Abode Tidings Urubuga Nyarwanda

Muri Afrika, abagore benshi baratinya kuvuga ivyerekeye amabanga mpuzabitsina kubera ari ikinyegezwa mu mibano, Guhuza ibitsina : “Hari abagabo bibaza ko nsoba mu gitanda” – Ingeneye , umugore w’iriba, umugore unyara cyane

Uko umugore asohora amazi mu gihe c’imibonano mpuzabitsina bigenda bitandukana kuri uyu canke uriya. Kuri bamwe bamwe ntibinagaragara, ku bandi ugasanga ni mebshi cane. Abagore basohora menshi rimwe rimwe birabatera amasoni.

Ni ikitavugwa. Cane cane muri Afrika, nta n’umwe yubahuka kubivuga ku mugaragaro. Mbere ibiganiro ku guhuza ibisina biba gake mu miryango yo muri Afrika.

Ni gake mbere kubona umugore yiyemera avuga ingene guhuza igitsina bimugendera hamwe n’ayandi mabanga bijanye.

Ariko Fanta, izina twamuhaye kugira ntamenyekane, umugore w’imyaka 38 yavuganye na abanyamakuru aba i Lomé muri Togo, arabivuga ata masoni kandi yisanzuye. Kuri we, hari kera aho batinya kubivuga.

“Nta kintu kihari co kwiyagiriza mu gihe guhuza ibitsina no kwumva uburyohe biri mu bintu vy’ibanze nkenerwa mu buzima bw’umuntu,” uko ni ko avuga n’ijwi ryo gutebura ryerekana uko asanzwe ameze.

“Mumenyeshamakuru, ndi umugore, ndasohora amazi menshi iyo negereje canke ngira ndangize, ndavyemanga,” uko ni ko uwo mugore akiri muto atagira umugabo ariko afise umwana umwe yatubariye.

Ni vyo mu ntango vyari bigoye, sinatahura ibinshikiye, cane cane abagabo bamwe bamwe banyinuba badatahura ingene biryoshe kuryamana n’umugore ameze nkanje”.

Ariko uko umwanya ugenda, yagiye yikuramwo ayo masoni, kuko “kubera abaganga, natinze ntahura ko ari impano abandi bagore badafise”.

Ariko ushobora kwumva amasoni mw’ijwi ryiwe ariko arakubwira ingene abagabo bamwe bamwe babona ico yita impano y’Imana (gusohora amazi).

Abandanya agira ati: “Gushika ubu, hariho abagabo bibaza ko nsoba mu gitanda. Ikijisho bakuraba muhejeje guhuza ibitsina, mwese mwaryohewe, kirababaje.”

Ariko Fanta avuga ko yumva ahimbawe aryamanye n’abo bandi bagabo, kubera amatsiko, “bakunda uko meze kandi bakunda kumbona no kwihweza ingene ayo mazi ariko aramvamwo, n’aho igitanda cabo cotota.

“Hariho abo, iyo ico gihe kigeze, baca bamvako kugira baryoherwe n’ukuraba ico kirori. Ndemera ko ivyo bituma baryoherwa gusumba gusumba, uburyohe bukabandanya hagati yacu”.

Hari abagore benshi bameze nka Fanta, ariko ntibubahuke kubivuga kubera ingene baca babishiramwo [kwishiramwo] canke gutinya amaso y’abantu. Ikivyemeza, vyaratugoye kugira turonke uwo mugore akiri muto yemeye kubitubwira.

Benshi mu bahinga, cane cane abo ibijanye n’imibonano mpuzabitsina [Sexologues] twavuganye ku vyerekeye iyi nkuru, ntibashoboye kugondoza abaje kubitura ngo bemere kuvugisha umumenyeshamakuru.

Ariko none abahinga bavuga iki kuri ivyo bintu?

Dr Vanessa Kouatchouang Njewel yashatse gukura amazinda mu kwishura oya itaziguye

Dr Vanessa Kouatchouang Njewel yashatse gukura amazinda mu kwishura oya itaziguye. “Si ingwara kandi si no ukutigumya”.

Ku bwiwe, umuntu yobifata nk’inyishu y’umubiri hageze guhuza ibitsina, nk’ikimenyetso rudende c’uburyohe ku bagore bamwe bamwe.

Agira ati: “Si ikibazo c’ingwara, ni ikintu kidasangiwe na bose kiri mu bigize uburyohe ku bagore bamwe bamwe.”

Rero ayo mazi nta co bisa bisana n’amasobe, n’aho aca mu karingoti (urètre) kavana amasobe mu gasaho kayo (vessie).

Ayo mazi arakeye cane kandi nta kamoto agira.

Ariko abagore nka Fanta babandanya gukorerwa ikumirwa rifatiye ku kudatahura. Nk’uko uwo mugore abivuga, hari abadatahura ko atari amasobe.

Agira ati: “Ndibuka umusi umwe ndi i Cotonou, umugabo umwe, duhejeje guhuza ibitsina, yandabanye iseseme, aja arantuka ngo umugore akuze nka nje ashobora gusoba mu gitanda? Vyarambabaje cane.”

