Blog, News

Perezida Paul Kagame w’Urwanda yagiriza Perezida Felix Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo ko incuro zibiri zompi ari ku butegetsi ”atigeze atorwa na rimwe, atigeze atsinda amatora na rimwe.

‘Kuba indongozi ukaba n’ikijuju ni akaga’
Amakungu abandanya atera akamo ko hoba ibiganiro vyo kurangiza intambara zirangwa mu buseruko bwa DR Congo.

Mw’ijambo ryo kwakira Perezida João Lourenço wa Angola mu rugendo arimwo mu Bufaransa, Perezida Emmanuel Macron yateye akamo ko hoba “ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru” hagati ya DR Congo n’Urwanda kugira intambara irangire.

Umukuru wa Angola, João Lourenço, n’umuhuza wa Congo n’Urwanda mu matati yavyo ashingiye ku ntambara mu buseruko bwa Congo.

Mu kwezi kwa Kigarama (12) hari itegekanijwe kuba inama hagati y’abakuru b’ivyo bihugu aho vyari vyitezwe ko bashira imikono ku masezerano y’amahoro. Inama yasivye ku munota wa nyuma kuko Urwanda rwabonye ko ataco ibiganiro vyoshikako reta ya Congo ivuze ko idashobora kuganira na M23.

Perezida Kagame yaravuze ayandi majambo akomeye. Atadomye urutoke ku wo yoba yashaka kuvuga, yagize ati ”ndazi kumenya indongozi iyo ndayiravye, ndazi kandi kumenya ikijuju (injiji) iyo ndakiravye”.

Arabandanya ati : ”Iyo uri indongozi ukongera ukaba ikijuju ni akaga”.

Nta birenga ngaho yongeyeko vyotuma kwibaza uwo yashaka kuvuga uwo ari riwe.

Mu gushikiriza iryo jambo, abicishije mu gutwenza, Kagame yabanje kugabisha abagira bamwuvirize ko hari aho ivyo yagira avuge bitari kubaryohera.

Yababwiye ko yari yasavye ko yovuga mu ba nyuma, abatumire bamaze kugira ico ”barya” mu gihe ”bimwe mu vyo nza kuvuga vyoba bitajanye n’akayabagu kanyu”.

No mu gusozera ati ”ni co gituma nashatse ko duhera ku gufungura kugira mushobore kunyihanganira… Yamara n’ubundi sinzi ko mwari mwifuje ko biba dessert ariko nashaka kubashimira…”