
Burundi – amatora, Kirazira gutangaza ibiharuro bidatanzwe na CENI-biri mu ngingo zigenga abanyamakuru
Ambassadeur Espérence Ndayizeye arongoye inama nkuru y’igihugu ijejwe gukurikirana ibijanye no kumenyesha amakuru CNC, yaraye ashize ahabona urwandiko rw’ingingo 20 zizogenga abamenyeshamakuru bo mu Burundi mu gihe c’amatora yimirije, urwandiko rwerekana ko kizira gushikiriza ibiharuro bataronse uruhusha rw’abari mu mugwi CENI ujejwe amatora.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri aho yashira ahabona uru rwandiko, Ambassadeur Ndayizeye avuga ko gushikiriza ibitigiri bitaratomoka neza bishobora kujuragiza abenegihugu.
Ibi rero avuga ko ari bimwe mu vyumvikanyweko hagati y’urwego CNC n’abarongoye ibimenyeshamakuru mu nama yabereye ku mugwa mukuru wa politike i Gitega, kw’igenekerezo rya 9 ukwezi kwa 12.
Ati : ” Ivyo birerekana ko ibimenyeshamakuru vyo mu Burundi vyiyemeje gukora vyisunze amategeko kugira ngo bitange amakuru anonosoye neza mu gihe c’amatora yo mu 2025.
” Kandi [abaserukira ibimenyeshamakuru] bariyemeje ko batazotanga ibitigiri bivuye mu matora mu bice bazoba barimwo bataronse uruhusha rw’abari mu mugwi [ujejwe amatora] CENI
k’uko bishikirizwa n’uwo arongoye CNC, ku baserukira ibimenyeshamakuru 60 bitavye inama, 59 barashize umukono kuri uru rwandiko.
Yongerako ko n’abandi bayobozi b’ibinyamakuru batitavye inama y’i Gitega bariko baraza kurushirako umukono. Agirako amenyesha ko CNC iza yaratanguye kurukurikiza.

Mu gihe hasigaye amezi ane gusa ngo amatora atangure, hari bamwe mu bamenyeshamakuru bidoga mu ntamatama ko ingingo ziri muri uru rwandiko ziburabuza ubwigenge bwo gukurikirana amatora n’ubwo gushikiriza ku mwanya ku mwanya ingene ariko aragenda.
Hari n’ababona ko umurwi CNC usa n’uwuriko urakoresha igikenye canke agahato.
Ariko Espérence Ndayizeye awurongoye abandanya ashimangira ko vyumvikanyweko n’impande zose.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.