Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

News

Blog, News

Bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bari baje gushigikira Onana. Charles Onana yasabiwe ibihano vy’akarorero

Hamili yavuze ko yanabaye umukuru w’abunganizi (avocats) bose ba TPIR.

Uwo mugabo yemeje ko ibiri mu gitabo ca Onana no muri sentare mpanavyaha yashiriweho Urwanda vyavuzwe .

Hamuli yavuze kandi zimwe munnyandiko ziri mu bubiko bw’inyandiko (archives mu gifaransa) z’iyo sentare zerekana ko ivyo Charles Onana yavuze vy’abahutu bishwe n’abasirikare ba FPR bakiri inyeshamba zibigaragaza.

Rethy Hamuli yavuze ko n’abari mu gisirikare ca kera ”FAR” ku ntwaro y’uwari president w’Urwanda Juvenal Habyarimana yaburaniye hari abambitswe izera na sentare kuko basanze ivyo babagiriza ari ibinyoma.

Hamili yagirije ishirahamwe ry’abacikacumu Ibuka ryo mu Rwanda na reta y’Urwanda kugerageze gushira igitutu kuri iyo sentare, ivyatumye n’abambitswe izera na sentare vyanka ko baronka ikindi gihugu kibakira kubera igitutu leta y’Urwanda yashira ku bihugu vya Buraya vyipfuza kubakira nk’impunzi .

Hamili yarangije avuga ko uwuvuze ko hariho ubwicanyi bwakorewe Abahutu nk’uko Onana yavyanditse mu gitabo ciwe atoca yitwa uwuhakana jenoside yo mu Rwanda.
Kabanda yanagarutse no kw’ijambo ry’uwahoze ari umukuru w’Urwanda w’imfatakibanza/inzibacyuho Theodore Sindikubwabo yavugiye mu cahoze ari perefegitura ya Butare mu majepfo y’Urwanda, aho avuga ko yakoresheje ijambo ”kora” ivyo wewe yise ko kwari guhamagarira guhonya Abatutsi.

Yarangije asaba ko guhakana ko habaye jenoside ari ugutoneka imiryango y’ababuze ababo, nayo kubona Charles Onana yayise ubuswaganyi ”escroquerie” mu gifaransa ata kindi bigamije atari guha inguvu aboba bipfuza gukora iyindi jenoside aho bari kw’si hose.

Hakurikiye Jean François Dupaquier, umufaransa w’imyaka irenga 80 yumvirijwe nk’icabona c’abitwariye Charles Onana.

Dupaquier, umwanditsi yahoze ari ni umunyamakuru ni umuhinga w’akarere k’ibiyaga binini mu ntahe yiwe yagaragaje agashavu ariko avuga ibiri mu gitabo ca Charles Onana aho yakoresheje amajambo akarishe mu kucita ko ari ibintu bitagira umutwe n’amaguru ”idioties” mu rurimi rw’igifansa.

Dupaquier yibukije sentare ko yari umuhinga muri sentare yashiriweho Urwanda TPIR ko ibiri muri ico gitabo ca Onana casohowe na Damien Sirieix mu nzu yiwe yo gusohora ibitabo L’Artilleur ata na hamwe vyigeze bivugwa, akabona ko igitabo nk’ico ataho gitaniye n’imvugo aba Nazi ba Hitler bakoresha mu kwankisha Abayahudi ”shoah” mu rurimi rw’Igiheburayo .

Afise ibinyamakuru mu ntoke vyanditswe imbere ya jenoside nka Kangura n’ibindi, Dupaquier yarangije asaba sentare ko amajambo ari mu gitabo ca Onana ata kindi umuntu yoyita atari guhakana jenoside vyeruye, hakwiye ibihano vyeruye kugira vyihanikirize abanditsi nk’abo bahakana jenoside zabaye kw’isi .

‘Abantu nka Onana ntibakwiye kwidegemvya’-abunganira abamwitwariye
Hakurikiye uwaserukiye ishirahamwe ry’abacikacumu Survie, rimwe mu yitwariye Charles Onana. N’aho atashimye ko umwidondoro wiwe uja ahabona nawe nyene yasavye ko Charles Onana yohanwa bikwiye kubera igitabo yanditse gihakana jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda.

Ku mugoroba w’ijoro ahagana isaha imwe imwe y’ijoro niho sentare yaha ijambo rya nyuma abunganira ababurana kugira basozere imburano.

Abunganira amashirahamwe indwi yitwariye Charles Onana na Damien Sirieix nibo bafashe ijambo ubwa mbere.

Uko ari abunganizi indwi batakambiye sentare gufata ingingo ya kigabo yo kubuza ko abahakana jenoside zabaye kw’isi kubandanya bakora mu bisebe abacikacumu bazo kuko ari ukubica kabiri.

Bongeye babwira sentare ko uwitwariye Onana atari reta y’Urwanda ahubwo ari abarwanya jenoside bo kw’isi yose ari naco gituma abantu nka Onana badakwiye kwidegemvya kugira guhakana jenoside ntibibe umuco kw’isi.

Blog, News

Gatoni Rosine Guilene avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste Ndayishimiye, ariyamiriza ibiri mu cegeranyo c’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi Amnesty International kivuga ko reta ituratuza abaharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru.

