Abatwa kugeza ubu nabo basigaye barima 🤣
Abatwa bamwe bavuga ko ibumba ryataye agaciro ku buryo bishinze kubumba bokwicwa n'inzara
Mu Burundi, ntibimenyerewe ko abanyagihugu bo mu bwoko bw'Abatwa bagaragara cane barangura imirimo y'uburimyi. 😉
Ariko ubu bisa nk'aho mu burere bumwe bumwe bw'igihugu ibintu bitanguye guhinduka.
Emmanuel Mvuyekure, Umutwa wo ku mutumba Rukoba akaba n'umuvyeyi w'abana umunani, avuga ko ibumba ritagishoboye gutunga Abatwa muri iki gihe c'iterambere ryahinduye ibintu vyinshi. 😏
Yabwiye itangazamakuru ati: "Ubu ibumba ryarataye agaciro cane rwose, mbere umuntu yishinze kubumba n'inzara yomwica, yogwa mu bana bivanye n'ukuntu hagiye haraba ihindagurika.
Urabona ingene ibintu vy'iterambere vyagiye biraba, abantu bagasuzugura inkono zacu bigira mu vy'amasafuriya, ugaca usanga inkono zitaye agaciro gurtyo".
Ushitse ku mutumba Rukoba, zone na komine Gitega, usanga bamwe mu batwa akuya kabarenze bariko bararima. 🌼
Abatwa bahisemwo gufatya isuka kubera bavuga ko umwuga wo kubumba utakibabumba
Hari abo usanga bariko barashwabura ibiharage, abandi batorera imirima y'ibigori canke y'imyumbati.
Biraboneka ko hari vyinshi vyahindutse mu nyifato n'ingendo.
Mvuyekure agira ati: "Twaciye twibako, turavuga tuti 'abandi banyagihugu ubuzima babayemwo ni ukurima', duca duhitamwo rero gufata isuka umuntu arime.
"Aha twebwe twarateye ibiharage vy'agatasi. Urabona n'ibigori birimwo. Ibiharage twasoromye…".
Ubasanze mu mirima ntiwomenya ko ari n'abatwa. Uja kubitahura ari uko bashitse mu mihana iwabo bagodotse, kubera bashika batangura kubumba inkono. 😧
Umurindi izimba ry'ubuzima ririko na wo nyene uri mu vyatumye bahaguruka maze batangura kuronderera ubuzima mu burimyi.
Bamwe muri bo mbere usanga bafise n'ibitungwa nk'impene, inkoko n'ingurube, aho bavuga ko bibafasha kuronka intabire na cane cane muri iki gihe bemeza ko bataronka neza ifumbire y'ikizungu.
Annonciate Shemezimana, umupfasoni wa Emmanuel Mvuyekure, avuga ko ubukene bw'ifumbire bubugarije butuma umwimbu ugabanuka, bikanashika ivyo barimye ntibibamaze umwaka.
Terence Nyandwi, umwe mu banyagihugu batari mu bwoko bw'Abatwa, abona reta yari ikwiye gukora ibishoboka vyose kugira iyo miryango y'abatwa myirimizi ironswe ivyo ikeneye vyose mu ntumbero yo kuyitera intege.
Agira ati: "Turazi ko abatwa batamenyereye ivyo kurima. Hari n'abo usanga batunzwe no gusegerereza. Rero ko reta yari itomboye bakemera kurima, yari ikwiye kubakurikiranira hafi ikabaronsa ivyo bakeneye vyose".
Bamwe muri abo batwa bavuga ko aho barima hadakwiye, bagasaba reta kubaha ayandi matongo.
Imwe mu ngorane zikomeye zihanze aba batwa birimizi bo ku mutumba Rukoba, imirima yabo y'ibigori igeramiwe n'impongwa. Basaba inzego z'igihugu kubafasha guhangana n'utwo dukoko.
André Niyongere ajejwe uburimyi muri komine Gitega, avuga ko iyo ngorane bayizi. Yabwiye itangazamakuru ko bariko bigisha abo banyagihugu ubuhinga bwo kunoba izo mpongwa bakoresheje iminwe.
Ku bo bizonanirana, ngo bazoheza bakoreshe imiti yo gupompa.
Abajejwe intwaro mu ntara ya Gitega bavuga ko iri hinduka ry'Abatwa bo ku mutumba wa Rukoba rikwiye kubera akarorero bagenzi babo bo mu yindi mihingo y'igihugu.
Hagati aho, nubwo bijukiye uburimyi, umwuga wabo wo kubumba inkono ntibawibagira