Abode Tidings

Umutambukanyi w'umu...
 
Notifications
Clear all

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Melania Trump, yatumiye abategetsi bo mu bihugu bigera kuri 45, barimwo na Angeline Ndayishimiye – umutambukanyi wa Perezida w’Uburundi,

1 Posts
1 Users
0 Reactions
40 Views
Posts: 12
Topic starter
Eminent Member
Joined: 1 year ago

mu gikorwa gifise intego yo “guteza imbere abana mu ndero yo mu mashure be n’ubuhinga bwa none 😉 ”.

Ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika bivuga ko ari “ubwa mbere muri kahise ka Amerika” umutambukanyi w’umukuru w’ico gihugu atumiye abantu bavuye mu bihugu bingana gutyo ku munsi umwe 😘 .

Ibiro vy’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi bivuga ko Angeline Ndayishimiye yatumiwe kandi azokwitaba iyo nama izoba ku wa kabiri no ku wa gatatu 🙂 .

Mu bazokwitabira iyo nama harimwo kandi kompanyi 28 zikomeye mu buhinga bwa none zirimwo OpenAI, Microsoft, xAI, Meta, Adobe, Google n’izindi nk’uko ibiro vya perezida wa Amerika bibivuga 🙂 .

Iyi nama izotangura ejo ku wa kabiri itariki 24 z'ukwa gatatu ku biro vy’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire, irangirire muri Maison Blanche/White House – ibiro vya Perezida wa Amerika – ku wa gatatu itariki 25 z'ukwa gatatu 2026 😥 .


Share:
Scroll to Top