
Melchior Ndadaye yagandagurwa n’akagwi k’abasirikare itariki 21 z’ukwezi kwa cumi mu 1993, umwigeme Libertas Ezako, umwana wiwe w’umuhererezi, yari afise imyaka ibiri.
Uwo mwigeme, afise agashusho ka se wiwe kurusha abandi bavukana, umubajije ico basangiye mu nyifato, avuga atwenga ati “Ndiyemera, kandi ndakunda abantu.”
Avuga kandi ko “ndi umuntu adatinyitse kwegera, umuntu ashobora kumvugisha ata bwoba, nibaza ko na data ari ko yari ameze.
“N’umuntu kandi abantu bakunda kwumviriza. Nibaza ko nanje abantu bakunda kunyumviriza”.
Si ivyo gusa avuga ko bahuriyeko. Prezida Melchior Ndadaye yari afise ‘Ceinture noire’ muri Karate, umukobwa wiwe Libertas Ezako na we akina ingumu (kickboxing).

Laurence Ndadaye yarokotse ubwicanyi bwahitanye umugabo wiwe itariki 21 z’ukwezi kwa cumi mu 1993, ari kumwe n’abana biwe batatu.
Prezida Melchior Ndadaye yari yatahutse mu Burundi ava mu buhungiro mu gihugu c’Urwanda mu 1983, aca yubakana na Laurence Ndadaye mu 1984.
Bubaye ubwa mbere umupfasoni wa Melchior Ndadaye avuga ku vyabaye ku mugabo wiwe.
Laurence Ndadaye namusanze muri quartier ya Mutanga Nord muri komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura.
Hari n’umwana wiwe w’umuhererezi Libertas Ezako ubu afise imyaka 32. We aba mu gihugu c’Ububiligi.
Igihe se wiwe yicwa yari afise imyaka ibiri gusa.
Ikirundi kiramugora ariko uhashitse, aratwengatwenga ariko arakwakira avuga ikirundi “karibu… murakomeye? Egooo” … Ivyo akabivuga ari na ko amwenyura.
Iruhande yiwe, nyina aba ariko arumviriza anamutera n’intege ” bandanya uzokimenya”.
Uwo mupfasoni w’imyaka 63 agira ati: “Umwana yavuye ngaha afise imyaka ibiri, n’ubundi aragerageza.”
Inyuma y’igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye, baciye bahungira mu gihugu c’Ububiligi. Gushika n’ubu ni yo baba.
Laurence Ndadaye, ariko arerekana amafoto y’abana biwe, aracishamwo ati “uwo rero ni we basa na se”. Avuga Libertas.
Umubajije ivyerekeye umucance wiwe urabona ko bimugora gusohora. Hari n’aho ashika agaca avuga ati “reka tureke kuzura akaboze”.

Libertas Ezako, se yishwe afise imyaka 2, asaba ko haba ubutungane kw’iyicwa rya prezida Ndadaye Melchior
Kuva bakimenyana na Ndadaye, Laurence avuga ko yumva ko ari umuntu akurikirana ivya politike cane.
Mu makete bandikiranira akiri mu gihugu c’Urwanda, Melchior Ndadaye yamusaba ibintu bibiri: guhanahana amakuru no kubandanya yiga.
Laurence Ndadaye agira ati: “Aramutse anyandikiye yarungika impapuro nka zitanu.
“Nanje n’aho nishura ku rupapuro rumwe, naragerageza kumubwira inkuru zo mu Burundi”.
Mu 1976, akiri impunzi mu gihugu c’Urwanda yarashinze umuhari witwa Mouvement des Étudiants Progressistes Barundi au Rwanda (BAMPERE).
Mu 1979 na ho yarashinze umugambwe witwa UBU (Umugambwe w’abakozi b’i Burundi).
Laurence Ndadaye avuga ko umugabo wiwe yaguma arondera ihuriro abantu bashobora kuyagiramwo ivy’igihugu, gushika aho ashinga umugambwe Sahwanya-Frodebu.
Agira ati: “Ari mu bashinze ishirahamwe rya mbere riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi, Ligue Iteka.”
Prezida Ndadaye kandi ngo ntiyarya umunwa.
Ivyo vyamuviriyemwo gupfungwa azize ivyiyumviro yari yashikirije mu nama yari yatumweko n’uburongozi bw’intara ya Gitega aho yari asanzwe akorera, mu kwezi kwa cumi mu 1988, yiga ku kibazo ca Ntega-Marangara (Reta y’ico gihe yamenyesheje ko ubwicanyi bushimikiye ku bwoko bwahitanye abashika 5000).
Laurence Ndadaye agira ati: “Kubera ivyiyumviro yashikirije mu nama ku ku ngene ikibazo ca Ntega-Maranga cotorerwa inyishu bitanezereye abategetsi, yaciye afatwa arapfungwa amezi abiri.
“Yabanje gupfungirwa muri SNR (Service National de Renseignement) [iperereza] i Bujumbura, imbere yo kwungururizwa mw’ibohero rya Rumonge.
Umupfasoni w’umuhisi Melchior Ndadaye avuga kandi ko umucance wiwe yanse kuja mu murwi w’igihugu wari ujejwe kwiga ikibazo c’ubumwe bw’Abarundi.
Agira ati: “Kubera intumbero yabona bashaka guha iyo ‘commission’ ku kibazo c’ubumwe bw’Abarundi yaciye ayivamwo.
“Aravuga ati ‘jewe kubera ivyiyumviro vyanje mfise, mbona ntobikora uko muvyipfuza'”.

Kuva i Bubamfu uja i buryo: Marie Ndadaye (mushiki wa Melchior Ndadaye), Melchior Ndadaye na Laurence Ndadaye mu 1982. Laurence yari yagiye kuramutsa umukunzi wiwe i Butare mu Rwanda
Intsinzi ya Frodebu
Laurence Ndadaye avuga ko yakurikirana ibikorwa vya politike vy’umugabo wiwe, kandi ko yitaba n’imyiyamamazo.
Ariko avuga kandi ko vyashika bakaja mu ma “meeting” batababwiye.
Agira ati: “Umusi umwe bateguye meeting i Ngozi, hanyuma ntibatubwira ngo tujane.
“Twebwe abapfasoni babo, natwe twaciye tuja hamwe turondera umuduga n’umushoferi, babona duhuriyeyo.
“Baratangaye baratubaza ico twaje gukora, natwe tuti twiyiziye muri ‘meeting’ nta kindi twebwe tubasavye”.
Laurence avuga ko ico gihe mu yindi migambwe hari higanjemwo abagabo gusa. Ngo bashaka ko muri Frodebu abapfasoni na bo bagira ijambo.
Asigura ico yibaza coba cari catumye abacance babo batabatwara mu myiyamamazo, avuga ko ahanini hoba hari habaye ikibazo c’uburyo.
Ati: “Sinibaza ko kwari kubera umutekano, ahubwo uburyo kuko nta bwo twari dufise bukwiye.
“Urumva kujana umuryango, haca hajako imfungurwa amahoteli n’ibindi.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.