Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Forum

Ifatwa rya Uvira mu...
 
Notifications
Clear all

Ifatwa rya Uvira mu ntango z'iyi ndwi ryabaye ata n'indwi iheze Urwanda na Congo bisinye amasezerano y'amahoro y'i Washington yahagarariwe na prezida Donald Trump wa Amerika ubwiwe.

1 Posts
1 Users
0 Reactions
18 Views
Posts: 54
Topic starter
(@umubwiriza)
Estimable Member
Joined: 1 year ago

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagiriza Urwanda ko ruriko rushora akarere mu ntambara. 😍  Mu nama y'urwego rwa ONU rujejwe umutekano yabaye kuri uyu wa gatanu ku kibazo ca Congo inyuma y'ifatwa rya Uvira, Mike Waltz aserukira Amerika muri iryo shirahamwe, yagirije amenya Urwanda afatiye ku ngendo yarwo mu gufasha umuhari M23 urwanya igisirikare ca Repuburika ya Demokarasi ya Congo. 😆 

Mike Waltz, yashikirije ibirego bihambaye vy'ukungene Urwanda ruriko rufasha M23 mu kuyiha ibirwanisho hamwe n'abasirikare. 😆 

Ifatwa rya Uvira mu ntango z'iyi ndwi ryabaye ata n'indwi iheze Urwanda na Congo bisinye amasezerano y'amahoro y'i Washington yahagarariwe na prezida Donald Trump wa Amerika ubwiwe. 😆 

"Ni akamaraza kuri perezida Trump", niko umutegetsi umwe wo mu Burundi yavuze. 😘 

Umwigisha wa kaminuza muri Canada Jason Stearns akurikirana ivy'akarere nawe ati "ndemeranya n'uwavuze ivyo". 😘 

Urwanda rwamye ruhakana ibirego nk'ibi bimaze igihe kirekire, rukavuga ahubwo ko rworwo rwafashe ingingo zo kwikingira ingaruka z'intambara ibera mu buseruko bw'iki gihugu.

Mw'ijambo ryashikirijwe n'uwuserukira Urwanda muri ONU, Martin Ngoga, yagirije amakungu ko yamenyeshejwe ivyariko biraba muri Kivu y'Epfo ariko bigira sindabibazwa.

Mw'ijambo ryiwe Mike Waltz yavuze ko Amerika itewe umutima uhagaze kandi ko yumva yarahemukiwe kubera intureka zibera mu buseruko bwa RD Congo.

Asa n'uwuvugana ishavu, Waltz yahaye inama amakuru avuga ko bafise ku yerekeye uburemere n'ubuhinga bukoreshwa n'Urwanda mu bibera mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

"Kuva mu 2021, Urwanda rugenzura umufatanyabikorwa warwo M23 hamwe n'ishami rya poritike rya M23, AFC, kandi rukoresha M23 na AFC kugira ngo rushikire inyungu za poritike z'Urwanda mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

"Kigali yaragize uruhara rukomeye mu gutegura no gushira mu ngiro intambara yo mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, aho rumaze imyaka ruha M23 hamwe na AFC ubuyobozi bwa gisirikare n'ubwa politike mu myaka myinshi iheze.

"Ingabo zo kwivuna abansi z'Urwanda zahaye M23 ibikoresho, ziyifasha mw'itegurwa n'itunganywa ry'ibikorwa, ziyiha n'inyigisho, hongera harungikwa hagati ya 5 000 na 7 000 kurwanira hamwe na M23 kuva mu ntango za Kigarama (12).

"Muri ano mezi aheze, Urwanda rwarungitse ibisasu vyinshi vya misire zo mu bwoko bwa SOL-AIR hamwe n'ibirwanisho rutura muri Kivu ya Ruguru n'iy'Epfo mu gufasha M23 mu ntambara yayo ya RD Congo.

"Urwanda na M23 batanguje ibitero mu mpera z'indwi iheze kugira ngo bafate Uvira, aho n'ingabo z'Urwanda na zo nyene zari ku rubuga rw'intambara.

Waltz avuga ko bafise amakuru yizewe yerekana ko Urwanda na M23 bongereje akariro mw'ikoreshwa ry'indege z'ubwiyahuzi zitajamwo abadereva (drone), hamwe na vya muzinga, harimwo n'ibitero ku butaka bw'Uburundi, akabona ko ata handi ibi biganisha atari ku ntambara y'akarere.

Ati: "Ku bw'ivyo, aho kuba urugendo rugana ku mahoro, nk'uko twabibonye mu ndwi ziheruka ku buyobozi bwa Perezida Trump, Urwanda ruriko rushora akarere mu mutekano muke ni'intambara wiyongera".

