Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Forum

Aba basirikare babo...
 
Notifications
Clear all

Aba basirikare babonetse ku mboneshakure y'igihugu mu gatondo ko kuri uno wa Mungu batangaza ko batembagaje intwaro kandi ko bafuse n'ibwirizwashingiro

1 Posts
1 Users
0 Reactions
20 Views
Posts: 54
Topic starter
(@umubwiriza)
Estimable Member
Joined: 1 year ago

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu wa Benin yabonetse ku mboneshakure y'igihugu atangaza ko coup d'Etat muri iki gihugu ca Afrika y'uburengero yateshejwe 😆 .

Imbere y'aha, umurwi w'abasirikare b'igihugu ca Benin barongowe na Liyetena-Koroneli Pascal Tigri bari batangaje ku mboneshakure ko batembagaje Perezida Patrice Talon kandi ko bafashe ubutegetsi. 😉 

Ubutumwa buva mu buserukizi bw'Ubufaransa muri Benin buvuga ko hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu ku mugwa mukuru Cotonou humvikanye amasasu. Ababibonye babwiye itangazamakuru ko bumvise inkoho, mbere n'abanyamakuru bakorera iki kimenyeshamakuru ca reta barafatwa bugwati. 😉 

Aba basirikare bari batangaje kandi ko bahagaritse ibwirizwashingiro, ko imbibe zose zo ku butaka no mu kirere zugaye. 😉 

Umuhanuzi w'umukuru w'igihugu yabwiye itangazamakuru ko Perezida Talon ameze neza kandi ko yari mu buserukizi bw'Ubufaransa. 😊 


Reply
Scroll to Top