Blog, News

Sandra Muhoza, umumenyeshamakuru afunze kubera ivyo yavuze

Iyi sentare yahavuye imenyesha y’uko idafise ububasha bwo kumuburanisha kubera ivyaha akurikiranwako vyabereye mu ntara yahoze yitwa Ngozi.

Yahavuye arungikwa mw’ibohero ry’abagore i Ngozi, n’idosiye yiwe ikaba ubu iri muri sentare z’ako karere nyene.

Ingingo yo kwunguruza uru rubanza rwiwe ifashwe inyuma y’aho kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu (10) Muhoza yari yumvirijwe muri sentare nkuru ya Ngozi aho abamwunganira bari berekanye amakosa atandukanye mu kuntu dosiye yiwe iriko iragenda.

Eric Ntibandetse, umwe mu bamwuburanira, avuga ko umushikirizamanza wa repuburika muri Ngozi atigeze amwumviriza mu gihe dosiye yiwe yahawe iyindi nomero.

Anegura kandi ko iyo dosiye nshasha irimwo ivyagiriji vyari vyaramaze gusuzumwa na sentare isubiramwo imanza ya Mukanza, akibutsa ko iyo sentare yamaze kwemera icese ko idafise ububasha bwo kuburanisha urubanza rwiwe.

Ntibandetse asaba ko Sandra Muhoza yorekurwa akaburana yidegemvya.