Waltz yagiriza kandi Urwanda ko ari indyadya, mu kubuza ibikorwa vya za ngabo za ONU (MONUSCO) ziri mu buseruko bwa Congo, mu kuzibira ingendo zazo n'itumatumanako, akavuga ko ibi bituma zidashobora kuranguza ibikorwa vyazo.

Ati : "Kubona ingabo z'amahoro za ONU zugaranwa n'ingabo zishigikiwe n'igihugu kiri muri ONU, mbere n'iki gihugu nyene kikaba gitanga ingabo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro, ni uburyarya bubabaje cane.

"Urwanda rubandanya rurungika ibisasu vya misire 'sol-air' kandi rukaguma rukora ibikorwa vyo guhungabanya no kuyovya itumatumanako, ibi bikaba bibangamira ibikorwa".

Intumwa zirati nke ziyamirije iyi ntambara ibandanya mu buseruko bwa Congo, aho bamwe bagirije Urwanda ko ari rwo rubandanya kuba nyirabayazana.

Ku ruhande rw'Uburundi, Zephyrin Maniratunga abuserukira muri ONU, yasavye ko hoba inama yihutirwa kugira ngo hafatwe ingingo ruhasha "hafatwe ibihano ku birwanisho no ku butunzi" kugira ngo "ibi bitero bihonyanga amategeko mpuzamakungu" bihagarare.

Ambasaderi Maniratunga yabwiye kandi abari muri iyo nama ko Urwanda rwasotoye Uburundi mu kurasa ibisasu, kandi ko butazobandanya bureze amaboko ari nka hamwe vyobandanya.

Ati: " Uburundi bwashaka kumenyesha iyi nama ko bwafashe nka nkama ubutumwa bw'ibibombe vyarashwe ku butaka bw'Uburundi bivuye mu Rwanda ku wa 4 Kigarama [12]. Dufata ko aka ari agasotoro gakomeye kandi kerekana ingendo igayitse twiyamiriza twivuye inyuma.

"Aha rero nkeneye gutomora ko ukwifata bifise aho bigarukira. Ari nka hamwe ibi bitero vy'ubupfamutima vyobandanya, bifise kugorana kuzibira ko ibintu vyunyuka hagati y'ibi bihugu bibiri.

"Uburundi ntibushobora kwihanganira iri honyangwa ry'ubusugire bwabwo ribandanya, kandi bufise uburenganzira bwo kwivuna nk'uko biri mu ngingo ya 51 y'ishirahamwe ONU.

'Twaravuze ntibatwumva'- Ambasaderi w'Urwanda 😆 

Ku ruhande rwiwe, Ambasaderi Martin Ngoga aserukira Urwanda muri ONU yiyamirije ivyo Urwanda rwegekwako, akavuga ko ibibazo ubu biri mu ntara ya Kivu ari ingaruka z'ivyo rwagumye rugabisha ariko amakungu akica amatwi kandi ko reta ya RD Congo ari yo yahonyanze amasezerano.

Yavuze kandi ko ibiriko biraba ari inkurikizi z'ico avuga ko ari itotezwa ry'Abakongomani b'Abatutsi bavuga ikinyarwanda bazwi nk'Abanyamulenge, akavuga ko amakungu aryihoza.

Yagirije mbere n'Uburundi kurungika ibihumbi n'ibihumbi vy'ingabo zabwo mu ntara ya Kivu y'Epfo bubisabwe na reta ya Congo, avuga ko ziyongera ku barwanyi ba FDLR, abacangero , abarwanyi ba Wazalendo n'iyindi mirwi mu kwugariza aba Banyamulenge nk'uko abivuga.

"Ibikorwa bakoranye na FARDC, FDLR n'iyindi mirwi bakorana barugaranye Abanyamulenge, ariko igitangaje ni kimwe: hariho ayandi moko ari muri ako karere, hari Ababembe, Abafulero, hariho n'ubundi nibagiye izina, ariko ibi vyakorewe Abanyamulenge bonyeye. 😐 

"Ibi nta n'umwe abivuga. Twarabishikirije hano, ariko nta na kimwe cakozwe.

"Reta ya RDC, nk'igihugu cabatumyeko, yategerezwa kwemanga ibikorwa n'ingendo vy'ingabo z'Uburundi n'abo bakorana ku rubuga".

