
Menya imvo umunani zituma abagore bamwe bamwe batarangiza mu mibonano mpuzabitsina
Ku bantu benshi, cane cane abahinga n’abaganga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, ikibazo co kurangiza ku bagore ni amayobera.
Hari vyinshi vyandikwa ku bijanye n’iki gihe c’uburyohe burengeje ku bagore.
Hagati aho, si bose bashika kuri iyi ntambwe. Hari mbere bamwe bavuga ko batigera bayishikako.
Hari vyinshi bigira uruhara mu kurangiza, harimwo ibijanye n’ibibazo vyo mu mutwe canke n’ibihe vy’umunezero canke vy’umubabaro umuntu arimwo, ibijanye n’umubiri canke n’inkaburamubiri.
Abanyamakuru, turaca irya n’ino imvo umunani zishobora gutuma umugore atigera ashika ku gihe c’aho arangiza (orgasme) mu mibonano mpuzabitsina.
Ibintu bibi yaciyemwo muri kahise
Nimba umugore hari ibintu vyamuhahamuye yaciyemwo muri kahise bikaba bimubera intambamyi mu mibonano mpuzabitsina yiwe, ni vyiza ko yobivugana n’umukunzi wiwe ku kungene yiyumva kugira ngo amutahure yongere amushigikire.
Ariko nimba ari ikintu mutipfuza canke mudashobora gukora, ni vyiza ko murondera umuhinga kugira ngo abafashe guhangana n’iri hahamuka kugira mushobore kugira amagara meza.
Ni nkenerwa ko yobimenyesha kugira ngo abahinga bashobore kumufasha bafatiye ku bibazo vyiwe bwite.

Ibibazo umuntu yaciyemwo bishobora gutuma umuntu adakora imibonano mpuzabitsina neza
Ni ibintu bikomeye cane kuko ibintu mwaciyemwo birashobora kubateza isoni n’ubwoba, mbere hamwe hamwe, birashobora kugutuma wankwa, Ni vyiza kumuhumuriza ukamutwara buke buke, ubanje gushira ku ruhande ibijanye n’imibonano mpuzabitsina kugira ngo amenyere umubiri wiwe, hanyuma buke buke we nyene akazokwiyumvamwo uburyohe bw’imibonano mpuzabitsina, hanyuma amaze gushika kuri uru rwego, ugaca rero umuhuza n’umukunzi wiwe”. Ni nkenerwa ko ari we nyene yokwifatira ingingo ku bijanye n’igihe be n’ivyo abona akwiye gusangiza abandi ku bijanye n’ivyamubayeko.
Uno muhinga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina avuga ati: “Iyo umugore ageze kuri iki gihe c’aho yumva atagononokewe no kuvuga ivyamubayeko, ni vyiza ko yobwira umukunzi wiwe ko bimugoye gushira ahabona ibimurimwo kandi ko yipfuza kuzobitorera umuti we nyene ubwiwe atarinze kwinjira mw’ido n’ido. Haciye igihe, niho umuganga azokorana nawe mw’ibanga ntangere.
“Ikintu nyamukuru kwobaye ukubivugana yiyuguruye n’umukunzi wiwe, ariko ni vyiza ko umuntu yibikira ibanga mu mibereho yiwe bwite, ariko kandi agashobora no guteza imbere ubuzima bwiwe mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina, hako atokwigera abikora na rimwe”. Kwihuta no kwumva udatekaniwe
N’ubwo Galván yakiriye abagore bafise ingorane yo kurangiza kubera ukwiyorosha canke indero bahawe yo kwumva ko ariko zubakwa, avuga ko aba ari bake cane.
Imwe mu mvo nyamukuru yabonye mu bo yashoboye gufasha ni uko benshi baja mu mibonano mpuzabitsina badatekaniwe. Guhuza akazi n’ubuzima ni kimwe mu bibazo bihanze abagore mu bisagara bitari bike kw’isi
Uno muganga avuga ati: “Kugira ngo umubiri ushobore gushika ku rugero rwo kurangiza, ni vyiza ko umuntu aba atekaniwe ku rugero rukwiye.
