Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Forum

Delcat Idengo umuri...
 
Notifications
Clear all

Delcat Idengo umuririmvyi yanebagura reta ya Congo yatowe ikiziga i Goma,

1 Posts
1 Users
0 Reactions
18 Views
zuberi2
Posts: 726
Topic starter
(@zuberi2)
Noble Member
Joined: 7 months ago

Delcat Idengo yari apfungiwe mw'ibohero rya Munzenze i Goma kuva mu kwezi kwa Mukakaro (8) mu mwaka 2024 😍 

Umuririmvyi Delcat Idengo, azwi cane mu ndirimbo ziwe zinebagura reta ya Congo, yari yahagaritswe kuva mu mwaka uheze, yatowe ikiziga i Goma. 😆 

Yari arindiriye gucirirwa urubanza ku caha co kugumura abantu ngo bafate ibigwanisho, inyuma y'aho atunganirije imyiyerekano yo gusaga ingabo zijejwe kubungabunga umutekano za Onu ziri mu butumwa bwa Monusco kuva muri Republika ya Demokrasi ya Congo. 😆 

Umwaka uheze yasohoye indirimbo ahamagarira abantu gufata ibigwanisho ngo bice Abatutsi, yise "Dawa ya Mutusi". 😘 

Izina ryiwe ry'ukuri ni Delphin Katembo Vinywasiki. Uwo muririmvyi n'umwe mu banyororo 4.400 batorotse ibohero rya Munzenze i Goma, mu buseruko bwa Congo, igihe ico gisagara cafatwa n'abagwanyi ba M23 inyuma y'intambara z'umwanya muto mu kwezi kwa mbere. 😆 

Delcat yaramenyekanye cane muri Congo kuva ahagaritswe mu kwezi kwa Mukakaro(8) umwaka uheze. 🙁 

Reply
Scroll to Top