Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Forum

Impunzi, Cholera mu...
 
Notifications
Clear all

Impunzi, Cholera mu mpunzi z'Abakongomani, ibintu vyifashe nabi aho bacumbikiwe mu Burundi

1 Posts
1 Users
0 Reactions
33 Views
zuberi2
Posts: 748
Topic starter
(@zuberi2)
Noble Member
Joined: 1 year ago

Amashirahamwe ajejwe ubutabazi mu Burundi avuga ko ibintu vyifashe nabi mu Bakongomani baherutse guhunga intambara zimaze iminsi zongeye gukara mu ntara ya Kivu y'Epfo 😨 mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo. 😆 

Ishami rya ONU rijejwe impuzi kw'isi, UNHCR, rivuga ko aho ziri mu bibanza zashikiyemwo zihanganye n'ubukene bw'amazi meza, imfungurwa, isuku rike n'ivyankenerwa vy'ibanze, mu gihe zibandanya ziyongera muri iyi misi ya vuba. 😉 

Kimwe mu bibazo bigeramiye 🤭 izi mpunzi ni ikiza c'indwara ya cholera yatanguye kuvugwa mu bibanza vy'imfatakibanza zashikiyemwo, nko mu Cibitoke yo mu ntara ya Bujumbura, hamwe na Rumonge yo mu ntara ya Burunga. 😉 

Zakari Moluh, umuhuzabikorwa w'ishirahamwe 🤬 MSF mu Burundi, avuga ko bamaze kwakira abantu hafi 37.000 bajabutse uruzi Rusizi ubu bakaba bacumbikiwe mu karere ka Ndava kari muri zone Cibitoke, mu buraruko bushira uburengero bw'igihugu, nk'uko biri mw'itangazo ryasohowe n'iryo shirahamwe. 🍒 

Avuga ko buri musi bavura abantu 200 barwaye indwara zitandukanye, 😨 muri bo hakaba harimwo n'abamaze kwandura cholera.

Agira ati: "Mw'ikambi ya Ndava (Cibitoke), 🌻 tumaze kuvura abantu 14 ibipimo vyemeza ko barwaye cholera. 😨 

"Tubona abantu bari mu gahinda, 🌼 mu mwiheburo n'uburuhe. Tubona abagore bavyariye mu nzira bariko barahunga, abandi bavyarira mw' ivuriro ryacu 😱 ".

Ishami rya ONU rijejwe impuzi kw'isi, UNHCR, rivuga ko rimaze kwakira impunzi zirenga 88.000 🌼 kuva umuhari AFC/M23 urwanya reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Congo winjiye mu gisagara ca Uvira, ica kabiri gikomeye mu ntara ya Kivu y'Epfo. 😨 


Reply
Instagram
LinkedIn
YouTube
Scroll to Top