Abarwanyi ba M23 barwanya ubutegetsi bwa Kongo, ku wa gatandatu barigaruriye igisagara ca Masisi kiri mu buseruko bwa Kongo. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru rivuga ko umushingamateka yitwa Alexis Bahunga wo mu ntara ya Kivu ya Ruguru, yaryemereye ukuri kw’ano makuru avuga ko bibabaje kandi biteye amakenga. 😆
Umunyagihugu yitwa Dieudonné Mirimo Mahibdule nawe yabwiye AFP ko abarwanyi ba M23 babwiye abanyagihugu ko baje kubohoza igihugu agira ati: “ Bafashe ico gisagara mu ma saa munani. Babanje gukorera inama kw’iparuwasi, hama batubwira ngo baje kubohoza igihugu.” 😀
Abakorera ku mavuriro bahaye amakuru AFP bavuze ko hari abanyagihugu bahungiye ku bitaro bitandukanye. Bemeje ko hari abasivile bakomeretse naho batatangaje igitigiri cabo. 😦
Ku rundi ruhande, itororokanirizo ry’amakuru y’abongereza, Reuters, naryo rivuga ko ryarondeye igisirikare ca Kongo, FARDC, kugira ribaze ico kivuga kuri ano makuru ariko umuvugizi waco ataco yashimye kuritangariza. 🤬
Igisagara ca Masisi impande zitandukanye zemeje ko kiri mu minwe ya M23, giherereye ku birometero 80 vya Goma, umurwa mukuru w’intara ya kivu ya ruguru. Kiri mu bisagara bifatwa nka nkoramutima muri Kongo. 🤧
Abarwanyi ba M23 kuva mu mpera zo mu 2024, bagenda batera intambwe mu gufata uburere n’ibisagara vya Kongo. Mu kwezi kwa 12, bagarukiye ku birometero 50 vy’igisagara ca Lubero n’ibirometero 100 vy’igisagara ca Butembo gifatwa nk’umutima w’ubucuruzi bwa Kongo. 😇
Kongo n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyagiriza U Rwanda gufasha abarwanyi ba M23 haba mu kubaronsa ibirwanisho canke kubaha abasirikare babafasha kurwana.U Rwanda ruvuga ko ivyo rukora ari ukwivuna. 🤡
Mu kwezi kwa cumi na kabiri ko mu 2023, vyari bitegekanijwe ko prezida wa Kongo Félix Tshisekedi n’uw’u Rwanda Paul Kagame bahurira I Luanda muri Angola munama yo gukemura ibibazo ivyo bihugu bifitaniye, ariko iyo nama yasivye ku munota wa nyuma kubera abo bategetsi batashoboye kwumvikana ku vyoja ku meza y’ibiganiro. 🌻