Abadandaza batobato bibaza impamvu bagitozwa amakori ku mupaka wa Gatumba
Mu gihe haciye ukwezi Uburundi na Repubulika ya Demokarasi ya Kongo bitanguje icese umugambi wo guhanahana ibidandazwa mu buryo bworoheje wiswe RECOS (Régime Commercial Simplifié), abakora urudandazwa rutoruto ndengambibe baca ku mupaka wa Gatumba, bavuga ko badatahura igituma utaraja mu ngiro.
Uwu mugambi wari watangujwe mu ntumbero yo kworohereza abadandaza batobato kugira bashobore kwisununura.
Ariko bavuga ko gushika ubu ata kimenyetso na kimwe cerekana ko watanguye kubera inzego z’ibihugu vyompi, Uburundi na RDC, zibandanya kubatoza amakori n’amatagisi nk’uko vyahora.
Mu bushikiranganji bw’ubudandaji bamenyesha ko hakiri ibiriko biratunganywa kugira uwo mugambi utangure mu buryo bwuzuye.
Ushitse ku mupaka wa Gatumba, muri komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura, wakirwa n’uruyogoyogo rw’abanyagihugu bariko barinjiza ibidandazwa bitandukanye babikuye muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo, abandi babijanayo.
Bamwe babitwara ku makinga, abandi mu miduga. Hari n’ababitwara ku mutwe.
Biraboneka ko uruja n’uruza rwiyongereye cane ugereranije n’uko vyari vyifashe mu myaka ibiri iheze.
Ariko abadandaza batobato barashavuye. Bavuga ko bamaze ukwezi kwose barindiriye ishirwa mu ngiro ry’umugambi watangujwe hagati y’Uburundi na Kongo mu ntumbero yo kuborohereza mu kwinjiza canke gusohora ibidandazwa.
Pascal Ntibazonkiza, w’imyaka 72, ni umwe muri abo badandaza, akaba agenda n’ubumuga.
Ntibazonkiza agira ati: “Oya ivyo ntibiratworohereza kuko n’ubu baracyaguma baturihisha nk’uko bahora baturihisha nyene.
“Ntibatunyanyasa [ntibaduhohotera]. Bakubwira gusa ‘hagarara’. Ugahagarara. ‘Riha’. Ukariha.
“Ariko ikitubabaza gusa ni uko kubona igipolisi kitubwira ngo ‘zana amahera’… Kandi tugiye hariya nyene iyo tubitwaye, baturihisha ayandi mafaranga.”
Umugambi wiswe RECOS watangujwe icese kw’igenekerezo rya 30 Gitugutu (10) uyu mwaka.