“Umubiri urashobora kwumva ushaka imibonano kandi ushushe (ibi ni vyo bitegerezwa kuba imbere yo kurangiza) ariko ukaba ufise uburuhe canke hari ikintu gutuma udatekana mu mutima, ariko kugira ngo umuntu ashike ku musozo, ni ngombwa ko aba yirekuye”.
Hanyuma kimwe mu bituma umuntu agira umutima uhagaze biravana n’ubuzima abantu benshi baba babayemwo, aho usanga bafise ubuzi buruhisha, urutonde ruremereyerw’ibikorwa, imisi y’akazi ibatuma baba kure y’iwabo, mbere rimwe na rimwe ugasanga bafise n’abana batunze.
Nubwo mu bihe nk’ibi abagore bamwe bamwe bashobora kugerageza kwifata nk’aho boba bashitse ku musozo kugira ngo gusa ntihabe imibonano mpuzabitsina y’umwanya muremure kandi ntibahave bababaza abakunzi babo, umuhinga mu bijanye n’inyifato ahanura ko badakwiye gukora gutyo.
Ni vyiza kubivuga no kwerekana ko uko ibintu bimeze ari ikintu co gukomeza.
Kurangiza n’ingoga
Kumbure dukwiye gufatira ku mvugo y’uko, mu mibonano mpuzabitsina, ata n’umwe ashobora kumenya akari ku mutima w’uwundi muntu.
Ariko gusa, urashobora kuvyibwira ufatiye ku bimenyetso n’amajwi, ariko ica nkenerwa kwari ukubwira uwundi ingene wiyumva.
Uno muhinga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina avuga ati: “Abantu benshi ntibiborohera gusaba ingene bokora imibonano yabo, guhindura uku canke kuriya mu gihe c’imibonano mpuzabitsina.
“Iyo turiko turabumviriza, urashobora guhura n’umugore akubwira ko iyo ageze hafi yo kurangiza, umugabo/umukunzi wiwe aca ahindura umuvuduko, canke agaca asokora, ariko ntiyigera abimubwira.

KURANGIZA VUBA MUGIHE CYIMIBONANO MPUZABITSINA, MENYA NUKO MWAFASHANYA MUKABYIRINDA
Abahinga bahanura abagore kubwira abakunzi babo ikibaryohera gusumba n’ico bohindura mu mibonano mpuzabitsina yabo
Kuri iyi mvo nk’uko bisigurwa n’uno muhinga, intego nyayo mu kumufasha ni ukubumvisha akamaro ko kuyaga, atari gusa imbere canke inyuma y’imibonano mpuzabitsina, ariko no mu gihe cayo. Bategerezwa kumenya ko umukunzi adashobora kwibwira ingene biyumva mu mubiri n’ico bakeneye kugira ngo bashobore kurangiza”.
Iyindi mvo Galván n’abo bakorana babonye mu gihe bariko bumviriza ababituye, ni ikibazo co kurangiza ningoga.
Uno muhinga ati: “Iki ni co kintu nyaco dukunze guhura naco.
“Kenshi na kenshi, umugore aza wenyene kubera atinya kubabaza umukunzi wiwe, hanyuma, mu mwiherero, akatubwira ko mu bisanzwe bamara akanya gato bari mu mibonano mpuzabitsina, ibi bigatuma ata kanya ashobora kuronka wewe ko gushika ku musozo.
“Iyi ni inkuru nziza kuko gutorera umuti ikibazo co kurangiza ningoga kiroroshe cane. Inyishu iroroshe gusumba iyo hari izindi ngorane”.
Muri ico gihe nyene, umugore asabwa kubivuganako n’umukunzi wiwe.
“Ni nkenerwa kwiga ingene woshikiriza iki kibazo. Ntugishikirize nk’uko woba ushaka kumukengera canke kumwitwarira, ariko raba ingene ugishikiriza nk’inzira yo kugitorera umuti.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.