Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Forum

Abadandaza n'abaguz...
 
Notifications
Clear all

Abadandaza n'abaguzi baremye isoko rya Uvira ku wa gatatu, imbere y'uko umuhari wa M23 utangaza ko wigaruriye igisagara ca Uvira (ifoto mbarankuru yo mu bubiko)

1 Posts
1 Users
0 Reactions
15 Views
Posts: 537
Topic starter
(@zuberi)
Noble Member
Joined: 1 year ago

Nk'ubu mfise imbanyi y'imvuka. None ibise nivyamfatira ngaha nja kuba uwa nde? Novyarira hehe?" 😉 

Ayo ni amwe mu majambo ashikirizwa na Fatuma (izina ryahinduwe), umugore ari mu bandi Bakongomani benshi bugaraniwe mu Gatumba, hafi y'urubibe Uburundi busangiye na Repubulika ya Demokarasi ya Kongo. 😉 

Ni inyuma y'aho intambara zirangwa muri ico gihugu hagati y'umuhari witwaje ibigwanisho wa M23 n'ingabo za reta (FARDC) zimukiye mu gisagara ca Uvira gihana urubibe n'Uburundi. 😉 

Ushitse mu Gatumba, ku birometero bitanu vy'umupaka, usanga abajejwe umutekano bagizwe n'abapolisi n'abasirikare barikanuye. 😆 

Nta modoka z'abigenga, zaba iziva canke zija muri Kongo, zirekuriwe kurengana uretse iz'inzego z'umutekano n'iz'amashirahamwe afasha impunzi.

N'abagenda n'amaguru canke abagendesha amakinga n'amapikipiki ni uko nyene. 😐 

Amafirimbi y'abaporisi ni yo aguma asamirana, bariko bagerageza gutunganya uruja n'uruza. 🙂 

Uhasanga abakongomani benshi bihebuye kubera babuze ingene basubira iwabo. Benshi muri bo bamuka mu gisagara ca Uvira. Bari baje mu Burundi mu ntango z'iyi ndwi, baje kurangura. 😉 

Amakuru kubivugwa kumutekano wa karere k'ibiyaga bigari 🙂 

Kuri uwu wa gatatu inyuma y'umutaga, umuhari M23 watangaje ko wigaruriye igisagara ca Uvira. 😉 

Iri fatwa ry'ico gisagara ryaje risongera isibe. 🙂 

Abarundi barangurira imirimo mito mito ku mupaka canke abakora urudandaza ndengambibe bavuga ko ibintu bitagiye kworoha. 🙂 

Emmanuel (izina ryahinduwe) ni umwe muri bo: 🙂 

Ati: "Gushika uwu mwanya umupaka urugaye. Twebwe tuhakorera ubuzima buca buhagarara. Rasiyo ntisubira kuboneka. Duca twicara." 😘 

"Twosaba ko Kongo yogira ico ikoze umutekano ukagenda neza, imigenderanire isubire kumera neza, imipaka yugururwe, kugira natwe dushobore gukora akazi." 😘 

Umupaka wa Gatumba, uzwi kandi nk'uwa Kavimvira, ni umwe mu mihora ikomeye Uburundi bwikorako mu kwinjiza ibidandazwa, harimwo n'igitoro gisanzwe gikenye muri iki gihugu. 😆 

Igisagara ca Uvira kiri ku birometero 30 vy'umugwa mukuru w'ubutunzi w'Uburundi, Bujumbura. 🍺 

Ibarabara rya Gatumba, ni ryo barabara ryonyene rya hafi rishika muri Uvira uvuye i Bujumbura, hambavu y'inzira yo mu kiyaga Tanganyika.

Reta y'Uburundi yagiriza Urwanda gufasha umuhari M23, igashimangira ko kuba uwo muhari ubandanya wigarurira uburere ku ruhande rwegereye Uburundi bigamije guhungabanya umutekano w'Uburundi.

Urwanda rwamirira kure ivyo rwagirizwa. N'umuhari M23 uvuga ko ata mugambi wo gutera Uburundi ufise.

Kuva intambara zitanguye gukara cane mu burere bwegereye Uburundi mu ndwi iheze, ibihumbi n'ibihumbi vy'impunzi z'Abakongomani bibandanya kwisukira vyinjira mu Burundi.

Igitigiri nyezina c'izo mpunzi ntikiramenyekana.

Ariko kije ciyongera ku bandi barenga 100,000 bahungiye mu Burundi mu ntango z'uwu mwaka no mu mwaka uheze. 🍔 


Reply
Scroll to Top