Blog, News

Umurwi w’abitwaje ibirwanisho wagandaguye abarenga 50 muri Ituri

Igihugu kimaze imyaka hafi 30 gihanzwe n’indyane zitandukanye, imigumuko n’amatati yo hagati mu kibano. Bivugwa ko abantu barenga imiriyoni 7 bahungiye hagati mu gihugu.

Ituri iri kandi mu buraruko bw’intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y’Epfo, akarere kageramiwe n’intambara zikomeye hagati y’inyeshamba za M23 ONU ivuga ko zifashwa n’u Rwanda – ivyo ruhakana – hamwe n’igisirikare ca reta ya Congo.

Inyeshamba za M23 zimaze kwigarurira uduce tutari duto twuzuye ubutare mu karere k’ubuseruko bwa Congo kuva zisubiriye gutanguza intambara mu mpera za 2021, mu misi iheze hakaba haheruka intambara zikomeye cane.

Inyuma y’imisi itatu habaye inama y’akarere i Dar es Salaam muri Tanzania, aho abategetsi b’ibihugu bigize amashirahamwe EAC na SADC basavye ko intambara zihagarara ata kirinze gusabwa gushika ku wa kane, intambara zarasubiye kwaduka ejo ku wa kabiri, nk’uko amakuru ava mu karere abivuga.