Burundi: Rosine Guilène Gatoni niwe ahejeje kugenwa mu mabanga yo kurongora ibiro vy’umukuru w’igihugu bijejwe gutanga amakuru no kuvugira umukuru w’igihugu.
Umu jeune Rosine Guilène akaba asanzwe ari umunyamabanga w’inama nkuru y’Urwaruka ku rwego rw’igihugu akongera akaba n’umuyobozi mukuru w’ubuhinga bwa none mu bushikiranganji bwo gutumatumanako amakuru.
Ayo mabanga akaba yahora aramutswa Alain Diomede Nzeyimana.

Blog, News

Abanyamulenge baba mu Bwongereza, i Buraya na Amerika bibutse ababo baguye mu bwicanyi mu Gatumba, bashinga ibuye mu Bwongereza ry’urwibutso rw’ababo biciwe mu Gatumba haraheze imyaka 20. – Duplicate – [#2282]

Abanyamulenge batuye mu Bwongereza, i Burayi no ku mugabane w’Amerika bibutse ababo biciwe mu Nkambi ya Gatumba mu Burundi.

Harizindi Genocide zagiye zikorwa ariko zitemewe, hari iyakozwe mu Burundi mu mwaka wa 1972 ndetse niyi yakorerwe Abanyamulenge mu Gatumba

Blog, News

Floriane Irangabiye kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba aridegemvya ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye.

Floriane Irangabiye kandi yashimiye umukuru w’igihugu kuba yamugiriye ikigongwe.

Ati: “Ndashimiye bimwe vy’imvamutima umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yashize mu ngiro iyi ngingo ndamwipfuriza iteka n’itekane.”

Iyo ngingo-tegeko y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu (mesure de grace presidentielle) ya perezida Evariste Ndayishimiye ivuga ko Madame Floriane Irangabiye ”akuweko ibihano vyose” kandi ko ”ingingo zose z’imbere ziteye kubiri n’iryo tegeko zifuswe”.

Imyaka yari hafi gukwira ibiri uwo mumenyeshamakuru apfunzwe kuva afashwe itariki 30 ukwezi kwa Myandagaro (8) mu 2022.

Imiryango y’abamenyeshamakuru n’iyiharanira uburenzira bwa zina muntu yari yagumye isemerera ivuga ko uwo mumenyeshamakuru yazize umwuga akora.

Uwo mugore w’imyaka 36 yari asanzwe akorera Igicaniro, iradiyo y’abarundi baba hanze icisha kuri internet ibiganiro vy’ivyiyumviro n’umwihwezo ku buzima bw’igihugu.

Ivyo biganiro ni na vyo ishirahamwe mpuzamakungu ryo gukingira abamenyeshamakuru Committee for the Protection of Journalists, CPJ, ribona ko yari yahowe.

Floriane Irangabiye ari kumwe n’umuvukanyi wiwe Irakiza Chryss Deborah imbere y’ibohero rya Bubanza

Yafashwe aje mu Burundi kuramukanya avuye mu Rwanda iyo yari asanzwe aba.

Yagirijwe kuvogera igihugu, ico caha gica kimwagira muri Nzero mu 2023, sentare ica imucira igihano co gupfungwa imyaka 10 n’ihadabu ry’umuriyoni w’amafaranga y’Uburundi.
Muri urwo rubanza, abashikirizamanza bashingiye ku kiganiro ca radiyo Igicaniro co muri Myandagaro mu 2022 aho Irangabiye n’abatumire banegura reta y’Uburundi bakagiriza abategetsi bayo kuba abasuma no guhonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu babo,” nk’uko iryo shirahamwe rivuga ko ryabisomye mu nyandiko za sentare.

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ryabonye muri izo nyandiko ko abashikirizamanza bavuze ko basanze ico kiganiro muri terefone ya Irangabiye amaze gufatwa baca bamwagiriza guhamagarira abanyagihugu kugarariza no kurondera gutembagaza reta.

Bimwe mu vyemezo abashikirizamanza batanze ni uko Irangabiye yaguma agira ingendo hagati Urwanda iyo yaba no mu Burundi ahaba umuryango wiwe hamwe n’amafoto aho agaragara ari kumwe n’umukuru w’Urwanda Paul Kagame n’uwahoze atwara Uburundi, umuhisi Pierre Buyoya.

Yagirijwe kandi kwitaba inama zo guha inyigisho urwaruka ruba mu mahanga kugira rutembagaze reta.

Ivyo vyose Floriane Irangibiye n’abamwunganira mu mategeko yari yaburanye abihakana avuga ko yakoresheje gusa uburenganzira bwiwe bwo gushikiriza ico yiyumvira, ko na zo inama zivugwa ata zo yigeze ajamwo.

Amaze gucirirwa igihano c’imyaka 10 n’ihadabu ry’umuriyoni w’amafaranga y’Uburundi ku wa 02 Nzero mu 2023, Floriane Irangabiye yarunguruje gushika muri sentare gasamburamanza ariko na yo ku wa 13 Ruhuhuma(2) mu 2024 ica iremeza ico gihano.

Ingingo-tegeko y’umukuru w’igihugu yarekuye Floriane Irangabiye ivuga ko uretse ububasha umukuru w’igihugu ahabwa n’amategeko, yihweje kandi ivyo ”yasabwe n’umupfungwa yagiriwe n’icaha”.

Scroll to Top