Mu Burundi, Agathon Rwasa aza imbere mu batavuga rumwe na Reta, abashingamateka bandi 2 bo mu mugambwe CNL n’abakomoka mu migambwe iri mu runani Burundi bwa bose ntibari mu rutonde rw'abemerewe kuzokwitoza mu matora y'abashingamateka azoba mu kwezi kwa gatandatu ko muri uno mwaka wa 2025. 😘
Umurwi wigenga utunganya amatora mu Burundi, CENI, wasohoye urutonde rw’abemerewe kuzokwitabira amatora yo mu kwa gatandatu ku mugoroba wo ku wa kabiri w’ino ndwi. 😆
Urunani Burundi bwa Bose ru kumiriwe muri ayo matora, rwemewe n’ubushikiranganji bwo hagati mu gihugu igenekerezo rya 17 z’ukwezi kwa cumi na kabiri. Rugizwe n’imigambwe Frodebu, CODEBU, FDES na CNDD. 😍
CENI yavanye urunani Burundi bwa Bose ku rutonde rw’abemerewe kwitoza inyuma y’iminsi iri munsi y’indwi imwe, Agathon Rwasa atangaje ko azokwiyunga n’urwo runani mu matora. 😆
Umurwi CENI usigura ko wavanye urunani Burundi bwa Bose ku rutonde rw’abemerewe kwitoza, kubera urutonde rw’urwo runani rwariko abashingamateka 3 bo mu mugambwe CNL utari muri urwo runani. Ku bwa CENI, ibi biciye kubiri n’ingingo y’112 y’ibwirizwa rigenga amatora n’iy’7 rigenga imigambwe. 😉
Abo bashingamateka urunani Burundi bwa Bose CENI ivuga ko rwazize ni Agathon Rwasa acemeza ko arongoye umugambwe CNL, Umushingamateka Euphrasie Mutenzinka na Anatole Karorero bo muri uwo mugambwe. 😀
Umushingamateka Agathon Rwasa w’imyaka 60 yaje ubwa kabiri mu majwi mu matora yo mu 2020, Evariste Ndayishimiye yatahukanyemwo intsinzi. Ntiyigeze yemera ko yatsinzwe muri ayo matora. Yavanywe ku burongozi bwa CNL mu kwa gatatu ko mu 2024, n’ “Abagirizwa kuba mu kwaha k’umugambwe CNDD-FDD”. Kugera ino saha, yemeza yamara ko ari we agitwara uwo mugambwe. 🤑
Kefa Nibizi atwara umugambwe CODEBU uri mu runani Burundi bwa bose, yavuze ko kuvanwa ku ntonde z’abazokwitoza mu ntara zose z’Uburundi ari ugukumirwa gushingiye ku batinya urwo runani agira ati: “ Ntibipfuza ko urunani rwacu ruja mu matora kubera batinya inguvu dufise.” 😲
Umurundi w’umuhinga mu vya politike yavugishije itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, ntashime ko amazina yiwe atangazwa, nawe yavuze ko “ Ubutegetsi buhari buhanzwe n’ibibazo birimwo ivy’ubutunzi, bwakoze ibishoboka vyose kugira bukumire Agathon Rwasa mu matora, kubera benshi mu banyagihugu bamwizera nk’uwozana inyishu ku bibazo biri mu Burundi.” 😰
Ikiranga minsi c’amatora kivuga ko uwutashimishijwe n’ingingo ya CENI afise iminsi ibiri yo kwunguruza muri sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro, nayo igaheza igatangaza ingingo yayo mu kiringo kitarenga iminsi umunani. Umurwi CENI uzotangaza urutonde rwayo ntabanduka rw’abemerewe kwitoza igenekerezo rya 13 z’uku kwezi kwa mbere. 😞