
Uno mugabo yabaye isura ya reta ya Kenya inyuma y’aho igipolisi gitujirije imyiyerekano yiyamiriza igiturire, ni we yagenywe ngo asubirire Rigathi Gachagua mu kibanza c’icegera c’umukuru w’igihugu.
Ejo ku wa gatanu, inama nshingamateka yaremeje igenwa rya Kithure Kindiki kugira ngo asubirire uno munyaporitike yabogojwe ku wa kane.
Uno mugabo w’imyaka 52 yigeze kuba umwigisha wa kaminuza mu bijanye n’amategeko akaba yahora ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri reta ya Perezida William Ruto mu myaka ibiri iheze.
Nk’uwari ajejwe inzego z’umutekano z’igihugu, azwi ko ari we yahagarariye igipolisi mu gutuza imyiyerekano yari yadutse mu kwa gatandatu uno mwaka.
Abantu barenga 40 barishwe mu mishamirano n’igipolisi abandi barenga 300 nabo barakomereka, ariko Kindiki yarakeje abapolisi, avuga ko “bigumije” mu bikorwa vyabo vyo kugarukana umutekano. Yarahakanye kandi ivyavugwa ko bahawe amategeko yo kurasa.
Amajambo yiwe yarateje uburakari mu banyagihugu, mu gihe amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yasaba ubutungane ku bakorewe amabi hamwe n’abantu babuzwe irengero mu buryo budasobanutse.
Mu gutuza iyi migumuko, Kindiki yariyekeranye nk’umuntu ashigikiye cane umukuru w’igihugu, mbere n’igihe asubiramwo reta wewe ntiyamukuye.

Ibi ntawe vyatangaje kubera yamye ari incuti magara y’umukuru w’igihugu, mbere akaba yaranamubereye umushingwamanza, haraheze imyaka irenga cumi, igihe yarengutswa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI/ICC.
Ico gihe, Ruto, yari yagirijwe ivyaha bikorerwa kiremwamuntu mu mishamirano yadutse inyuma y’amatora ya 2007 igahitana abantu barenga 1200.
Urwo rubanza rwahavuye ruhebwa kubera kubura ivyemezo bikwiye, ariko abashikirizamanza bavuze ko ivyabona vyatewe ubwoba.
Kindiki ava hamwe na Gachagua, mu karere kazwi nka Mount Kenya, akarere kazwi ko gafise ikibanza kidasanzwe mu matora, aho uwugatsinzemwo aba ari afise amahirwe menshi yo gutsinda amatora, aha akaba yizeye ko azogarukana icizere ku mukuru w’igihugu inyuma y’ibogozwa rya Gacagua
Author Profile
- Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings
Latest entries
BlogMarch 12, 2026Bidasubirwaho itegeko rigenga umuhanda mu Rwanda ryavuguruwe, Utwaye yanyoye ibisindisha azafungwa amezi atatu: Ibihano bikarishye ku batubahiriza amategeko y’umuhanda
BlogFebruary 18, 2026Intambwe nke zoroheje wakurikiza kugira ngo urusheho kugirana n’abandi imishyikirano myiza, zishobora gutuma nawe uba inshuti wifuza ko nawe wagira.
BlogFebruary 11, 2026Umuyobozi Mukuru wa NIDA, Mukesha Josephine, na we yifotoreje i Kigali, I Kigali bizakorwa mu byumweru birindwi: Imiterere ya gahunda yo gufotora abashaka Indangamuntu koranabuhanga
BlogNovember 16, 2024Dr Gaspard Ntahonkiriye yibanda ku ndirimbo gakondo z’umuco w’Ikirundi, igicurangisho yifashisha akaba ari inanga ndetse n’ikinanda (armonica).
Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings
About The Author
Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings