zagora na Tata, ubu hongeye kwuzura.

Ku bw’ikigo c’isi kijejwe ibihe, OMM, inzinguzingu y’amazi kw’isi ubu iguma ihindagurika cane

Iyo mvura idasanzwe iva ku kizwi nk’igihuhusi co hepfo no haruguru y’akarere k’ubushuhe n’imvura (tempête extratropicale)
Amasanamu y’ibigendajuru vya NASA yerekana ko ahahora ikiyaga kimaze imyaka 50 caragadutse, hagati y’ibisagara vya Zagora na Tata, ubu hongeye kwuzura.

Ku bw’ikigo c’isi kijejwe ibihe, OMM, inzinguzingu y’amazi kw’isi ubu iguma ihindagurika cane.

Ubugaragwa bwa Sahara mu kigwati ca Merzouga, mu bumanuko bwa Maroc, imbere y’iyo myuzure.
”Kubera ubushuhe bwiyongeye, inzinguzingu y’imvura n’ingene umuhisha w’amazi usubira mu kirere yarihuse”, bivugwa na Celeste Saulo, umunyamabanga mukuru wa OMM.

Mu gihe ibihe bidasanzwe bisigaye biba vyinshi kubera ukwiyongera kw’ubushuhe bw’ikirere, abahinga bagereranya ko ibihuhusi nk’ivyo bishobora kuzokwongera kuba muri Sahara muri kazoza.

Scroll to Top