Abigaragambya bashyamiranye na polisi mu murwa mukuru Maputo, nkuko bigaragara kuri iyi foto yo ku wa mbere
Rwanda – Mozambique: Impunzi z’Abanyarwanda zitewe ubwoba n’amasezerano yo guhanahana abaregwa ivyaha, U Rwanda rufasha Mozambique kurwanya intagonda za ki Islam (Prezida Kagame na Nyusi bagendeye ingabo zabo ku rugamba mu 2021)
Abanyarwanda b’impunzi baba muri Mozambique bavuze yuko amasezerano hagati ya Mozambique n’u Rwanda yo guhanahana abafise ivyo bagirizwa “ateye ubwoba”.
Umuvugizi w’izo mpunzi yavuze ko abona ko ayo masezerano azokoreshwa mu guhohotera abatavuga rumwe na leta ya Kigali.
Hari bamwe muri abo batabona ibintu kumwe n’u Rwanda bamaze kugandagurwa muri ico gihugu co mu bumanuko bwa Afrika.
Umwe yishwe arashwe ku murwa mukuru wa Mozambique haraciye imyaka ibiri, uwundi nawe hatorwa ikiziga ciwe kireremba mu kiyaga mu mwaka wa 2020.
U Rwanda rwarungitse inteko z’abasirikare muri Mozambique gufasha kurwanya abarwanyi biyitirira idini rya Islam.