Yongerako ko mu ntango, vyamugora kuvyakira. “Vyarashika ko ngira ubwoba ngira nje kuryamana n’umugabo, kandi murazi akazi nkora ako ariko. Igihe nabona umuntu aryohewe kubera abonye amazi yirashe, ni ho natahura ko amazi ashobora no kuba ikintu co gukwegakwega umugabo. Sinohakana kandi ko impanuro za muganga zatumye nitahura”.

Dr Kouatchouang ati: “Nabonye benshi bagira ingorane mu ngo zabo kubera ivyo.”

Aramaze kwakira abagore benshi bafise amazi, kandi aremeza ko ubu hariho benshi bitoroheye kubana na vyo.

Uwo muganga agira ati: “Abo bubakanye, rimwe na rimwe bafise ubumenyi buke, bibaza ko ‘basoba’ mu gihe bariko bararangura amabanga mpuzabitsina, ivyaca bizana umwumvikano muke, mbere rimwe na rimwe n’isoni. Ku bo abagabo babo babitahura, na ho nyene ibintu ntivyari vyoroshe cane! Abo bagabo bipfuza kubona ico kimenyetso co kurangiza, baba bashaka kubona ico kimenyetso uko bakoze imibonano mpuzabitsina , nk’uko umenga n’ikimenyetso simusiga kitabesha c’uburyohe.”

Kuri we, ni nk’igitsure kiri kuri abo bagore kuko “abanyitura bama barindiriye ko ayo mazi aza, bamwe mu bo bubakanye baranaharura n’umwanya kugira bahinyuze ko batigirisha”.

Abandanya avuga ko, muri ico gihe, impanuro kuri abo bagore ari gushira imbere ibiganiro, gusigurira abo bubakanye ko uburyohe budaharurwa ku maritiro! Ica ngombwa, n’ukwumva ko wisanzuye, ko umwe wese yumva ko umubiri atari imashini ifise aho bafyonda ngo amazi asohoke.

Fanta agira ati: “Iyumvire mumenyeshamakuru, umugabo twamenyeranye, anshavuriye umusi umwe inyuma kubera ata mazi menshi nasohoye uwo musi. Yibaza ko hari ahandi naciye gusambana imbere yo kuza iwe. Ndemera ko ntari nzi uko nobimusigurira.”

Mu vy’ukuri, uwo mugore yari afise ibintu vyinshi mu mutwe ico gihe, ntiyari yipfuza gukora imibonano mpuzagitsina. “Nashaka gusa kumunezereza kuko yaguma angobera uwo musi”.

“Amazi y’umugore” nk’uko bayita si amasobe. Ni amazi ava mu gihimba citwa ‘glandes para-urétrales’ canke ‘Skene’ kizungurutse akaringoti ka ‘urètre’. Mu gihe co kuroherwa, ico gihimba gica kizana amazi aca asohoka aciye muri ako karingoti ka urètre nk’ikimenyetso co kuryoherwa birenze.

…Ariko ntihaba haragera ko umuntu arangiza

Abantu benshi bashaka kwitiranya ako kanya k’umunezero no kurangiza. Dr Vanessa Kouatchouang avuga ko kurekura amazi bitandukanye no guheza ku mugore

Abantu benshi bashaka kwitiranya ako kanya k’umunezero no kurangiza. Dr Vanessa Kouatchouang avuga ko kurekura amazi bitandukanye no guheza ku mugore.

Asigura ko iyo umugore arangije, haza amazi avuze yera kandi make, mu gihe ayo mazi y’iriba yo yisuka ari menshi kandi akeye. “Ubiravye ubudasa buri mu bwinshi n’ingene ari manovu, aho ayo y’iriba aba ari agaragara aza utayiteze.

Uwo muhinga mu bijanye n’imibonano mpuzabitsina wo mu karere k’ubuvuzi ka Bangue i Douala avuga ashimitse ko gusohora amazi bitandukanye no kurangiza. Ni vyo ko gusohora amazi rimwe na rimwe bihurirana no kurangiza, ariko “abagore bamwe bamwe bashobora gusohora amazi kandi batararangiza”. Kandi buri mugore aba atandukanye n’uwundi.

Kwumva uburyohe atiziganya

Abaganga batanga impanuro ku bagore ko igihe bariko barasohora amazi ari ukuryoherwa batiziganya

Abaganga batanga impanuro ku bagore ko igihe bariko barasohora amazi ari ukuryoherwa batiziganya. “Kugira bikunde n’ukwisanzura no kureka agasohoka [amazi] ata masoni”.

Aremera ko bitoroshe mu ntango, mbere bituma ugira amasoni, ariko “wibutse ko ari ibintu bisanzwe, bica vyoroha kubikora”. Igihambaye, ni ukubifata ibisanzwe no kubiganira n’uwo muhuza ibitsina wizeye. Ni nk’intambo umubiri ukora uko ushaka”.

Ubu, Fanta ntacicuza kandi nta n’ubwoba akigira imbere y’umugabo amushaka. “Uko biri kwose ndanezerwa mpaka. Cane cane iyo ndi kumwe n’umugabo abikunda. Birongereza uburyohe bigatuma twese twumva uburyohe burenze”, uko ni ko avuga.

Scroll to Top