
Impunzi z’Abarundi ziri mu makambi ya Nyarugusu na Nduta muri Tanzania zitekewe n’ubwoba inyuma y’uko zisabwe kuba ziyandikishije imbere y’uko uku kwezi kwa Munyonyo (11) kurangira kugira zihunguke.
Intonde ziherutse kumanikwa muri aya makambi zisaba abari kuri zo bose, mu mazone yose y’impunzi z’Abarundi kuba bamaze gufata ingingo yo kwiyandikisha imbere y’itariki 30 Munyonyo 2025 gusubira mu Burundi.
Ni inyuma y’igihe kitari gito abategetsi ba Tanzania basa n’abinginga izi mpunzi guhunguka, ariko bikaboneka ko zibandanya kunana.
Uno musi, zibona ko ata yandi mayeri basigaranye, ko Tanzania igiye kubarungika mu gihugu cabo, kuko nk’uko abategetsi babandanije babibamenyesha, “igihugu kiratekanye”.
Ishami rya ONU rijejwe impunzi kw’isi, riremeza ko hari “intonde z’ihunguka ry’impunzi zamanitswe na reta ya Tanzania”, ariko ntaco rishima kubivugako.
Sudi Mwakibasi arongoye igisata kijejwe impunzi mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati ya Tanzania yemereye ko basohoye izi ntonde z’impunzi zose z’Abarundi muri aya makambi abiri, ariko ko ari mu ntumbero yo kubahimiriza ngo biyandikishe ngo bahunguke.
Mu masekeza yo guhimiriza izi mpunzi, abategetsi ba Tanzania bagiye bazibutsa ingene impunzi zari mw’ikambi ya Mtabila mu myaka ya 1990 zagumye zihimirizwa gutahuka mu gihugu cazo, zimwe zikanana, bikaza kurangira zirukanywe.
Impunzi zivuga ko hagiye kandi hafatwa n’ingingo zidasanzwe mu rwego rwo kuzihimiriza no kuzereka ko hageze ko zitahuka, nk’akarorero kwugara amashure, kubabuza kudandaza, ariko ziranana.

Izi ni impunzi za Nduta
Umutwe w’izi ntonde uvuga ko iyi ngingo ifashwe inyuma y’ibiyago vyabaye aho buri mpunzi yagenda ibazwa ibibazo bijanye n’ubuzima bwiwe, ariko bamwe muri izi mpunzi bakavuga ko ibibazo bashikirije bitigeze bifatirwako.
“Nta n’umwe atari kuri izi ntonde”, niko umwe muri izi mpunzi yavuze.
Uwiyita Frank ari mw’ikambi ya Nyarugusu avuga ko adashobora guhunguka kubera avuga ko icatumye ahunga kikiri ha handi. ati: “Jewe siniteguye gutahuka, narakorewe ‘torture’ [iyicarubozo] mu gihugu kandi idasanzwe, aho Imana yamfashije ngahunga, ngashika hano, iki gihugu kiranyakira. Ndafise n’impapuro nahawe n’abaganga zerekana ibibazo mfise kubera ‘torture’ nagiriwe, mbere bisaba ko ntegerezwa no kuja kuvuzwa, ariko sinigeze njanwa kuvuzwa. Ubwo rero nimba Tanzania ifashe ingingo yo kunyirukana, jewe niteguye guta nkomoka

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.