Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Forum

Miss Burundi 2025 A...
 
Notifications
Clear all

Miss Burundi 2025 Azoronka Miriyoni 25 n'Umuduga Ukoresha Umuyagankuba, Bamwe mu bari mu mahiganwa ya Miss Burundi 2025

1 Posts
1 Users
0 Reactions
46 Views
Posts: 533
Topic starter
(@zuberi)
Noble Member
Joined: 8 months ago

Amahiganwa ya Miss Burundi 2025 ageze muri kimwe ca kane c'intambwe ziyagize. Iki gice kibanziriza kimwe ca kabiri, gisigayemwo abakobwa 60 mu 105 bari baremerewe guhiganwa. 😀 

Batanu bazoshika mu gice ca nyuma kizoba mu kwezi kw'indwi, bazohabwa ubushimwe butandukanye burimwo gushigikirwa mu bikorwa vyabo. 🤣 

Vy'umwihariko, Miss Burundi 2025 azoronka imiriyoni 25 mu mafaranga y'Amarundi, hamwe n'umuduga udakoresha igitoro. 🤣 

Ifoto ya bamwe mu bari mu mahiganwa ya Miss Burundi 2025 😆 😆 

Bimwe mu vyo abatunganya amahiganwa bafatiyeko kugira umukobwa yemererwe kwinjira mu mahiganwa, harimwo kugira ubutari munsi munsi ya metero imwe na centimetero 59, kutarenza ibiro 65, kugira hagati y’imyaka 18 na 24, gushobora kuvuga mu ndimi zine (Ikirundi, Igifaransa, Icongereza n’Igiswahili). Abariko barahiganwa muri Miss Burundi, bahitamwo ururimi rumwe muri izo 4 bashaka gukoresha. 😎 

Umumenyeshamakuru, Diane Nininahazwe, yavuganye na Rossa Kamariza, ajejwe gutunganya Miss Burundi mu kirungo c'imyaka itatu, amusigurira ibijanye n'iryo higanwa. Nininahazwe na Kamariza. 🤣 

 

Reply
Scroll to Top