Imvura y’isegenya mu bugaragwa bwa Sahara, imyuzure itari bwabe mu myaka 50 Imvura y’isegenya y’iminsi ibiri yatumye haba umwuzure w’imbonekarimwe gushika aho irenza iyisanzwe igwa mu mwaka wose muri Maroc, isiga amasanamu aboneka gake cane mu bugaragwa bwa Sahara.
Ubwo bugaragwa bwa Sahara, buri ku bihugu 12 muri Afrika y’uburaruko, yo hagati n’iyo mu burengero, ni bwo bugaragwa bushushe bwa mbere bunini kw’isi.
”Hari haheze imyaka iri hagati ya 30 na 50 ata mvura nyinshi nk’iyi iguye mu mwanya muto nk’uwo”, nk’uko Houssine Youabeb, wo mu kigo ca Maroc kijejwe ibihe yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru .
Iyo mvura y’isengenya yaguye mu bugaragwa bwa Sahara ishobora gutuma hari ibihinduka mu bihe vy’ako karere mu mezi ari imbere. Iyo mvura y’isegenya yatumye hasigara ibiyaga mu bugaragwa bwa Sahara.
Ubumanuko bushira ubuseruko bwa Maroc ni kamwe mu turere tugadutse cane kw’isi kandi imvura igwa gake cane mu mpera z’ici.
I Tagounite, igisagara kiri ku 450km mu bumanuko bw’umurwa mukuru, Rabat, haguye imvura irenga 100ml (milimetero) mu masaha 24.
Abategekanya ibihe bavuga ko iyo mvura idasanzwe ari igihuhusi co haruguru no hepfo y’akarere k’imvura n’ubushuhe ( tempĂȘte extratropicale). Iyo mu kirere hari akabombera kenshi, bituma umuyagirizo wiyongera nawo ugatuma hongerekana ibihuhusi, nk’uko bisigurwa n’ikigo ca Maroc kijejwe ibihe.
Abode tidings Urubuga Nyarwanda, umuntu uwo ariwe wese yemerewe gutanga ho ibitecyerezo. Byiza byubaka akakuri ku umutima gasese hano kuri abodetidings
Iyo mvura ntabwo yari isanzwe