Mw’ijoro rihera ryo ku wa gatanu rishira ku wa gatandatu, Abarundikazi babiri barahitanywe n’isanganya ry’umuriro i Buruseli mu Bubiligi, nkuko vyemezwa n'imiryango yabo.
Abo ni Masika Sandra w’imyaka 20 na Muco Steffy Bretta w’imyaka 27.
Uwo muriro wadutse mu nzu y’amagorofa atatu iri hagati mu gisagara ca Buruseli muri komine (akarere) ya Anderlecht, mu nzu ibamwo abantu benshi.
Walter Derieux, umuvugizi w’igipolisi kijejwe gukinga impanuka c’umuji wa Buruseli, yabwiye abanyamakuru ko umuriro watanguye kwaka mu gicugu (ijoro rinini) mu nzu iri hasi.
Uwo mupolisi yavuze ko uwo muriro wahavuye utandukira izindi nyubako zo hejuru.
Yabandanije avuga ko naho bagerageje kuzimya, basanze mu nzu zo hejuru hariho abantu batatu bapfuye, harimwo abapfasoni babiri boba bafise amamuko muri Afrika. 🥂 🍔 🍵