Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Forum

ONU ivuga ko abantu...
 
Notifications
Clear all

ONU ivuga ko abantu barenga 200,000 b'i Uvira bamaze guhungira imirwano mu gihugu hagati, abandi ibihumbi n'ibihumbi bahungira mu bihugu bibanyi

1 Posts
1 Users
0 Reactions
25 Views
Posts: 54
Topic starter
(@umubwiriza)
Estimable Member
Joined: 1 year ago

Inyuma y'imirwano imaze iminsi irangwa mu micungararo ya Uvira, mu ntara ya Kivu y'Epfo mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, umurwi w'inyeshamba wa AFC/M23 uhejeje kumenyesha ko wafashe igisagara ca Uvira. 😆 

Mw'itangazo ryaciye ku rubuga rwa X rwa Lawrence Kanyuka, umuvugizi w'uwo murwi, avuga ko amenyesha abantu bose ko kuva mu mezi arenga atatu, AFC/M23 yiyamirije amajambo abiba urwanko, ibitero vyibasira abenegihugu kubera uko bavutse basa, n'ubwicanyi bukorerwa "mu turere twabohowe" na M23 bukozwe n'abarwanyi bafashanya na reta ya Kinshasa na somambike wabo, ari we Uburundi. 😆 

Ati: "Uyu musi, iyi nkeke yakuweho kandi turemeza ko igisagara ca Uvira ubu cabohowe. Turahimiriza abenegihugu gusubira mu bikorwa vyabo mu mutekano ntangere: AFC/M23 irahari kugira ngo ibakingire." 😍 

Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo ivuga ko yategetse ingabo zayo kutivuna umuhari uyigwanya wa M23 mu gihe uriko uratera intambwe zikomeye mu gisagara ca Uvira, akarere ka nyuma gakomeye kari gasigaye katarafatwa mu buseruko bw'ico gihugu. 😆 

Reta ya Congo isigura ko yashatse kwirinda ko abasivire bahasiga ubuzima. 😘 

Igice kinini c'ingabo za Congo cavuye aho muri Uvira, n'ubwo abanyagihugu baho bavuga ko intambara zikibandanya. 😆 

Amwe mu makuru avuga ko Uburundi, busanzwe ari incuti ya Congo, bwugaye umupaka inyuma y'aho abantu ibihumbi n'ibihumbi bahungiye muri ico gihugu. 😆 

Uburundi busanzwe bufise ingabo mu buseruko bwa Congo zagiyeyo ku bwumvikane na reta ya Kinshasa mu rwego rwo kurwanya imihari yitwaje ibirwanisho irimwo na M23 na RED-Tabara urwanya Uburundi ukorera mu buseruko bwa Congo. 😑 

M23 itangaje ko yafashe Uvira inyuma y'aho umurwi mpuzamakungu ukurikiranira hagufi akarere k'ibiyaga binini (ICG) wamenyesheje ku wa kabiri ko utewe impungenge n'intureka zabaye ndanse mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, cane cane intambara ziriko zibera mu micungararo ya Uvira. 😘 

Uwo murwi wa ICG wari wasavye M23 n'Urwanda guhagarika imirwano, uvuga ko hari akaga ko intambara ishobora gutandukira akarere kose. 😆 

Mw'itangazo rya Kanyuka, M23 ihamagarira abenegihugu gusubira mu bikorwa vyabo mu mutekano ntangere n'abahunze gusubira mu mihana yabo kandi ko AFC/M23 iriho kugira ngo ibakingire. 😆 

Ivyegeranyo vy'abahinga ba ONU vyagiriza Urwanda gufasha M23 mu kuyiha ibikoresho, abasirikare n'amategeko. Urwanda rubandanya rubihakana, ruvuga gusa ko rwafashe ingingo zo gukingira imbibe zarwo. 🙂 

Kuva intambara isubiye kwaduka mu mpera za 2021, si bwo bwa mbere M23 n'Urwanda batewe akamo ko guhagarika intambara, ariko nta co vyigeze bihindura ku rubuga, reta ya Congo na yo ikabandanya itakaza ubutaka. 🙂 

Umurwi wa M23 usanzwe ufise uduce tutari duke tw'intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, harimwo n'imigwa mikuru yazo, Goma na Bukavu. 😉 

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko abantu barenga 200,000 b'i Uvira bamaze guhungira mu gihugu hagati, mu gihe abandi ibihumbi n'ibihumbi bahungiye mu bihugu bibanyi. 😀 


Reply
Scroll to Top