
perezida Ndayishimiye
Jean Pacifique Baribonekeza, umukuru w’ibiro bijejwe ibibazo bijanye n’amategeko n’ubuyobozi mu biro vy’umukuru w’igihugu, Cyrille Sibomana, umukuru w’ibiro bijejwe gutunganya inzandiko z’amategeko mu biro bijejwe ibibazo bijanye n’amategeko n’ubuyobozi, na Arcade Harerimana, umuhanuzi ajejwe gukwirikirana imanza za reta mu biro bijejwe ibibazo bijanye n’amategeko n’ubuyobozi mu biro vy’umukuru w’igihugu.
Afatiye kw’itegeko ryerekeye ingingo zo kugirira ikigongwe imirwi imwe imwe y’abafungwa, Prezida Ndayishimiye yavuze ko abirukanywe bagize uruhara mu kurekura “abanyororo batari babwirijwe kurekurwa, mu rukurikirane rw’abanyororo aheruka guha ikigongwe”, gutyo bakaba batosekaje isura y’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu.
Abarekuwe batari babwirijwe kurekurwa, barimwo abagirizwa ivyaha vyo gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, hamwe no kugandagura abantu. Itegeko ryirukana abo bakozi bo mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi rivuga ko abanyororo bagirizwa ivyo vyaha batari mu mirwi y’aberwa n’ikigongwe c’umukuru w’igihugu. Abarekuwe batategerezwa kugirirwa imbabazi ni abo mu mabohero ya Bururi na Rutana.
Amasoko y’Ijwi ry’Amerika mu Burundi yatumenyesheje ko abo Prezida Ndayishimiye yirukanye uko ari batatu bose bahavuye batabwa muri yompi ku muhingamo w’uno wa kane. Bahagaristwe mu gihe amwe mu mashirahamwe yigenga akorera mu Burundi, arimwo iryitwa ALUCHOTO yavuze mu minsi iheze, ko ukurekura abanyororo bagiriwe imbabazi n’umukuru w’igihugu, vyaranzwe n’utunenege twinshi.
Tumwe muri utwo tunenge iryo shirahamwe ryavuze, twarimwo abanyororo batarekuwe kandi babwirizwa kurekurwa, n’ukutubahiriza itariki yo gusozera kurekura abanyororo. Prezida w’Uburundi yari yatanze ikigongwe ku banyororo 5442, ni ukuvuga hafi kimwe ca kabiri c’abafungiye mu mabohero yose y’igihugu.

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.