
Uwo mugabo atera ingorane ntiyatowe na rimwe’- Kagame avuga Tshisekedi
”Uwo mugabo atera ingorane nariko ndavuga hagati y’Urwanda na Congo ntiyigeze atorwa, kabiri kose”, niko Kagame yavuze ku wa kane mu birori vyo kwifurizanya umwaka mushasha n’abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe mpuzamakungu bakorera mu Rwanda.
”Ntiyigeze atorwa, na rimwe, na rimwe,” niko perezida Kagame yabandanije ababwira, ati ”kandi murabizi”.
“Uyu mugabo Tshisekedi ntiyatowe. Ku ncuro ya mbere ntiyatowe na gato, kandi murabizi, nta gishasha ndiko ndabwira uwo ari we wese. Gusa ni uko mutabivugira ku mugaragaro, ariko jewe ndiko ndabivugira ku mugaragaro, niho honyene bitandukaniye.
“Ubwa kabiri, nta na kimwe cabaye, kandi murabizi”.
Aya majambo yarakaje abategetsi ba RD Congo kandi ntibayihanganiye.
Aciye ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter), umuvugizi wa reta y’iki gihugu, Patrick Muyaya, aranegura Perezida Kagame bikomeye, aho avuga ko ari umutegetsi arongoye igihugu ciwe mu gahotoro.
Yanditse ati: “Uno muntu yatowe kw’iterabwoba yavuze ubujambojambo bw’amayeri kugira ngo aryohere abamwumviriza.
“Ni mu gihe mu gihugu ciwe abamwumviriza bose bazi ko amatora aba mu kanywababo, ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwiwe ata jambo bafise, ko ibimenyeshamakuru ata jambo bifise, ko itoteza ari amayeri y’imyiyamamazo yiwe.
“Vuga gusa ivyo gusahura, gufata ku nguvu n’ubwicanyi, ni vyo muzi gusa, nayo ivy’amatora vyovyo ni mubinume, cane cane ayo muri RDC”.
Patrick MUyaya abona ko “ivyo bijambojambo” ari ”ikimenyetso c’uko ivyo muriko murakora muri RD Congo biri hafi kurangira”.
Si bwo bwa mbere abategetsi b’ibi bihugu bibanyi baterana amajambo biturutse ku ntambara ibera mu buseruko bwa RD Congo, hagati y’igisirikare c’iki gihugu n’umuhari witwaje ibigwanisho wa M23.
Reta ya DR Congo, abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu hamwe n’amakungu, harimwo Ubufaransa, Ubwongereza Reta Zunze Ubumwe za Amerika, vyagiriza reta y’Urwanda ko ari yo ifashe mu mugongo M23, mu kuyiha ibirwanisho n’ingabo.
Kimwe mu vyegeranyo vy’abahinga ba ONU kivuga ko Urwanda rwarungitse aho muri Congo ingabo zishobora kuba zishika 4.000 gufasha M23 kurwana.
Ku ruhande rwayo, reta y’Urwanda yagiriza RD Congo ko ihaye indaro ikongera kandi igakorana n’umuhari FDLR urwanya Urwanda kandi ugizwe n’abagirizwa ko bahunze igihugu bahejeje gukora jenoside yo mu 1994.
Muri iryo jambo, vyaboneka ko atari iryateguwe ryanditse, umukuru w’Urwanda yamaze umwanya munini abwira abaserukira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu ko ibibazo vyo muri Congo bitazokwigera bitora inyishiu igihe cose bazobandanya kwirengagiza ”umuzi w’igitera” ivyo bibazo.
Ku kibazo c’uko hari ingabo z’Urwanda zoba ziri muri Congo, umukuru w’Urwanda ntabihakana canke ngo avyemeze.
Ahubwo, kandi ntibwari ubwa mbere, yabajije abaserukira ibihugu n’amashirahamwe mpuzamakungu ati: ”Imbere y’uko munibaza ico kibazo [c’uko hari ingabo Urwanda rufise muri Congo], mwosigura igituma FDLR iri muri Congo n’igituma ishigikiwe na reta ya Congo?”

Aho n’Uburundi ntiyabusize inyuma.
Yavuze ko nabwo bwajanyweyo ”mu murongo w’ivyo vyiyumviro nyene [vya FDLR] ku vyitwazo vyo kurwanya M23 ufise isano n’ubwoko bw’Abatutsi gutyo rero ufise aho uhuriye na Kagame…”
Kagame yabwiye abatumire biwe ko ”ivyo vyose muvyirengagiza hanyuma mukaza kwidoga ku bishoboka ko Urwanda rwoba rufise ingabo mu buseruko bwa Congo”.
Ku bwa Perezida Kagame rero hari nkunzi mu kuvuga ku ngorane zirangwa mu buseruko bwa DR Congo, aho agabisha ko batamutegeka ingene ategerezwa kwitwara mu guhangana n’iki kibazo.
Ati: “Sinshobora kwemera kwitwara uko mwebwe mushaka ko nitwara mu guhangana n’iki kibazo.. sinshobora, kuko ni ugupfa n’ugukira kuri jewe n’abanyagihugu banje”.

bakunzi mwese mukunda uru rubuga ndabasuhuje cyane, ahangaha nzajya mbasangiza amakuru adasanzwe nawe uhawe ikaze ku kwa ndika