Germain Ndayishimiye amaze gusaba ubuhungiro, Inzego z’Ububirigi ziremeza ko umutegetsi wo mu Burundi yasavye ubuhungiro
Aho naho ngo akaba aca akingirwa n’amategeko mpuzamakungu akingira abasaba ubuhungiro (Convention de Genève) yo mu 1951, avuga ko atawukomakoma uwasavye ubuhungiro yaba igihugu canke uwari we wese, akaba yatubwiye ko ibindi bisobanuro vyobarizwa mu gisata c’abinjira n’abasohoka mu Bubiligi.
Si ubwambere abaje mu ngendo z’igihugu bavuye mu Burundi bahitamwo kuguma mu mahanga. Mu kwezi kw’umunani 2023 imikangara cumi y’umurwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 20 mu mukino wa handball, batorokeye mu gihugu ca Croatia aho bari bagiye mu gikombe c’isi, aho benshi basavye ubuhungiro mu Bubiligi.
Muri abo hiyongerako abamenyeshamakuru babiri ba radiyo na television y’igihugu bari baherekeje umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca mu gihugu c’Ubutaliyano mu kwa kane 2024, bahisemwo nabo nyene kudasasubira inyuma.
Uwundi yahisemwo kutagaruka ni umenyeshamakuru w’ico kinyamakuru ca Leta yari yaherekeje umukuru w’igihugu mu nama nkuru ya ONU muri Leta Zunze Ubumwe za Ameika, nawe nyene yashimye kugumayo.
Ni iki gituma baguma hanze?
Mu gihe imvo zituma umuntu ahitamwo kuguma mu kindi gihugu aho gutahuka iwabo zitandukanye, abihweza utuntu n’utundi bavuga ko igituma hari Abarundi bahunga ubu gitandukanye n’icabituma mu myaka yaheze aho umutekano cari co kintu nyamukuru cabatera guhunga.
Ubu mu Burundi, naho ibibazo vya politike rimwe na rimwe vyigaragaza, muri rusange haratekanye ku buryo imvo y’umutekano itoshirwa imbere kugira umuntu ahunge.
Ababikurikiranira hafi bavuga ko ukuzimba kw’ubuzima, kubura kw’akazi hamwe no gutakaza icizere kuri kazoza ari ibintu nyamukuru biriko biratuma abarundi bamwe muri kino gihe bahitamwo gufata inzira y’amahanga.