Kuki utogerageza izi nama zishigikiwe n’ubumenyi (science) kugira urushirize kuronka umunezero mu buzima bwawe?
Gushira umwete mwishi mu kugerageza kuronka umunezerano bishobora kutwononera ukubaho neza kwacu
Ntunywe ikawa y’umurengera
Mu minsi y’ubukonje n’ugufukera (igihe ca hiver i Buraya), agakombe c’ikawa gashobora kugufasha gushwashwanuka. Kunywa bishobora gutuma tuguma maso kuko yinjira vuba mu maraso aho iheza ikanesha adenosine, iyo ikaba ari yo ituma twumva turushe.
Ubuhakashatsi bwerekana ko hari ivyiza vyinshi ku magara biva ku gufata ikawa, harimwo ukugabanya cane ivyago vy’ubwoko butandukanye bwa kanseri, indwara z’umutima na diabete (indwara y’igisukari) yo mu bwoko bwa kabiri, hamwe rero no kugira ingoga zo gukora ibikorwa vy’inguvu no kwikingira kurwara akabonge.
Ariko igihe co kuyifata kirahambaye kuko caffeine ifata akanya kugira ikore n’umwanya munini kugira iguheremwo. Abahinga bahanura gufata ingero yawe ya caffeine ya nyuma amasaha umunani n’iminota 48 (08:48′) imbere y’uko uja kuryama. Si vyiza kandi ko dufata caffeine nyinshi cane – ntiturenze 400mg canke hafi udukombe tubiri canke dutatu tw’ikawa, bivanye n’ubukari bwayo – kugira twirinde kwonona itiro, kumeneka umuwe, iseseme n’umwitwarariko.
… hanyuma inyongera dukuye mu basomyi bacu: ico navanye mu ntambwe zintandatu zo gutekana
na Melissa Hogenboom
Uyu mwaka naraciye mu nzira zose zishigikiwe n’ubumenyi zifasha kugira amagara meza no kubaho neza kurusha, ariko, ntabeshe, nk’abandi benshi muri twebwe, sinama nkorera ku mpanuro ntanga. Maze kurangiza icigwa c’indwi zitandatu ku kuzirikana (uko wiyumva utabiha insiguro canke uticira urubanza) naciye mpagarika kubikora ico cigwa ndagihejeje, n’ubwo nari nize ko n’iminota itanu ku munsi ifise utumaro twinshi mu kwongereza kwitaho no kugabanya kuremerwa mu mutwe, umwitwarariko n’akabonge.
Ariko mu ci riheze, igihe nariko ndakora ubushakashatsi ku ntambwe zitandatu zishigikiwe n’ubumenyi zo kwumva utekanye gusumba, vyaciye biboneka ko naho tuba twumva ko dutekanye kandi tutaremerewe mu mutwe, dushobora gukura akunguko mu myimenyerezo yo kurwanya umwitwarariko – kandi nasanzwe ndiko ndakoresha ivyo nzi mu kuzirikana nize iyo umuzirikanyi wanje uriko urakora cane mw’ijoro.
Akenshi turondera kugira ico dukoze iyo twamaze kuremerwa mu mutwe canke twarengewe – canke iyo umwitarariko uturembeje ni ho twibuka ico twokora, ariko biragaragara ko hari inzira zo kwirinda ko dushika ngaho ubwa mbere na mbere. Mu gihe umwimenyerezo wo kuzirikarana ico uri ntabikora buri munsi, kuba nzi kubikora bituma ntekana kuko nzi ko nzovyikorako hamwe nobikenera.
Imwe muri izo nzira zitandatu zigishwa, imwe mu zo nama nagarutseko, ni akamaro k’ivyaremwe (nature). Birazwi neza ingene kuja ahabona bishobora kugirira akamaro amagara yacu yo mu mutwe, ariko niyo tudashoboye kuva imuhira, ivyigwa vyerekana ko kuryoherwa n’ivyaremwe mu masanamu navyo bishobora kugira ingaruka nziza. Ivyaremwe bifise ingaruka nziza bigira ku muzirikanyi n’umubiri, ariko akenshi ntivyitabwaho nk’inzira yoroshe yo kuguma utekanye, ariho nabonye ko ari igikoresho gikomeye.
Nk’akarorero twumvirije amajwi y’inyoni n’inyamaswa, bishobora kugira ingaruka yo gutekana. Ubundi bushakashatsi bwerekanye ko kuraba nk’ubuzima bw’ibiba mu mazi ku masanamu bigira ico bifashije ku wubiraba. Mu gihe ukuraba ivyaremwe mu mashusho bidategerezwa gusubirira ivyaremwe vy’ukuri, birafasha kumenya ko guha akaruhuko umuzirikanyi wacu n’aho hoba kuraba mu bigereranyo vyavyo bishobora gukora ibitangaza.