Ishirahamwe ALUSHOTO risaba umugwi wigenga utohoza ku manyanga yabaye mw’irekurwa ry’abanyororo mu Burundi
Nko mw’ibohero rikuru rya Rumonge avuga “mu barekuwe harimwo abantu 7 batari ku rutonde kubera bagirizwa ivyaha vyo kwica no gufata ku nguvu.
“I Bururi harekuwe abantu 11 batari babifitiye uburenganzira. I Gitega harekuwe 3. I Bubanza na ho harekuwe 7.”
Vianney Ndayisaba abona kandi ko amanyanga yabaye ari mu vyatumye ikigongwe c’umukuru w’igihugu kitaja mu ngiro ijana kw’ijana.
Ikindi giteye umutima uhagaze umuhuzabikorwa muri ALUCHOTO, ni uko ngo hari n’abejejwe mu butungane canke abarangije umunyororo ariko bagumye mu mvuto.
Mu burorero atanga harimwo ibohero rikuru rya Mpimba (Bujumbura mairie) yemeza ko hariyo abantu 101 barangije umunyororo canke bejejwe ariko bagumye bapfunzwe.
Mw’ibohero rikuru rya Rumonge avuga ko hariyo abantu 37. Gitega abantu 63. Muramvya 13. Bubanza 13 nyene.
Ndayisaba asaba umukuru w’iguhugu gushiraho umugwi wigenga ugizwe n’abo mu biro iwe hamwe n’abo muri CNIDH (umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu) kugira ugire amatohoza yimbitse ku vyabaye maze abagize uruhara bose mu vyabaye bahanwe bimwe vy’akarorero.
Asaba kandi ko abari bakwije ibisabwa kugira bashirwe ku rutonde rw’abatezurirwa ariko batarushizweko n’abarangije umunyororo canke abejejwe bagipfunzwe borekurwa ata gisabwe.