Icuka gisanzwe ari kibi hagati y'Uburundi n'Urwanda kuva mu 2015 igihe haduka indyane za poritike mu Burundi, aho reta y'ico gihugu yagiriza iy'Urwanda ko ari yo ihaye indabo abashatse gutembagaza ubutegetsi bw'Uburundi ico gihe. 😐 

Iki cuka cagiye kwunyurwa n'irungikwa ry'ingabo z'Uburundi gufasha reta ya Congo, ingingo itakiriwe neza n'Urwanda. Ikibombe giheruka guterwa mu Rugombo mu cahoze ari intara ya Cibitoke mu Burundi carongereje iki cuka, aho bwagirije Urwanda ko rwabuteye.

Ngoga ati: "Ndashaka gutomora ko Urwanda ata ntambara rwateje ku Burundi kandi nta biri mu mugambi. Ahubwo, hari igitero cakozwe i Bugarama mu Rwanda no mu duce tumwe twa RDC kivuye mu Burundi". 😘 

Hagati aho, mu gihe Urwanda rutabona ryiza ingabo z'Uburundi ziri ku butaka bwa RD Congo aho zagiye gufasha reta y'iki gihugu kurwanya inyeshamba, na M23 irimwo, ku busabe bwa Kinshasa, Ambasaderi Waltz wa Amerika yabwiye Urwanda ko ari ngombwa kwemera uburenganzira bwa Reta ya Congo. 😆 

Waltz ati: "Dusaba Urwanda kwubahiriza inshingano zarwo no kwubaha uburenganzira bwa Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo bwo kwivuna umwansi ku butaka bwayo, hamwe n'uburenganzira nk'igihugu cigenga bwo gutumira ingabo z'Uburundi ku butaka bwayo".

Mu gihe kandi rusabwa kwubahiriza ubusugire bwa RD Congo, Ambasaderi Ngoga yibukije ibibazo avuga ko biterwa na wa muhari wa FDLR ufatwa ko ugizwe n'abagirizwa gukora ihonyabwoko ryo mu Rwanda mu 1994.

Ati: "Amategeko ngenderwako yose twavuze, nk'ubwigenge, ubusugire, n'Urwanda na rwo rurayemera ko ari ibintu bitegerezwa kwubahirizwa. Ariko ukubaho kwa FDLR kugeramiye ivyo vyose. Ego, ukuri kuragoye.

"Ivyemezo na vyo biragoye, kandi kimwe mu vyemezo, ikintu kimwe kigoye ni uko reta ya RD Congo, mu myaka 30 yose, yagumye ifasha FDLR.

"FDLR ntigeramiye gusa ubusugire bw'Urwanda, igeramiye n'ukubaho kw'Urwanda n'abanyagihugu barwo.

Reta ya Congo ivuga ko ata mugambi uhari wo gukorana na FDLR, mbere yaranagabishije ko uwohirahira agakorana na yo yofatirwa ibihano. Ahbuwo yagiriza Urwanda ko yama igira urwitwazo uno muhari kugira ngo ibandanye ivogera ubutaka bwayo.

'Ibijambojambo gusa' - Kayikwamba 😀 

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya RD Congo Thérèse Kayikwamba yagiriza ishirahamwe ONU ko ribandanya rivuga amajambo gusa ariko ridashobora gufata ingingo ruhasha kugira ngo ribuze Urwanda kuvogera igihugu ciwe.

Ati: "Mu mezi icenda yose, iyi nama nta ngingo n'imwe nyayo iboneka yigeze ifata mu kugira ngo icemezo cayo cubahirizwe kandi yongere ihagararire amabanga yayo nyayo. Ugutera akamo gusa no kugabisha, ariko nta na kimwe gikorwa".

"Ibi bijambojambo bitagira ibikorwa vyahaye akaryo Urwanda ko kubandanya no kwagura ibikorwa vyarwo, ataco rwinona.

"Igihe kirageze ko iyi nama ihangana n'ikibazo gikomeye: ni gute mu myaka mirongo itatu y'intureka, ukudafata ingingo ruhasha kuri mu vyatumye iri honyangwa ribandanya".

Asaba ko Urwanda rufatirwa ingingo, haba nk'igihugu canke ku bantu bafise uruhara muri iyi ntambara.

Kayikwamba asaba iyi nama ya ONU ijejwe umutekano kw'isi "gushira mu ngiro uko bikwiriye ingingo ya 2773, gufatira ibihano abategetsi ba gisirikare n'aba politike bafise uruhara muri ibi bitero, kubuza ibidandazwa vyose vy'ubutare bushorwa hanze bwanditswe ku Rwanda, gukuraho uburenganzira bw'Urwanda bwo gutanga ingabo zirungikwa mu bikorwa vyo kugarukana amahoro vy'ishirahamwe mpuzamakungu ONU". 😉 


Reply
Scroll to Top