
Urubanza rw’umumenyeshamakuru Sandra Muhoza w’ikinyamakuru La Nova Burundi
rwari rutegekanijwe ku wa kane muri sentare isubiramwo imanza ya Ngozi ntirwaburanishijwe mw’ido n’ido nk’uko vyari bitegekanijwe.
Abantu benshi bari bahashitse kugira barukurikirane, intumwa y’uwurongoye iyo sentare yaciye abamenyesha, mu buryo butari bwitezwe, ko urubanza rwimuriwe ku rindi sango.
Abanyamategeko bunganira uwo mumenyeshamakuru bariyamiriza iyo ngingo bafata nk’ “iyigamije kumugumiza mu buroko mu buryo buteye kubiri n’amategeko”.
Eric Ntibandetse, umwe muri bo, yabwiye itangazamakuru ko batangajwe no kubwirwa ko urubanza rwimuriwe ku musi wa gatatu igenekerezo rya 19 Munyonyo (11), 2025.
Avuga ko baba abunganira Sandra Muhoza canke umuryango wiwe, batakiriye neza iyi ngingo.
Avuga ati: “Twavyakiriye nabi rwose. Kiretse ko apfunzwe hadakurikijwe amategeko, turatakamba dusaba ko botahura ko n’amagara yiwe atifashe neza”
“Ageze ku rwego agendera ku mbago [bequilles]. Murumva ko ibintu bitifashe neza namba”.
Sandra Muhoza yahagaritswe kw’igenekerezo rya 13 Ndamukiza(4) 2024, biturutse ku majambo yishuranye na bamwe mu bamenyeshamakuru ku rubuga ngurukanabumenyi rwa WhatsApp bari bahuriyemwo.

Yagirizwa “kuvogera ubwigenge bw’igihugu” no “kubiba amacakubir
Ivyo vyatumye acirwa igihano co gupfungwa amezi 21 na sentare nkuru mu gisagara ca Bujumbura. Mu nyuma yarungururije muri sentare isubiramwo imanza ya Mukaza (mu gisagara ca Bujumbura

Ndi umwanditsi ahangaha kuri uru rubuga, ibindi mu zambaze.