
Amakuru ava muri zimwe mu nzego z’igihugu c’Ububirigi aremeza ko hari umutegetsi mukuru mu bushikiranganji bujejwe indero mu Burundi,
Amakuru ava muri zimwe mu nzego z’igihugu c’Ububirigi aremeza ko hari umutegetsi mukuru mu bushikiranganji bujejwe indero mu Burundi, yatse ubuhingiro mu Bubirigi nyuma yo kwanka gutaha mu Burundi ahejeje kwitabira ibikorwa vyari vyamujanye. Leta y’u Burundi nayo, ibicishije mu bushikiranganji bw’indero burongowe na François Havyarimana, ivuga ko uwari umuyobozi mukuru w’inyigisho z’imyuga yari mu rugendo rw’akazi mu Bubiligi yahezeyo yanka kugaruka.
Iryo tangazo rya leta ryaje ryemeza amakuru yari amaze igihe acanacanako ku mbuga hwaniro avuga ko hari umutegetsi w’u Burundi yatorokeye mu Bubiligi.
Biravugwa kandi ko hari n’abandi barundi batari bake, bamaze guhitamwo gufata iyindi nzira hako bosubira mu Burundi bahejeje ingendo z’akazi.
Vyatanguye ari igihuha…
Mugihe vyatanguye kunurwanurwa mu mpera y’ukwezi kwa cumi na rimwe ku mbuga hwaniro ko hari umutegetsi w’u Burundi yari mu rugendo rw’akazi mu gihugu c’Ububiligi yashimye kugumayo asaba ubuhungiro, inkuru yagiye kuba impamo itariki 02/23/2024, aho umushikiringanji w’indero yasohora urwandiko itangazamakuru ryaronkeye i kopi.
Muri urwo rwandiko Francois Havyarimana arongoye ubushikiranaganji bw’indero bw’u Burundi yanditse agena ivy’imfatakibanza umuyobozi mukuru mushasha ajejwe inyigisho z’imyuga muri ubwo bushikiranaganji, kuko uwahahora yashe umuti wa herayo yanka kugaruka inyuma y’urugendo rw’akazi yari yatumwemo n’igihugu mu Bubiligi.
Urwo rwandiko kandi umushikiranganji w’indero akaba yaranarurungikiye ibiro vy’umukuru w’igihugu, ivvy’icegera ciwe hamwe n’umushikiranganji wa mbere.
Naho yirinze kuvuga izina ryiwe, BBC Gahuzamiryango yahavuye imenya ko ari Germain Ndayishimiye yari umuyobozi mukuru ajejwe inyigisho z’imyuga mu bushikiranaganji bw’indero.

Abajejwe inzego mu Bubirigi bavuga ko Germain Ndayishimiye amaze gusaba ubuhungiro
Ayo makuru aremezwa kandi n’abakora mu kigo Enabel, aho umwe mu bayobozi baco atashimye ko umwirondoro wiwe uja ahabona, yabwiye itangazamakuru ivy’uwo mutegetsi atatahutse mu Burundi.
Yari yajanywe n’iki mu Bubirigi?
Amakuru itangazamakuru ryaronse nuko yari mu rugendo rw’akazi aho yari yatumiwe n’igisata c’ingoma y’Ububiligi kijejwe gufashanya hagati y’u Bubiligi n’u Burundi (Enabel). Urwo rugendo rw’akazi rukaba rwatangura italiki 17 ukwezi kwa Munyonyo (11) rukarangira italiki 20 z’uko kwezi nyene ari naho yari gusubira mu Burundi.
Yavuze ko vy’ukuri uwo mutegetsi yatumiwe mu ruganda rwo gukarisha ubwenge, no kumurika ivyakozwe n’abanyamyuga bava mu bihugu vyose ribera mu Bubiligi uko umwaka utashe, ryitwa Startech’s Days, risanzwe rimara iminsi itatu.
Uwo mutegetsi mu kigo Enabel yabwiye itangazamakuru ko uwo mutegetsi wa leta y’u Burundi yatumiwe kubera imigambi ico kigo gikorana n’ubushikiranaganji bw’indero yo guteza imbere amashure y’imyuga.
Si ubwambere abaserukiye u Burundi hanze bahitamwo gusaba ubuhungiro. Ku kibazo co kumenya nimba baramenye ko atasubiye mu Burundi, uwo mutegetsi muri Enabel yavuze ko babizi kubera ubushikiranganji bw’indero bwabandikiye bubabaza ivy’uyo mutegetsi ariko ko ataco bobikorako, kuko bamenye ko yamaze gusaba ubuhungiro.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.